Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Kahise : ivyaranze ingoma y’umwami Ntare Rugamba (1796-1852)

Umwami Ntare Rugamba ni umwe mu bami bakomeye b’intibagiranwa muri kahise k’igihucu c’Uburundi. Yashitse ku ngoma mu mpera z’ikinjana ca 18, Ntare Rugamba batazira Rutaganzwa kubera ubutwari yari afise ni we yaguye agwiza Uburundi incuro 2 atako ashinga imbibe zerekana aho igihugu kigarukira  abicishije mu bitero yaza aragaba ku bundi bwami bihereranye.

 Nk’uko biri mu cigwa cakozwe na Emile Mworoha mu bijanye no kubungabunga inganzo z’abami ziri muri komine Muruta, intara ya Kayanza (Etude de la mise en valeur Culturelle, Historique et Touristique des Tombeaux Royaux du Burundi en commune Muruta, province Kayanza en 2014), uyo mwami yari uwudasanzwe koko.

Kubera ibirundo vy’imivyimba y’abanyarwanda bahasize amabwena, hitwa mu Kirundo

Uwo mwami yarigaruriye Ubugesera, intwaro ya cami yatwarwa n’Abahondogo bwari mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi bw’ubu. Ubwami bw’i Bugesera bwagabuwe n’umwami Ntare Rugamba hamwe na Mibambwe Sentabyo, umwami w’Urwanda. Imbibe zigabura Urwanda n’Uburundi zashinzwe ku biyaga Cohoho na Rweru. Rugamba ni we yihagiye Kibamba, umurwa mukuru w’Ubugesera atuma Nsoro Nyabarega ahungira mw’izinga ritoya ry’ikiyaga Cohoha. Iyindi ndwano yerekanye ubutwari bwa Ntare Rugamba, ni ingwano yahuje uyu mwami w’Uburundi n’uw’Urwanda Yuhi Gahindiro aho yariko aragerageza kwongera kwigarurira igice ca Bugesera kiri mu Burundi. Bivanye n’ingene abarundi bari bahagaze neza ku misozi ya Shinge na Rugero, abagwanyi b’Uburwanda barahoneye mu Kirundo. Kubera ibirundo vy’imivyimba y’abanyarwanda yari iharundarunze, aho hantu haciye hahindura izina hitwa mu Kirundo  kugeze n’ubu.

Ubuyogoma bwomekwa ku Burundi kubera umuganwakazi Jururyakugwa yasa n’irirenga

Buyogama n’Imbo ni uburere bundi bubibiri bwigaruriwe n’umwami Ntare Rugamba bwomekwa ku Burundi. Ivyo rero biri ukwo mu gihe Buyogoma yari iri mu bwami bw’i Buyungu bwatwarwa na Ruhaga, bukaba bwari mu buraruko bw’Ubuha. Icatumye Buyogoma yomekwa ku Burundi, kahise kavuga ko, Ntare Rugamba yoba yipfuje kwabira umuganwakazi yasa n’irirenga, Jururyakugwa. Umukobwa w’umwami w’i Buyungu. Ariko Ruhaga umwami w’i Buyungu aca amurungikira uwundi mukobwa atari Jururyakugwa. Niho Ntare Rugamba yaca atera Ubuyogoma akabwomeka ku Burundi n’imiryango y’abatutsi, abakundo n’abashoka bari benshi muri ako karere baca biyunga n’umwami mushasha. N’igitero co kwigarurira akarere k’Imbo kiri mu vyerekanye ubutwari bw’umwami Ntare Rugamba.

Umupfumu Ndwano ya Runyota rwa Nyamigogo, iturufu ya Ntare Rugamba

Igitero ca nyuma Ntare Rugamba yagize cari ico kwomeka Ubugufi ku buraruko bw’Uburundi. Mwomenya rero ko ivyo bitero vyose yagira, Ntare Rugamba yabishobozwa n’abasoda biwe bari bakomeye cane bitwa Abatezi hamwe n’umupfumu w’igihangange atanazokwibagiranwa mu barundi yitwa Ndwano ya Runyota rwa Nyamigogo.

Ashaje kandi agwaye indwara y’ibinyoro, Ntare Rugamba yasandabiye i Mugera mu 1852. Ingogo (ikiziga) yiwe ica ijanwa ku Nkiko i Mugamba hama aca ashingurwa i Muganza mu Kayanza aho inganzo yiwe yarindwa n’Abanyange.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top