Kuva akimenya ko yasamye, umukenyezi w’aho hambere hahise yariyubara cane, ntangere y’igihe yumvise inda itanguye gukina. Hari imiziro itari mike yabwirizwa kwubahiriza gushika yibarutse agaheza agakezwa, bati : « kira Rusizi », impundu zigasamirana. Nguku uko vyagenda.
Carazira kikaziririzwa ko bene uwo munarugo aca ahari iyogi ririmwo umwungu waboze, ngo umwana yohavuye amuboreramwo.
Nta gakoko na kamwe yari yemerewe kwica kuko yobaye ariko akwegera umwana wiwe urupfu.
Ntiyari yemerewe kuraba igikoko gifise isura iteye ubwoba nk’imafu, inkende kuko atobuze guca avyara umwana asa na co. N’umuntu amugaye, amubonye vyasabwa ko ahindukira akaraba hirya kandi ntakamutwenge kuko avyubahutse ngo atobuze kumuvyara ( nk’uko vyari mu myizerere yabo), n’ibindi.
Kuva umukenyezi acibungenga, carazira kikaziririzwa ko ajabuka umwonga. Imvo, kwari ukumurinda ko yohava ahurirayo n’ibihume canke ngo agire ingorane canke isanganya ariko arajabuka.
Carazira ko uwo mukenyezi aca aho inyoni yaritse kuko amagi amenetse, yomuhumiye na we inda atwaye igakoroka
Carazira ko afasha kwimba ikinogo c’uwahwereye kuko yobaye ariko arisema, asema n’uwuri muri we gutyo akaba yiyimbiye.
Carazira ko arya umuhanyu w’igitoke w’ikimane canke ngo akore ku kimane c’igishishi c’ishaka, ic’ikigori kuko yohavuye avyara amahasa (mu gihe ico gihe amahasa bayafata nk’imburizi y’amagorwa mu muryango)
Ntiyociye ku nzira ngo abone inzoka iharyamye ihumirije, ngo arengane itarakanura kuko yohavuye avyara umwana ahumye amaso…
Icumu ry’umugabo rafyukira mu cumba umugore ari kuvyariramwo kugira amenye ko bari kumwe
Nk’uko vyerekanwa na Dogiteri Sylvestre Barancira, mu gitabu ciwe yise « Possession par les esprits, 1990 », igihe co kwibaruka kigeze, abakenyezi bonyene ni bo bari bemerewe kwegera mu cumba kirimwo uwuriko aribaruka. Umugabo w’uwo mukenyezi na we nyene ntiyemererwa kucinjiramwo ariko yaguma hafi y’ico cumba maze mu kwerekana ko ari ho ari kandi atamutereranye urugamba, agaheza agacisha umutwe w’icumu mu mwenge ufyukira muri ico cumba.
Umwana ashitse, impundu yarasamirana, umwakirizi agaheza akagabira uruzogi nayo ingovyi bakayihamba ahantu kugira ngo ntizotwarwe n’abarozi. Aho hantu hashinguwe iyo mpetso baca bahatera igiti ari co bita ikigabiro.
Incuti n’abagenzi baraza ku muhana w’uwibarutse, umuvyeyi agakezwa bishemeye na we akaza arikiriza ati :« Twese ». Ngaya amwe mu majambo yakoreshwa mw’ico gihe : “Kira mama-seha uzana-kamwe kamwe-katagusema-ntigaseme so-kira Rusizi-warujabutse-simba imanga-Tera impundu-Urarusimvye-Kira amenyo y’abasetsi …’’
Ayo majambo yari afise ico asigura
Bavuze ngo seha uzana, baba bipfuriza uwo muvyeyi kugira uruvyaro rwinshi ubona ko babifata nk’umugisha, itunga n’icirato ku muryango.
Bavuga ngo kamwe kamwe, kuko ngo avyaye amahasa yobaye akweze umuvumo mu muryango.
Erneste Nahimana yakurikiranye ivy’imico n’akaranga asigura ko bavuze ngo ‘’Simba imanga Imana icane’’, iyo manga baba bavuga ni urupfu, kuko iyo hageze kwibaruka umuvyeyi aba ari hagati y’urupfu n’ubuzima. ‘’kira Rusizi ntirugusize, kira Mpanda ntiruguhande wazijabutse’’ : izo nzuzi ngo zari ziteye ubwoba ku buryo atari uwo ari we wese yashobora kuzijabuka. N’umuntu yibungenze rero yamana ubwoba ko ashobora guhitanwa n’inda.
Dogiteri Sylvestre na we ati iyo mvugo mberanya bayikoresha kandi bagomba kwerekana ko umuvyeyi asimvye ikinogo kirekire gitandukanya umukenyezi ataribaruka n’umuvyeyi yashikanye ikibondo akacereka Uburundi, ubona ko umukenyezi yahabwa agaciro yaba ari uwumaze kwibaruka mu gihe uwo wundi yakumirwa ngo yaje guhonya umuryango.




