Inyuma y’aho inkombe z’uruzi Rusizi zirengerewe biturutse ku mvura idasanzwe yaguye maze rwiyarira mu mazu y’abantu amashure n’insengero bikarengerwa, Georges Nzeyimana umuyobozi w’indero muri komine Mutimbuzi amenyesha ko ku bigo vy’amashure 14 vyakubiswe n’ico gihuhusi, 4 (Mushasha I, Mushasha II, Warubindo, LC Kinyinya) ari vyo bitariko birakora kuko vyasinzikaye cane. Bose hamwe muri iyo komine, abanyeshure bababa 9.000 harimwo abigeme 4.264 barahatakarije ibikoresho vy’ishure.
Nk’uko vyerekanwa mu cegeranyo cakozwe n’ubwo buyobozi bw’indero muri iyo komine, abanyeshure 3.548 harimwo abigeme 1.664 ni bo bahora biga muri ayo mashure 4 yugaye gushika ubu. Georges Nzeyimana, agira ati : « Si icoroshe na mba gutororokanya ivyahononekariye kimwe ku kindi kuko usivye ibikoresho abigisha bataba muri ako gace bari batashe batahanye, ibindi vyose vyaramizwe n’amazi. Twari dusanzwe dufise n’ubukene bw’intebe ubu ho ni ibindi, ibitabu vy’abanyeshure, ivy’abigisha vyari vyasigaye mu mashure, amakaye nta na kimwe cokowe».
None abo banyeshure gushika ubu bari he?
Bamwe babaye barabasabira aho baba barigira ku bindi bigo, abandi baracari mu mihana iwabo. Georges Nzeyimana agira ati : « Abari biga kuri arya mashure yasinzikaye cane bamwebamwe twaciye tuba turayasabira aho baba barigira, inyuma y’umutaga, ariko rero si yose kuko nka Mushasha II ntiratangura ariko Warubondo baramaze kuronka aho bigira naho nyene batanguye itariki 11/5/2020. Mushasha I higa Cycle 4 ni bo batanguye kwiga mugabo izindi « cycles» zitatu za mbere ntiziratangura».
Nayo abanyeshure bahora biga ku Mushasha, bamenyesha ko bafise ikibazo c’uko ata makaye, amakaramu eka ata n’imyambaro y’ishure bafise kuko iyo bambara yafuriwe n’amazi, ntibaronka akaryo ko kunyaga amagara n’ivyabo. Ariko rero ngo bafise inyota idasanzwe yo gusubira gukurikirana ivyigwa ubona ko umwaka w’ishure wariko wegereza kurangira.
Abiga kuri Kinyinya ya II na bo bati : « Naho tuzosubira mw’ishure, dufise ubwoba ko bitazotworohera gukurikira ivyigwa n’inzara mu nda. Nyabuna Reta hamwe n’abagiraneza boturonsa utwo gufungura kuko n’ubundi kwigana umukanda mu nda bigoye cane. Hari aho dufungura rimwe gusa ku munsi ahandi tugatubika uwa vubi. Iyo baba abandi bodusabiye ibibanza nko mu mashure afise uburaro».
Georges Nzeyimana, agasaba ko abogira ico bafasha bogarukira kuri ayo mashure kuko hari ubukene budasanzwe bw’intebe z’abanyeshure, ibikoresho vyo gukarabiramwo, ibitabu vy’abanyeshure, utuzu tw’ubwiherero bisabwa ko dusubirwamwo, gupompa ibibanza vyashikiriwe n’imyanda, indobo ziriko amarobine n’ibindi.




