Ku ncuro yabo igira kabiri kuri Arena Club, Kiyo Fashion Collective yongeye kwugurura ibikorwa vy’ihayanisha-gurisha vy’imideri ikorerwa mu Burundi kuri uwu wa 25 Mukakaro 2020. Mbere ngo bagiye kwama babikora buri wa gatandatu wa nyuma w’ukwezi.
Kuva igihe c’isaha zine z’igitondo, abanyamideri batandukanye bari bamaze gushira mu bibanza bateguye kuri Arena Club ivyo bihingurira: uri impuzu z’ubwoko butandukanye, inkofero, udushakoshi, n’ibindi vyo gushaza atari impuzu nk’ubudede, ubunyangari, imiringa, ibihete hamwe n’ibindi vyinshi.

Erega n’abakunzi b’imideri ikorerwa i Burundi na bo ntibatanzwe kuhashika. abaza bose bihitiramwo ibihuye n’ivy’umutima wabo ushaka. Clara Ineza, umwigeme yariko arigera hejuru y’impuzu yambaye utudede two mu nda, avuga ko akunda ivyo abarundi bikorera kandi ko aba anashaka gushigikira ibikorwa vy’abanyamideri b’abarundi.
Iryo hayanisha-gurisha rikaba nk’uko bishikirizwa na Arielle Manirakiza ajejwe kumenyesha amakuru muri Kiyo Fashion Collective rifise intumbero yo guhimiriza abarundi n’abarundikazi gukunda, kugura no kwambara ibintu bikorerwa i Burundi kandi bikozwe n’abarundi, hamwe no kugira ahantu abanyamideri bahurira kugira bagurishe ivyo bihingurira. Gushira hamwe abanyabuhinga batandukanye bafise impano zitandukanye kugira bateze imbere ivyo bihingurira mu Burundi bongere baronke aho bashobora kwerekanira no kumenyekanisha ivyo bihingurira.
None Kiyo Fashion Collective ni bande?
Arielle Manirakiza agira ati: « Kiyo Fashion Collective yatanguye itariki 27 Ruheshi, aho batunganya ihayanisha-gurisha ryabo rya mbere. Ikaba igizwe n’abanyabuhinga 7 ari bo: Ariella Manirakiza akora imideri « sous la marque Rugori », Michael Nkindi wo muri Myth Company, Kelly Nahigombeye wo muri GreenChic, Durant Ndayishimiye wo muri Kokoye Cut, Deborah Musoni wo muri Kami Collection, Digne Ininahazwe wo muri Idiben services na Bella Raissa Irakinga wo muri Vera Culture.
Kuva abo banyamideri rero batanguye ibikorwa vy’ihayanisha-gurisha, ngo akarusho ni kanini ntiworaba. Ngo baramaze kubona ko vyatumye bamenyekana cane kandi n’abaguzi b’imideri « Made in Burundi » bariyongereye. Bakanamenyesha kandi ko banuguruje ibutike badandarizamwo ivyo bihingurira iri muri Galerie Kadesh n°5 hampande y’ubuserukizi bwa RDC Mu Burundi.

Abo banyabuhinga rero bakaba banategekanya kuzoza baratunganya ibiganiro vy’ukwungurana ubumenyi ku bijanye n’imideri, kugira bihweze intambamyi bahura, n’uburyo bozitorera umuti. Bakaba banatera akamo abarundi ko, nk’uko bijukira kugura ibikorerwa hanze bonijukira kugura no kwambara ibikorerwa iwabo.




