Ivyigwa vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu IFDC rifadikanije n’ikigo c’igihugu ISABU ku bijanye n’akamaro k’ishwagara, hamwe n’amakarata yerekana urugezo rw’umururazi uri mw’isi ndimwa yakozwe mu myaka ya 2013 na 2021, yerekana ko isi ndimwa y’Uburundi irimwo umururazi ku rugero rw’ibice birenga 70%. Uwo mururazi nawo ukaba utuma ibiterwa bitaronka ivyunyunyu bikenewe gutyo umwimbu ugaca uba mubi.
Ico cigwa n’ayo makarata bikaba vyerekanye ko ishwagara ari umuti ukosora umururazi uri mw’isi ndimwa kandi ikagira uruhara mu kugwiza umwimbu. Ivyo rero akaba ari co gituma abarimyi babwirizwa gushira ishwagara mu mirima yabo.
Ku bw’ivyo ishirahamwe mpuzamakungu IFDC rifadikanije n’abafatanyabikorwa baryo nka Help Channel Burundi na Jacaranda Agro-Industie mu mugambi wo gutanga ishwagara ku barimyi ryaratanguje icese isekeza ryo gushira ishwagara mu mirima no kwigisha abarimyi akamaro n’ubuhinga bwo gushira ishwagara mu matongo yabo. Ivyo bikorwa vyabaye ku magenekerezo ya 16 na 17 Myandagaro 2023, aho vyatanguriye mu makomine ya Songa na Rutovu zo mu ntara ya Bururi hamwe no muri komine Nyabitsinda yo mu ntara ya Ruyigi.
Gloriose Niyubahwe ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Bururi arakenguruka uwo mugambi wa IFDC wo kuronsa abarimyi ishwagara ku buntu. Agira ati : « Ubwa mbere abarimyi ntibari bazi gushira ishwagara mu mirima. Hari abagura ishwagara idakwiye canke iyirenze kandi bakayishiramwo nabi. Ari ko ubu baravyigishwa n’amashirahamwe asanzwe akorana na IFDC, bagashira mu mirima ishwagara bakurikije urugezo rw’ingene isi irimwo umururazi n’uburinganire bw’itongo. »

Muri iryo sekeza ryo gutanguza ibikorwa vyo gushira ishwagara mu mirima, abahinga batandukanye bo mu mashirahamwe akorana na IFDC mu bijanye n’uburimyi bareretse abarimyi uburyo bwiza bwo kumija ishwagara mu mirima. Aho bavuze ko ishwagara inyenyagizwa mu murima kandi igacangwa n’ivu hasigaye ukwezi imbere yo guteragira imbuto, kandi ko urugero rukoreshwa muri uyo mugambi rumara imyaka ibiri atayindi shwagara wongeye mu murima.
Claudette Nduwimana aserukira ishirahamwe Help Channel i Bururi mu mugambi wa IFDC wo gutanga ishwagara, afatiye ku vyigwa vyakozwe n’ishirahamwe IFDC rifadikanije n’ikigo c’igihugu ISABU vyerekanye ko isi y’Uburundi irimwo umururazi ku rugero rw’ibice birenga 70%. Agira ati: « Uwo mururazi utuma ibiterwa bitaronka ingaburo bikeneye gutyo ibiterwa bigaca bigwara n’umwimbu ugaca uba mubi mu gihugu. Rero ivyo vyigwa vyerekanye ko ishwagara ariyo ivura umururazi w’isi ndimwa ari co gituma IFDC yaciye itanguza umugambi w’ibanze wo gutanga ishwagara ku buntu mu barimyi kugira bavure uwo mururazi gutyo umwimbu wiyongere».
Ibishingantahe vyerekana akamaro k’ishwagara
Abenegihugu bamaze gukoresha ishwagara yatanzwe mu mugambi IFDC barashima umwimbu baronse mw’iyimbura riheze. Evariste Ndikumasabo wo ku mutumba Kigabiro yo muri komine Songa mu ntara ya Bururi agira ati : « Tutaratangura gukoresha ishwagara umwimbu twaronka wari muke cane. Ariko kuva aho IFDC ituronkereje ishwagara umwimbu warigwije akarenga incuro zibiri. Umurima nahora ntaronkamwo itoni y’ibiraya kubera ata shwagara yarimwo, mw’iyimbura riheze kubera nari nashizemwo ishwagara nakuyemwo itoni zirenga 2 z’ibiraya. »
Eka na Jean Claude Hakizimana wo ku mutamba Taba muri komine Songa avuga ko mu murima yahora akuramwo ibiro 25 vy’ibiharage imbere yo kwigishwa akamaro ko gukoresha ishwagara, yemeza icese ko amaze gukoresha ishwagara yakuyemwo ibiro birenga 100kg vy’ibiharage kandi yari yahateragiye ibiro 4 gusa.
Simuzeye Rénovat umuyobozi w’uburimyi, Ubworozi n’ibidikikije mu ntara ya Ruyigi amenyesha abarimyi ko ishwagara yonyene itikwije kugira ngo bagwize umwimbu. Yababwiye ati: « Mumaze gushira ishwagara mu mirima, mubwirizwa gushiramwo n’ifumbire kama na mvaruganda i, mutere imbuto zirobanuye, muce imikobeko mu mirima mwongere mutere n’ibiti bibana n’indimo. Nimwabigenza gutyo umwimbu uziyongera ».
Chadrick Habonimana umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Jacaranda rikorana na IFDC mu mugambi wo gutanga ishwagara akaba ashima ko abarimyi bakorana ubu basigaye bijukiye gukosora umururazi uri mu ndimiro zabo kugira bagwize umwimbu. Akaba anatera akamo abarimyi batashikiriwe muri uwo mugambi wa IFDC, ko nyabuna bomenya akamaro k’ishwagara gutyo bakayigurira mu mafaranga yabo bwite. Agira ati : « Ishwagara ntizimvye cane kuko umufuko w’ibiro 50kg ugurwa 5000Fbu ».
Haramaze kuranguka ibitari bike…
Ishirahamwe mpuzamakungu IFDC, rifadikanije n’amashirahamwe bikorana (Tubura, Reseau 2000, Twitezimbere, Adisco, Ucode, Oap, Inades, Help Channel na Jacaranda), riramaze gutanga mu myaka ibiri, hafi amatoni 20000 y’ishwagara igenewe gukosora umururazi w’isi ndimwa. Iyo nayo ikaba yatanzwe mu makomine 38 ari mu ntara 14. Ishwagara itangwa ikaba imara imyaka 2 mw’isi iriko irakosora umururazi nk’uko bivugwa na Déogratias Bizabityo ajejewe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’umugambi w’ishwagara muri IFDC.
Bizabityo akaba amenyesha ko ishwagara bagiye barayitanga cane cane mu kwezi kwa Myandagaro muri iyi myaka ibiri y’irima ya 2023 A na 2024 A, aho mbere imirima shure ishika 288 yategekanijwe kugira baze barigishirizako abenegihugu akamaro ko gukoresha ishwagara.
Mu kwitegurira iyi suka, Ishirahamwe mpuzamakungu IFDC rikaba rimaze kuronsa ishwagara ku buntu ingo zirenga 30870 kandi rikaba ritegekanya gukosora umururazi w’isi ndimwa uri ku buringanire burenga amahegitari 5500 mu turere uwo mugambi urangurirwamwo. Déogratias Bizabityo ati : « Uyu mugambi wa IFDC wo gutanga ishwagara ku buntu, waje gushigikira umugambi wa Reta y’Uburundi wo kuronsa ifumbire abarimyi ku kabeyi katavuna kugira ngo bagwize umwimbu mu gihugu. »




