Ibibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amavuriro, ibitaro, amashure, ibibuga vy’inkino, ibiro, amasengero, amahoteri, amasoko, uburiro, n’ubunywero, … bibwirizwa gutegekanya ibibanza vyo gukarabiramwo n’amazi meza n’isabuni canke amazi arimwo imiti yica imigera « chlore» nk’uburyo bumwe buhambaye bwo gukinga Coronavirus.
Vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kugwanya Sida Thaddée Ndikumana aho kuri uno wa 12 ntwarante 2020 yahaye ikiganiro abanyamakuru ku biriko birakorwa mu ntumbero yo gukinga ikiza ca coronavirus.
Muribuka ko mu bikorwa vyo gukinga coronavirus mu Burundi, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwari bwafashe ingingo yuko abantu bava mu bihugu bimaze kuvugwamwo uwo mugera bashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye baca burizwa imiduga bakajanwa mu kibanza cabigenewe kugira bakurikiranwe ko atawushobora kugaragaza ibimenyetso vy’uwo mugera mu kiringo c’iminsi 14.
Ubu rero ntibikiri ivyo bihugu gusa, umushikiranganji Thaddée Ndikumana avuga ko kubera hari abantu bava muri ivyo bihugu bivugwamwo uwo mugera barinda guca mu bihugu uwo mugera utaribonekezamwo, kugira bashike mu Burundi, hafashwe ingingo yuko abantu bose bavuye mu bihugu vyunze ubumwe vya Buraya canke binjiye mu Burundi, hari haheze iminsi 14 baragize ingendo muri ivyo bihugu, babanza gucishwa mw’ihoteri Source du Nil kugira basuzumwe n’abaganga aho bahamara iminsi 14 bakurikiranwa, mu kurindira ko hari uwogaragaza ibimenyetso vyawo maze ace ajanwa ku bitaro vyabigenewe biri ku Mudubugu mu ntara ya Bubanza. Hamwe n’ivyo rero, kuva aho hafatiwe iyo ngingo abantu bashika 34 bavuye mu bihugu bivugwamwo uwo mugera baramaze gushikanwa mw’ihoteri Source du Nil aho abaganga baguma babakurikirana.
Hari n’ibindi bisabwa …
Ubwo bushikiranganji buraba ibijanye n’amagara y’abantu mu Burundi busaba abakorera ku kibuga c’indenge mpuzamakungu Melchior Ndadaye ko, kubera abantu bava muri ivyo bihugu bashobora kubesha ibihugu bavuyemwo mu gihe bariko baruzuza impapuro z’umwidondoro, bohabera maso bakaza bararaba ko mu vy’ukuri ivyo bandika bihuye n’ibiri ku mpapuro z’inzira zabo (passport).
Ubwo bushikiranganji bubandanya bwibutsa abanyagihu bose ko izo ngingo zo gukinga ico kiza ziraba umukuru n’umuto. Bushimika buvuga ko iyo ugeze aho mu kwinjira ubanza gukaraba, ni ngombwa ko umuntu abikurikiza ataravye ico ari kanatsinda ngo gukaraba biri mu mabwirizwa y’isuku.
Nayo kubiyumvira yuko abantu bashobora kuza n’indege bagera mu bihugu bibanyi bakururuka kugira binjire mu Burundi, uwo mushikiranganji avuga ko mu ntara zose zihana urubibe n’Uburundi hari abaganga bigishijwe ibijanye n’uwo mugera babikurikirana. Avuga kandi ko igishimishije kuruta hari ibibanza vyari vyateguriwe kwakira abokwikekwako umugera wa Ebola ko ari vyo bizokora no kuri Coronavirus.




