Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Mu Kibenga, vuba amazu arasoma nturi mu kiyaga Tanganyika

©Jimbere ǀ Amazi y’ikiyaga Tanganyika mu mushinge w’inzu

Imishinge y’impangu za bamwe mu baba muri karitiye kibenga rural zibaditse ku nkombe y’ikiyaga Tanganyika kandi n’ izindi zibandanya zihaduzwa. Naho biri ukwo, mu buyobozi bujejwe ivyo gutunganya igisagara ndetse n’abajejwe ibidukikije basaba ko iyo ngendo yohagarara, atari uko ngo abariko barubaka mu bibanza biri munsi y’imetero 150, n’agasho bazokarya.

Ni muri komine Muha, zone Kinindo neza na neza muri karitiye kibenga ‘rural’, utera uja mu kabondo, ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika. Imishinge y’amazu iteye mu kiyaga, bamwe mbere amazi akaba yaramaze no kubinjirana mu mpangu nayo urufunzo ku mbuga ni nka twa twatsi twa gazo. Harajega. Ariko bamwe bibereye mu nzu yo hejuru, nta mpungenge, barahamenyereye.

Anne Marie Butoyi, umupfakazi asanzwe afise urupangu aho hantu agira ati: « Jewe aha hantu ndahamaze igihe kingana n’imyaka indwi, kandi amazi araza akisuka ku rupangu hanyuma agasubira inyuma, ntangorane mbona binteye ».  Naho biri uko ngo ubwa mbere amazi y’ikiyaga Tanganyika ntiyashikira inzu yiwe ariko ngo uko iminsi yahera, ni ko yegereza aho inzu yiwe yubatse.

Richard Makenze we ngo n’aho ahaba hamutera amakenga, ariko ngo ntakwo ari bubigenze. Agira ati:«Amazi aduga tuyaraba ariko twahubatse ataradushikira. Bamwe twipfuza kwimuka tukahava ariko ntivyoroshe kwirundurira parasera i Bujumbura kuko n’udufaranga twari dufise twaduhereje aha nyene, biragoye ».  Agasaba ko ababijejwe boraba ico bokora ari nk’ukwubaka impome amazi aza arisukako ntabashikire ahandi ho ngo barageramiwe.

Ingaruka ku binyabuzima biba mu mazi…

Nk’uko Nifasha Abain asanzwe aba aho mu Kibenga abimenyesha, ngo abanyagihugu benshi baba ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika ngo ntibagorwa n’aho basuka imicafu. Ngo bikinga akajoro kuko ico kiyaga giheza kikayibakuriraho vyoroshe kandi kikanayegeza kure. Imvubu zo ku murango ngo zirigwa zitemberera hagati y’amazu n’utwana twazo, bwagoroba zigaheza zigashoka mu mazi nk’uko Butoyi yabimenyesheje.

Epymerie Nibizi akora mu buyobozi bw’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, agira ati: « Burya ifi zita amagi ku nkengera y’amazi. Iyo bishitse rero abantu bakegereza amazu ku kiyaga, hejuru y’uko na bo nyene baba bariko bariyimbira, baba bariko baragirira nabi ivyo binyabuzima kuko bidaheza ngo bironke aho birondokera bigateba bigahona. Ushize umucafu ku nkengera y’ikiyaga, rero za fi zirayifungura mu nyuma zikiherezwa n’abanyagihugu, bakaba bihereje ya micafu ». Amenyesha kandi ko n’imvubu zidaheza ngo zironke aho zirisha gutyo zikarushirizaho kumererwa nabi. Eka hari n’aho mbere ngo usanga ayo mazi nyene bahindukira bakayanywa gutyo bakama bagwaragurika.

Impangu zibandanya kudugirizwa mu mazi

Amategeko avuga iki?

Melance Nimfasha ni umuyobozi akorera mu bushikiranganji bujejwe ivyo gutunganya igisagara. Uwo amenyesha ko ata muntu n’umwe yemerewe kwubaka mu kibanza kiri musi y’imetero 150 uva ku kiyaga Tanganyika nk’uko amategeko abivuga. Ariko kubera usanga abantu bitwaza ko aho bubaka ari ku matongo barazwe na ba se na ba sekuru, ngo n’aho ubabuza baremera bakarara barubaka mw’ijoro. Melance akamenyesha ko atari azi ko aho mu Kibenga rural utera uja mu kabondo babandanije bubaka begereza ikiyaga Tanganyika, ariko ngo bagiye kuzohishikira barabe hanyuma ico kibazo cigweko n’ubushikiranganji.

Nayo umuyobozi Epymerie, amenyesha ko hagiye gufatwa ingingo ruhasha ku banyagihugu bigize ba sindabibazwa. Ngo bazocibwa amande atubutse bateko bapfungwe nk’uko biri mu mategeko mashasha yimirije kwemezwa. Ni inyuma y’inama nyinshi abo banyagihugu baze kugirishwa babuzwa kwegereza amazu ku kiyaga bakica amatwi. Ivyo na vyo biri ukwo kubera abahora bafatwa bacibwa amande y’ibihumbi ijana, umugwizatunga yariboshe akabona ko utwo dufaranga ataco tumubwiye akayariha bukeye agaca abandanya yidugiriza inzu yiwe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top