Umugabo nawe nyene arakwiye kugira uruhara ruboneka mu mugambi wo gutandukanya imvyaro mu muryango kugira afashe igihugu kugabanya igwirirana ry’abantu riri ku muvuduko munini mu Burundi. Si igikorwa c’umugore gusa, oya, n’umugabo biramuraba.
Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza akaba arongoye ishirahamwe M.A.A Vyaruheke, afatiye ku biharuro vyasohowe na ISTEEBU avuga ko Uburundi bushobora kuzoba bufise abantu bari hagati y’imiriyoni 18 na 22 mu mwaka wa 2050. Akamenyesha ko iryo gwirirana ry’abantu rishobora kugira ingaruka mbi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu nko mu gisata c’indero. Akabona ko hakenewe ko hajaho poritike y’igihugu ijanye n’irwirirana ry’abantu, kandi n’abagabo bakabigiramwo uruhara.
Augustin Harushimana avuga ko kugira uwo murindi w’iyongerekana ry’abantu ugabanuke, hakenewe uruhara ruboneka rw’umugabo mu mugambi wo gutandukanya imvyaro. Agira ati: «Ugutandukanya imvyaro si igikogwa c’umukenyezi gusa,n’umugabo biramuraba. Ariko ndatangazwa n’ukuntu umugabo agira uruhara mu kuresha no gushinga urugo hagera mu mugambi wo gutandukanya ivyaro mu muryango akigira sindabibazwa. Umugore akaba ariwe yijana kwa muganga, mbere ugasanga hari n’abaza binyegeje kubera abagabo bababujije. Birababaje ».
Ibituma abagabo batitabira umugambi wo gutandukanya imvyaro
Igice kinini c’abagabo bazi ibitari vyo ku bijanye no kuvyara ku rugero kuko basanzwe batanitura amavuriro. Niyonkuru ni umugabo w’abana batanu. Uyu, gutandukanya imvyaro avuga ko ari igikorwa c’umugore gusa naho nyene mu gihe avyishakiye. Azi ko umugabo afise ibanga ryo kuvyara hama akagwana no kurondera ibitunga umuryango. Agira ati: « Abana ni umugisha, kandi hari igihe bakugoboka ugeze mu zabukuru. Noneho naranumvise ko iyo umukenyezi agiye ku buryo, hari igihe bimugirira ingaruka mbi, ugasanga bimuviriyemwo kwama ariko arasesagura itunga ry’umuryango aja kwivuza, mbere hari n’abavuga ko uburyo bumwebumwe bwoba bunatera ubugumba. Kira noneho no mu mashengero hari ayahimiriza kuvyara gushika abana baheze mu nda ».
Nawe Bararunyeretse umugabo w’abana batatu, avuga ko, gutandukanya imvyaro bitaraba abagabo kuko n’uburyo bukoreshwa ata bw’abagabo buhari. Agira ati: «Abagabo bavuga ko hari uburyo bubiri gusa bwabo. Ubwo na bwo ni agafuko k’abagabo hamwe no kwipfungisha burundu. None ubwo buryo hari umugabo yobuhitamwo ku mugore yakoye akazana mu rugo ngo babane? Canke burya woreka kuguma uvyara nko mu gihe woba uguma uvyara abakobwa gusa? Agatwengo…».
Mu vy’ukuri abagabo basabwa iki ?
Augustin Harushimana avuga ko, kubera umugabo ari inkingi y’urugo ategerezwa gufasha no mu mugambi wo gutandukanya imvyaro ari kumwe n’umugore, bose bakijukira kuja kwa muganga kugira ngo baronkere impanuro hamwe. Izo mpanuro baronkeye hamwe bakazifata nka nkama, mbere bakaja baribukanya umwanya wo gufata uburyo bihitiyemwo canke isango yo gusubirirako kwa muganga. Abagabo ni kirumara mu gutandukanya imvyaro kuko iyo umugore ariwe yijana ku buryo yanduruka adebukirwa akabiheba kuko aba atagira kiremesha.
Harushimana anavuga ko iyo urugo ruja inama, umugabo ashobora no guhitamwo gukoresha agafuko k’abagabo mu gutandukanya imvyaro, eka mbere no mu gihe bamaze kuvyara benshi ngo arashobora no kwipfungisha burundu. Agahanura abagabo bafise amakuru atariyo ku bijanye no gutandukanya imvyaro, ko bokwitura amavuriro bagatunganizwa. Na yo abarongoye amashengero babuza gutandukanya imvyaro, abahamagarira kwikubita agashi kuko ata terambere ryoshoboka mu gihe mungo hari intahekana.
Mwomenya rero ko uburyo bwo gutandukanya imvyaro mu Burundi butangwa kwa muganga ari agafuko k’abagabo n’akabagore, ibinini,urushinge, akagegene, akanyuzi, uburyo bwihuta bw’ibinini bakunda guha nk’abafashwe ku nguvu, hamwe n’uburyo bwo kwipfungisha burundu haba ku mugore canke ku mugabo.




