Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Abakozi bo mu nzu: itegeko rishasha rigenga akazi rije gufasha canke kwongereza ingorane?

Kuri uwu wa 17 Nyakanga 2020, Inamashingamateka yaremeje itegeko rigenga akazi. Iryo tegeko rivuga ko abakozi bo mu nzu bazohora bakora akazi babanje kugiriranira amasezerano yanditse n’abakoresha babo. Iryo tegeko rero rikaba ririko riravugisha abantu benshi. Bamwe ngo ni ryiza, abandi na bo ngo rije kwongereza ingorane hagati y’abakozi n’abakoresha. Mbere, ngo rirashobora gutuma n’abakoreshwa batari bake birukanwa.

Ku bakozi bamwe bamwe ni akanyamuneza kuko babona ko bagiye gukingirwa. Uguheranirwa udufaranga no kwirukanwa nk’imbwa umwanya uwo ari wo wose bivuye ku kuba bamenye ikirahuri canke bataye ikiyiko ngo vyogabanuka. Babona ko babaye bafitaniye amasezerano yanditse, bishitse bagaheranirwa canke bagafatwa nabi boronka ico bishimikiza mu gusaba utwo bakoreye.

Ariko hari n’abandi bakozi babona ko iryo tegeko rije kubaboha. Nduwayo Mathias umukozi wo mu nzu yaje i Bujumbura avuye mu ntara ya Makamba, avuga ko amaze guhindura aho akorera gatatu kose kubera ko aho yakorera bamufata nabi kandi bakamukoresha ibikorwa vyinshi. Yemeza ko iyo ata masezerano ahari hagati y’umukozi n’umukoresha, harinze habaho ukudahuza umukozi agasitura (agaheba) atarinze kubimenyesha kandi ntanakurikiranwe.

Nestor Nduwayo asanzwe afise abakozi akoresha bo mu nzu avuga ko kugiriranira amasezerano yanditse (contrat de travail) hagati y’umukozi n’umukoresha bifasha cane abafise ivyobakoreranira kuko bituma bakora bafise amategeko abagenga. Ariko ayo masezerano yanditse hari n’ibindi asaba umukoresha kugirira umukozi. Muri vyo, harimwo kumwandikisha no kumurihira amahera muri INSS.N’ikori rya Reta rirazako mu gihe uwo mukozi afise umushahara urenga  amafaranga ibihumbi 150 Fbu.

Iryo tegeko ngo rirakeneye ingingo mperekeza

Miburo (izina ryitijwe) arashima ko iryo tegeko ari ryiza, ariko ngo rirakeneye ingingo mperekeza. Avugako mu Burundi igice kinini c’abakoresha abakozi bo mu nzu, baba bafise imishahara mito ku buryo bitoroha ko barangiza ukwezi badasavye udufaranga two kwiyungunganya (découvert). Afatiye ku karorero k’umuvyeyi yoba afise umwana w’uruyoya yobwirijwe gusigaranirwa n’umukozi wo mu nzu agiye ku kazi gasanzwe kanamuhemba umushara muto, Miburo abona ko uwo muvyeyi atazoshobora guha amasezerano y’akazi uwumusigaranira umwana mu gihe azosabwa kumurihira INSS. Muri ico gihe uwo muvyeyi azohava aheba umukozi asange no gukora akazi bitoroha kuko yoca ajana rwa ruyoya kukazi.

Ikindi kandi hamwe vyoshika hakagira abaheba gukoresha abakozi bo mu nzu, Miburo abona ko bizotera ingorane kuko bizogwiza abashomeri mu gihugu. Kanatsinda ngo nimba hari uwahora akoresha abakozi bo mu nzu babiri canke batatu bamwe bazirukanwa. N’uwuzoba asigaye azisanga ariko arakoreshwa ibikorwa vyahora bikora abantu batatu. Naho itegeko ryemejwe, ngo igikorwa ntikirahera, ahubwo kiratanguye.

Ariko ku bijanye no kumenya nimba ayo masezerano yanditse azogirwa hagati y’abakozi n’abakoresha hategerezwa kubamwo imishahara mito ishoboka y’ifatiro (salaire minimal), ingingo za 185 na 185 z’integuro y’itegeko agenga akazi mu Burundi zerekana ko imishahara bayumvikanako baravye ingene ubuzima buzimvye aho amasezerano y’akazi azorangurirwa.

Ariko rero umuntu yoshobora kwibaza uti: uwuzokoresha umukozi wo mu nzu ata masezerano yanditse yahabaye bizogenda gute? Nimba azohanwa, azohanwa na nde? Umukozi azitora akagenda amasezerano adaheze azokurikiranwa gute? Umukozi azofatwa nabi canke agaheranirwa bizomworohera kwitura sentare y’akazi ko wahora usanga benshi batize ivy’amategeko ata vyo bazi? Tugiye kubandanya tubitohoza.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top