Kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa kane kw’igenekerezo ryo ku wa 18 mukakaro, gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, hadutse umuriro mw’ishamba rya Ruvubu aho amahegitari 50 arenga yatokombeye. Abanyagihugu ngo barakoze uko bashoboye bubakerako ariko ngo bashirwa bawujimije. Ni mu gihe mw’ishamba rikingiwe rya Ryanda riri mu makomine ya Vyanda na Rumonge hari haraye hahiye amahegitari 10 arenga.
Bakundintwari Marc, ni umukuru w’abacungera iyo Parake ya Ruvubu. Amenyesha ko hari mu masaha icumi y’umugoroba aho uwo muriro waduka, bagerageza kuzimya kuva iyo saha ariko uranka urazako gushika isaha icumi n’imwe z’agatondo ko kuri uwu wa gatanu kw’igenekerezo rya 19 mukakaro. Aho uwo muriro wadutse ngo ni mu ntara ya Muyinga, muri komine Buhinyuza mu gace ka Gicayi na Rubuye mw’ishamba rya cimeza rya Ruvubu. Ngo amatohoza aracakorwa kugira ngo abahaturiye bashobore kumenyekana, n’ubwo nyene abikekwa batabuze.
Abo bikekwa ni ba nde?
Nk’uko uwo mukuru w’ishamba cimeza rya Ruvubu abivuga, ngo iryo shamba ukunda gusanga riturirwa n’abahigi, abarovyi, eka n’abafise imirima yegereye iryo shamba ngo ntawobashira amazinda kuko ngo vyama bishika bakikika mu kiza bakahadomeka bashaka nk’ugutarira kugira ngo umuriro bishitse ukaduka ntuze uhave ujaniranya n’imirima yabo. Ngo n’aborozi canecane abo ku ruhande rwa Cankuzo baba bashaka aho bazokura ubwatsi butoshe imvura itasuye.
Ko biri uko hoba hariko hakorwa iki ?
Uwo Bakundintwari amenyesha ko baticaye. Ngo baheruka vuba kugirisha inama abanyagihugi bose basanzwe bakorera ibikorwa vyabo hafi y’iryo shamba baba abafitiye indimiro hafi y’iryo shamba, aborozi, abarovyi eka n’abahigi. Iyo nama ikaba yari iyo kubibutsa akamaro k’ibidukikije, ngo banababwira babihanikiriza ko uwuzofatwa azohanwa hakurikijwe amategeko. Ikigo OBPE ngo kikaba arico cari catunganije iyo nama mu ntumbero yo gukinga hakiri kare,kuko iyo hageze mu ci imiriro yama yadutse nk’igihe cose.
N’aho biri uko, ikibazo c’uko umuriro wama wadutse muri iryo shamba cimeza ryo ku Ruvubu ngo kigiye kuva munzira kuko ngo hari umugambi wo gushiraho uruzitiro, aho atawuzosubira kurivogera canke kuryegereza isuka. Nk’uko itegeko ryo gukinga impanuka ku mashamba bene ayo ribivuga, ngo hagiye kuzoshirwa urubibe ntarengwa ku metero igihumbi uvuye kuri iryo shamba, uwo mugambi na wo ukaba uzoba ushigikiwe n’ibanki nkuru y’isi yose.
Mu kurindira ko urwo ruzitiro rushirwaho, umukuru w’ishamba ryo ku Ruvubu afadikanije n’abajejwe intwaro, ngo bagiye kubandanya baha inyigisho abanyagihugu begereye iryo shamba kugira ngo abarundi ntibazohave bisamburirako mu guhonya ubutunzi bw’igihugu ari bwo bikoko biri muri iryo shamba, abarundi bakazohahombera, ubona ko ngo ari ryo shamba risigayemwo ibikoko binini binini mu Burundi.




