« Abavyeyi bafise abana bagendana ubumuga bwo kutumva ntibavuge barakwiye kwijukira kwiga imvugo zikoresha ibimenyetso mu ntumbero yo guha ikibanza abo bana haba mu muryango ndetse no mu kibano« . Vyashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe APEES-Burundi, Salvator Kabundege mw’ihuriro rya mbere ryahuje abavyeyi b’abana bagendana ubwo bumuga.
Hisunzwe icivugo: « Ikibano kibereye indero y’umwana », kuri uwu wa 30 myandagaro, mu nyubakwa za Mont Sion, abavyeyi bahurikiye mw’ishirahamwe APEES-Burundi (Association des Parents pour l’Education des Enfants Sourds) bakoranye mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku ntambamyi abana bagendana ubumuga bwo kutumva bagira, ndetse n’ukuntu zotorerwa umuti.
Kubwa Salvator Kabundege, umukuru w’ishirahamwe APEES-Burundi, inyigisho ku bavyeyi b’abo bana zikwiye guhagurukirwa mbere zikanashimangirwa kuko hari aho umwana ababwira ico yipfuza ntibacumve, bakarinda guherekeranya bafata ingendo baja kurondera iyo ababigisha bari ngo babasigurire. Arongera ati:« Ntibikwiye ko umwana agendana ubumuga bwo kutumva ari we wenyene yiga ibimenyetso bakoresha. Yaba umuvyeyi aripfuza kuyaga n’umwana wiwe, n’uwo mwana nyene bikaba ukwo, kuko bompi bagendana intuntu y’ukutaganira kandi bavyipfuza ».
Bimwe mu bibazo abana bagendana ubumuga bwo kutumva ntibavuge bakunda kugira
Nk’uko bishikirizwa n’abavyeyi bari bitavye iryo koraniro, intambamyi ni nyinshi haba mu nzu eka no mu kibano.
Emelyne Sindakira, ni umuvyeyi afise umwana atumva kandi atavuga. Yemeza ko ico kibondo cipfuje gukina n’abandi bana gikumirwa. Ivyo bigatuma cama cigunze, kiri conyene. Yongerako ati: « Hari n’aho bishika uwo mwana akanyiyegereza, agakoresha ibimenyetso sindavyumve, akanyikubangako nkabona ko yababaye koko ariko nkabura ico nkora».
Ngo hari n’aho abo mu kibano bafata umwana afise bene ubwo bumuga nk’umukehabwenge. Pascaline Iranzi, umukenyezi ava mu ntara ya Cibitoke, avuga ko umwana nkuwo, ababanyi batamufata nk’abandi.
No mu bavyeyi nyene, harimwo abatwara abana babo ku mashure bamera nk’ababikura. Spès Bandora, umuyobozi w’ikigo c’abana bagendana ubumuga bwo kutumva kiri i Gitega agira ati: « Hariho abavyeyi bazana abana babo ku mashure bakabarekeraho n’umwaka ugahera bataragaruka kubaraba, ukibaza nimba umuvyeyi ashobora kwibagira umwana wiwe bikagusiga ».
None vy’ukuri umwana atumva ntavuge aba akwije ubwenge nk’abandi?
Methode Bihoyubusa, ni umwigisha wo muri kaminuza Espoir d’Afrique, akaba yanonosoye inyigisho zerekeye ubumuga bwo mu mutwe n’impanuro mperekeza. Akagira ati: « Kenshi abana bafise ubwo bumuga usanga ari abana baciye ubwenge cane. Si abakehabwenge na mba nk’uko benshi bavyibaza. Ahubwo riho bene abo bana, bagiriwe ibakwe bakiga kw’ishure rifise inyigisho zitunganije neza n’abigisha babinonosoye, ibikoresho bikaba bikwiye, usanga ari akarorero mu bandi». Ashishikara amenyesha yuko ikibazo bagira ari uko bavukira mu miryango itabitahura, idafise n’ishaka ryo kwiga urwo rurimi. Ikibabaje n’uko n’iyo bagiye kw’ishure bigana n’abakomeye ariko batari buyage, umwana agatangura kwiyanka kuko atagira uwo ashikiriza ivyiyumviro bimurimwo, yagera mu kibano ho bikunyuka.
Uwo mwigisha agirako ahimiriza abavyeyi bafise abana bagendana ubumuga bwo kutumva ntibavuge, kwijukira kwiga urwo rurimi rwabo. Asaba Reta nayo kubashigikira bidasanzwe mw’itangwa ry’inyigisho ry’urwo rurimi haba mu miryango ndetse no mu mashure, maze abavuga n’abatavuga bose bashobore kuyaga bumvikana.
Christophe Kubwimana yavutse atavuga kandi atumva. Biciye mu nsobanuro y’ururimi rwiwe, avuga ko yize kw’ishure Ephphatha , kandi amenya neza, gushika ubu akaba ariko aranonosora inyigisho za kaminuza i Buraya. Arangiza ahamagarira abo bari mu mugwi umwe ko batocika intege.
Inyuma y’ivyo bikorwa haratanzwe impapuro z’umutsindo 15 ku bavyeyi bakurikiranye neza inyigisho zijanye n’imvugo zikoresha ibimenyetso.




