Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Ni twese duhimbarwa n’amazina duhabwa n’abavyeyi? Intimba y’umunyeshure Munuko Céline

Kuva kera na rindi mu mico n’imigenzo y’abarundi harabaho umugirwa wo kwita izina umwana ndetse n’iminsi mikuru itandukanye ikahaba. Naho biri uko, bivanye n’uko ayo mazina atamenyerewe muri ibi binjana, bamwe mu rwaruka rw’uyu munsi ntibishimira ayo biswe kubw’ukutamenya insiguro yayo.

Igihe co kwita izina umwana kigeze, aho hambere hahise, imiryango yaratumirwa, ababanyi bakagandagaza, inzoga zikanyobwa, eka ibirori n’imigirwa itandukanye bikaba kuko umwana yaba adondowe, yaba aronse ikintu gikomeye cane kizomuranga ndetse kikamumenyekanisha aho ageze hose, kikamuha ikibanza mu muryango no mu babanyi. Umwana yakurana izina ahawe uko riri kwose kandi akarinezerererwa.

Ni koko n’uno munsi amazina aracatangwa ariko ivy’ihimbazwa ry’iminsi mikuru kuri bene uwo munsi bisa n’ibiriko biratituka eka n’amazina atangwa ntiyakirwa kumwe na bene kuyahabwa. Hari ababivuga bavyeruye ko banezerererwa amazina biswe n’abavyeyi babo bakayirata ndetse bakanayaratira abandi, ariko kandi hari n’abidodombera mu mpfukupfuku na bugingo n’ubu bivanye n’ingaruka mbi babona amazina yabo afise ku buzima bwabo.

«Ntiryigeze rimpimbara na mba»

Yicurikiriye ahandi naho asa n’uwiyanse umwigeme w’umunyeshure Munuko Céline atwiganira ibibazo afise kubw’izina ryiwe ati: «Ndarushe mu mutima. Kuva nca ubwenge mpamagarwa Munuko, Céline ntirivugwa, n’uwudafise ico ambwira arampamagara vyonyene kugira ankekeze. Ndarushe. Sindi mu bandi. Abavyeyi banje barandiye! Ndababajije icatumye barinyita bambwiye ngo ni iry’umuryango. Ntako nabakunda, ariko igihe cose nibutse ko niswe Munuko kandi ataco ndibukore ngo ndaryikureko numva ndabanse kuko bankoreye ico kizina ntaribushobore kwitura. Nagerageje kwiha udutazirano dutandukanye twiza ngo ndabe ko iryo Munuko ryomadukako ariko vyaranse… Nkibaza ico nacumuye ku Mana nkakibura. Mwishure ho ni ibindi. Ngira gutwengwa n’abanyeshure n’abigisha nabo kubw’iryo zina ryanje nkumva umenga n’uguheba noheba… Ntirimpimbara na mba kuko usivye ko bamwe mu basore bandesha bambwira ko ataco mbaye, hageze kwidondorana birangumira cane nkaheza nkavuga celine gusa irindi nti azoribonera kuri karangamuntu canke aryumve ku bandi ariko naho nyene nkaguma mfise amakenga ko akirimenya ivyanje nawe bizohava birangirira aho».

Amazina y’ikuzo

Philippe Ntahombaye, umwigisha wo muri Kaminuza y’Uburundi yatohoje yongera yandika igitabu «des noms et des hommes», agira ati:«Si ibizina nkuko benshi babivuga uno munsi. Ego hariho amazina ndoramana ariko kandi n’ayatari ndoramana ni Ndorajambo kuko kuva kera na rindi atazina bapfa kwita umwana atacisunzwe.hari amazina bashobora kwita umwana kugira bamukingire urupfu,ay’ubutwari,ayafatiye ku miryango nkomoko, ayafatiye ku rusaku …»

Abiswe amazina ndoramana bo arabahimbara. Abo ni nka ba Irankunda, Irambona…

Imwe mu migwi y’amazina y’abantu n’insiguro yayo nkuko vyerekanwa na Philippe Ntahombaye

Amazina y’abantu afatiye ku bikoko: Kabwa, Gakwavu,…

Umwana bamwise Kabwa suko yaba yankwa n’abavyeyi eka si nuko bene kurimwita baba bashaka kumukengereza ahubwo nyabuna kumwita iryo zina kwaba nk’ukumwambika igitinyiro canke inkinzo imukingira urupfu kuko gutwara akabwa bisa n’uko ataco rwoba rutwaye.

Amazina afatiye ku gahumuro kabi: Biyorero, Mangati,…

Abavyeyi bise umwana Mangati, ntibaba bagomba kuvuga ko umwana wabo Mangati anuka, bo baba bagomba gusatira urupfu barwereka ko rutokwirirwa ruriyanduza mu gutwara umunuko kumbure abamota batabuze.

Amazina afatiye ku kantu ataco kamaze nka Busa, Kanonko,…

N’aha berekeza ku rupfu bati:« Gutwara ubusa canke akanonko vyokumarira iki ga rupfu, wee…nubwo vyoshika ukamurya woba usa n’uwufyese iminwe misa…».

Amazina afatiye ku rupfu: Rupfu,…

Aho naho abavyeyi baba bashaka kwereka urupfu ko gutwara umwana wabo ari nko kwitwara rwo nyene gutyo bakiyumvisha ko ruzoca rumutinya.

Urwaruka rwitwa amazina ndoramana rero ntirugashimange bagenzi barwo ukundi, abatiswe ndoramana nabo ntibakanke abavyeyi babo canke ngo biyanke kuko amazina ndoramana ari umugwi umwe mu yindi myinshi y’amazina. Aho rero abavyeyi nabo bagerageze guturiza abana babo imitima iyo babita amazina.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top