Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Ingene uburobe butegurwa

Abantu benshi bakunze kubona uburobe bukubiye mu mutoto ariko ntibazi ngo butegurwa gute. Bavuga ko ata co bwungura mu mubiri, ariko bukama bwarenze ururinga. Mu minsi mikuru ho n’ibindi. None ivyo bibuvugwa ko ni vyo ? Ico bikoze co ngo buboneka habaye ukwiyuha icuya bigakomera…

Uwatsitaye akanyama canke utudagara, agakeke n’utundi tuboga turyoshe, na cane cane abari mu karere k’imbo bagiye gusuma ibirungo bategerezwa kwibangikanya n’udufaranga tw’akantu gashishiriye. « Mpa mpereza akabamo ntuze ndihuta». Iryo ni  ryo jambo rizokurangira aho ububamo budandarizwa.

 None woba uzi ingene akarobe gategurwa?

Inyuma yo gusoroma imyumbati, igatonorwa, barayihimbagura, bakayinika kuva ku minsi itatu gushika ku ndwi (aho ni mu gihe iyo myumbati irura cane). Iyihoze yinikwa iminsi itatu, canke ine. Ariko rero  nubwo biri uko, ngo uguma hafi uko iminsi ibiri irangiye uza usimba uyiropora kugira usese amazi ya mbere yarimwo umururazi, ugaheza ukongera mwo mashasha. Igikorwa kiba kikibandanya.  Ya minsi imaze gukwira, ngo iranurwa yose. Aho rero haba hageze ko itekwa kugira ngo mu gihe c’isekurwa ryayo  ibe yamaze kworoha neza, yimirije gushika ku ntambwe ya nyuma yo gujingurwa ngo ivemwo umutsima ukwiriye kurondererwa akaboga.

Niyogusenga Joselyne ari na we atanga ayo makuru, yongera ko ati :« Tubaye tugihezeze kubutsumba tsanke kubutsutsuma turaheza tukabuhakurira  ku mitoto y’ibitoke ibabuye  tukabuzingazingira mwo maze tukabupangapanga mu migwi twisunze ibiciro dushaka kubutanga ko».

Mbega ni bande bakora ico gikorwa ?

Estella Iradukunda aba i Nyanza-Lac, agakora n’ubwo bubamo agira ati : « Ku mvo z’uko ari igikorwa gisaba umwete no kwama umuntu ari  hafi, bikunze gukorwa n’abigeme canke abagore. Erega utagiye urabikurikiranira hafi wosanga vyononekaye.  Ntuzi ko abagabo kenshi baba bibereye mu kabare canke bafashe ingendo za kure bagataha bateba ? Kira noneho  si n’abagabo bose bopfukama babucumba kuko kenshi tubucumbira mu bwato, dupfukamye, aho ni ho ducumba bwinshi gusumba mw’isekuro».

Muri iyo mfungurwa hoba harimwo akamaro akahe?

Ntiyanogeye Athanase, umuhinga yanonosoye ivyigwa vy’ugufungura neza, agira ati: « Bivanye n’uko imyumbati bayimaza iminsi mu mazi yinitse, umugwi w’ingaburo ntanganguvu uravamwo ukisigarira muri ya mazi. Ni co gituma abenshi bavuga ko ata kintu na kimwe c’akamaro mu mubiri w’umuntu kiba kiri mwo.  Ariko burya akamaro kari mwo nubwo kadashemeye ».

 Athanase avuga ko uwo mutsima uhabwa agaciro n’imboga bijana nk’irengarenga, ibiharage, akanyama, n’ibindi kuko arizo zica zizana akamaro mu mubiri, na zo zikaba ziri muyindi migwi y’imfungurwa ». Uwo muhinga avuga kandi ko ku muntu afise ingwara y’igisukari atorya iyo mfungurwa kenshi kuko hari mwo «amidon» nyinshi. Akarangiza ahanura ko n’imiburiburi bimwankiye atorenza nka kabiri mw’iyinga. Na yo ababikora bagahamagarirwa kwitwararika isuku na ntaryo mu gihe bategura uwo mutsima.

Sabikanya kuri
2 Comments

2 Comments

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top