Kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu uko umwaka utashe, harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe ukugwanya ubukene mu bantu batishoboye. Uwo munsi ukaba washitse mu gihe hitegurirwa guhimbazwa ku wa 20 Munyonyo imyaka 30 izoba iheze habayeho amasezerano mpuzamakungu yubahiriza agateka k’umwana.

Ishirahamwe « Haguruka bakenyezi ba Kajaga II » bakoranye n’ishirahamwe ryishinze kugwanya ubukene mu bantu ba ntahonikora « ATD Quart Monde » yifadikanije n’abana kuri uwu wa 20 gitugutu mu guhimbaza uwo munsi.
Nkuko bishikirizwa na Consolate Nsabiyumva arongoye ishirahamwe « Haguruka bakenyezi ba Kajaga II », ngo gufungura, kujanwa kw’ishure, kuvuzwa, kwambara, kugirirwa igishika n’abavyeyi, kuryama ahantu heza, kuba mu muryango yishimira … biri mu vyo umwana akenera mu gateka kiwe.
Rero ngo iyo imiryango ikenye, itagira amikoro akwiye, n’abana ntibaheza bitwararikwe neza. Ngo ni hamwe haca hatangura kwibonekeza abana bo mw’ibarabara, abagwara bakabura ingene bivuza, abatagira gihanura, abatiga canke batambara agahuzu keza, …
Kugwanya ubukene bisaba gukora ugatama
Consolate avuga ko kugwanya ubukene atari ikintu kiba mu munsi umwe, ahubwo bisaba inyigisho n’ihimiriza rikomeye cane. Agira ati: « Iyo umuntu yiyizi ko yoba ari umukene ruhebwa, arikumira we nyene ubwiwe, akumva umenga nta jambo afise mu bandi. Eka mbere n’abandi baramunena iyo babona asa nabi n’abana bamukomokako bagaca bakura bameze nk’ibicibwa mu bandi gutyo bagahonyangirwa agateka ko kwishira n’ukwizana mu runganwe. Ku bw’ivyo turagerageza kurondera abakene bo hasi cane iyo bari. Hamyuma turatangura kubigisha kuja mu dushirahamwe two kuziganya no kuguranana bakanduruka bigiraho ibikorwa vyo kwiteza imbere no kwitwararika abana bavyaye ».
Ibikorwa vyo kugwanya ubukene rero ngo ntibiraba abakuze gusa. Déogratias Kankela aserukira « ATD Quart Monde » mu gihugu kibanyi ca Kongo, avuga ko n’abana bibaraba. Ni co gituma ngo mu vyo bakora bigisha abana kuva bakiri bato kugiriranirana urukundo hagati yabo kugira bakurane umutima wo gufashanya haba kw’ishuri canke mu kibano, kwirinda gusuzugurana no gukumirana, gukunda ibikorwa, kwirinda agatima ko gusabiririza n’ibindi.
Ivyo rero bikaba bikengurukwa na Tony Prince Ishimwe umwe mu bana bigishwa n’iryo shirahamwe. Akavuga ko indero bahabwa yahinduye benshi mbere muri bo basigaye banakundana, uwugize ico akenera kuri mugenziwe akimufasha ata kangonongono.
« ATD Quart Monde » rikaba rihuje imigambi n’ishirahamwe « Haguruka ba kenyezi ba Kajaga II ». Iyo nayo akaba ari kugwanya ubukene, gukundisha abana ishure, guteza imbere ubutunzi mu bantu, kwubahiriza agateka ka zina muntu hamwe no gukingira ibidukikije, …
« ATD Quart Monde » ni iki ?
Déogratias Kankela ati : « ATD Quart Monde ni ishirahamwe mpuzamakungu rihurikiyemwo abantu bose abagore n’abagabo. Rifise ihangiro ryo gukorana n’abasanzwe bari mu bukene bukabije kugira bigire hamwe uburyo bwo kubugwanya. Muri ryo, umuntu wese ahamagarirwa kugira umwiyemezo wo guhindura ivyiyumviro vyiwe n’ivy’ikibano abamwo. Rero, ryatanguriye mu buraruko bw’Ubufaransa mu 1957 rishinzwe na Joseph Wresinki ». Anamenyesha kandi ko ubu rigeze mu bihugu 30 vya Afirika, mu buraruko no mu bumanuko bwa Amerika, Aziya, i Buraya no muri « Océan Indien ».




