Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Uburundi butakaza Bugufi biciye mu « matora »: ng’uku uko vyagenze

Burya, intara ya Bugufi yahoze iri mu Burundi kuva mu mpera y’igihe umwami Ntare Rugamba yaza aragaba ibitero mu bundi bwami, yabutsinda akabwigarurira gutyo akagura imbibe z’Uburundi. Hari mu mwaka wa 1850 aho Ntare Rugamba yomeka igice c’Ubugufi ku Burundi, naho munyuma bwahavuye bwegukira igihugu ca Tanzaniya.

Nk’uko umuhinga mu bijanye n’ivyigwa vy’akahise, Emile Mworoha, abitwiganira, Bugufi yari intara y’Uburundi kuva ku mwami Ntare Rugamba. Uravye mbere aho Bugufi iri, iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi hagati y’Akagera na Ruvubu. Ni ukuvuga ko Bugufi ari igice kiri mu Burundi dufatiye ku Kagera gasanzwe ari n’urubibe. Rero, mu gihe Ntare Rugamba yariko aragura imbimbe z’Uburundi, igihe afatiye Ubugesera ni naho yaca afata n’Ubugufi gutyo bikukira Uburundi.

Abami b’i Bugesera n’Ubugufi bamaze kuba begukira Uburundi, uwo muhinga mu vy’akahise avuga ko baciye baja baraza ku muganuro wabera i Muramvya. Ariko ngo hari igihe batanguye kuri Mwezi Gisabo kutaza ku muganuro hamwe n’abo mu Bweru, ba Mbazabugabo na ba Kanugunu. Uwatwara Bugufi yari yitwa Rusengo hama rero ku gihe c’abadagi bamaze kugiriranira amasezerano na Mwezi Gisabo ni ho baciye bagarukana Rusengo kuko yari yasubiye kugoma aca asubira kugaruka mu muganuro waza urabera i Muramvya.

Ingene Bugufi bwagiye muri Tanzaniya

Emile Mworoha avuga ko Bugufi yagiye muri Tanzaniya kubera ingwano y’isi yose yabaye mu 1914 kugera mu 1918. Ico gihe abadagi ni bo batwara Afirika y’Ubuseruko (East Africa). Kuko hari ho East Africa y’abadagi (Empire Colonial Allemand de l’East Africa), Uburundi n’Urwanda rero vyarimwo. Muri ico gihe abongereza n’ababirigi baragwanije abadagi i Buraya, bongera babagwanya no muri Afirika. Ababirigi baraza barashika i Burundi. Hanyuma abadagi baratsindwa bakwa uturere twabo twose bari barihagiye muri Afirika (colonies). Barabatse East Africa Allemand ni ukuvuga, Tanzaniya, Rwanda n’Uburundi, babaka Namibiya, Kameruni na Togo, aho hose hari mu badagi.

Uyo muhinga abandanya avuga ko « Traité de Versailles » yabaye mu 1919 ari yo yagaburiye ivyo bihugu vy’abadagi, ibigaburira ababatsinze. Abo na bo bakaba bari abafaransa, abongereza n’ababirigi. Ubugufi rero ni ho bwahavuye buja muri Tanzaniya.

Mworoha abandanya avuga ko kubera abongereza bari batsinze bavuze bati: «Tugomba kugira ibarabara ry’indarayi rizova muri Caire mu gihugu ca Egiputa rishike muri Cap (Afrika y’Epfo), kandi iryo barabara ribwirizwa guca muri «Colonies» zacu ». Baciye uwo murongo w’ibarabara rero babonye ko Bugufi yaca ijamwo bakayitwara na Gisaka yo mu Rwanda. Ariko Gisaka yo abanyarwanda bahavuye bayikurikirana barayisubirana.

Tanzaniya yegukana Bugufi biciye mu « matora »

Mu 1924, aho bashinga imbibe z’Urwanda na «Tanganyika Territory» yabaye iy’abongereza, Bugufi yaciye ija muri Tanzaniya. Abarundi barageraje kuraba ko bogarukana Bugufi biranka. Emile Mworoha avuga ko abongereza bavuze ko boba baragize « Référendum » babaza abashingantahe b’i Bugufi ngo baca bavuga ko bemeye kuguma mu bongereza. Gutyo, Ubugufi buba buracitse Uburundi, mbere ni ho baciye babwita Ubuhangaza kugira barabe ingene bozimanaganya iryo zina rya Bugufi.

Mwomenya rero ko umwami w’Urwanda yakurikiranye cane Gisaka abifashijwemwo n’abapadiri. Ariko mu Burundi nta biganiro vyinshi vyahabaye vyo kubohoza Bugufi kuko, nk’uko uyo muhinga mu vy’akahise abivuga ngo aho bashiriyeho ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika OUA (Organisation de l’Union Africaine) bavuze bati: « Imbibe zose zashinzwe mu gihe c’ubukoroni ntizishobora guhinduka kandi ni ntakorwako». Biba birarangiye. Ariko kandi na ca ciyumviro c’abongereza co kwubaka ibarabara ry’indarayi cahavuye kitaja mu ngiro, Bugufi ari yo Buhangaza y’ubu iba ibaye iya Tanzaniya ukwo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top