Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Abakenyezi b’abirimizi bo mu mitumba berekana ivyo bihingurira

Abakenyezi b’abirimizi bo mu mitumba bafashwa na CARE barerekanye ivyo bahingura mu vyimburwa abarundi birimira bigizwe n’ifu y’ubuyi bw’ibiharage, icayi c’isoya, ifu y’ubuyi bw’isoya, ibigori na sezame kuri uwu wa 01 myandagaro. Ivyo vyose bakabirangura biciye mu mugambi ‘Nawe Nuze’…

‘Nawe Nuze’ rero, ni umugambi wa CARE ufise ihangiro ryo guteza imbere umukenyezi mu kibano no mu butunzi. Uwo mugambi rero ukaba ujanye no kwigisha abakenyezi b’abirimizi ba ruguru kuja mu dushirahamwe dutoduto two kuziganya no kuguranana. Ivyo na vyo bikabafasha kuronka uduhera twabo bwite tubafasha kwiyungunganya.
Kubera ko umugambi ‘Nawe Nuze’ wari uje uronderera iterambere abakenyezi b’abirimizi, aba bahavuye bawuhurumbira cane, maze Care ica itanguza muri abo banywanyi ikoperative yo guhingura ivyimburwa abarundi birimira. Iyo koperative ikaba ihurikiyemwo abakenyezi 180 bava mu ntara zitandatu: Bujumbura, Gitega, Kayanza, Ngozi, Kirundo na Muyinga.

Intumbero y’iyo koperative akaba ari guha agaciro ivyimburwa abarundi birimira no gutera intege abarimyi kugira barime vyinshi banizeye kuronka isoko, kwigisha abakenyezi kwitunganiriza imigambi y’iterambere, kwigisha gufungura imfungurwa zikwije, kwigisha abakenyezi kwiteza imbere mu kibano no mu vy’ubutunzi.

Guhingura kujana no kugurisha. Nico giuma Care ifasha abo bakenyezi bahurikiye muri « Nawe Nuze » guhayanisha ibihingurwa vyabo kugira bimenyekane, kandi bironke abaguzi

Isano riri hagati ya ‘Nawe Nuze’ n’ivyabakenyezi bakora

Abakenyezi bo muri ‘Nawe Nuze’ bamaze kwerekana ko bahaye agaciro inyigisho zo kuziganya no kuguranana bibera mudushirahamwe twashizwe ku mitumba, ishirahamwe ‘Care’ ryaciye ryigisha bamwe mu banywanyi baryo guhingura ivyo birimira.

Nkuko bimenyeshwa na Josée Ntabahungu arongoye umugambi Gewep (Gender Equality and Woman Empowerment) muri ‘Nawe Nuze’, avuga ko abo bakenyezi bigishijwe guhingura ifu y’ubuyi bw’ibiharage, icayi c’isoya, ifu y’ubuyi bw’isoya, ibigori na sezame, ivyo bihingurwa baca babidandaza, maze amahera bakuyemwo bakayaziganya, inyungu bakayigabura gutyo bagaheza bakikenura, bakanasahiriza muri vya nkenerwa vyo mu rugo, harimwo no gufasha abana mu kubaronsa ibikoresho vy’ishure.

Hoba hariho isoko ry’ibihingurwa vyabo?

Guhingura kujana no kugurisha. Ni muri iyo ntumbero Juvénal Afurika arongoye CARE mu Burundi yakiriye kuri uwu wa 01/08 mu gisagara ca Bujumbura mu kigo ‘Hub Innovation Nawe Nuze’ bamwe mu bakenyezi bahingura ivyimburwa mu ntumbero yo kubahuza n’abagwizatunga b’i Bujumbura, amashirahamwe atandukanye, hamwe n’abandi bikorera utwabo kugira berekane bongere bihigire isoko y’ivyo bihingurira iwabo.

Erega ibihingurwa vy’abo bakenyezi vyahavuye bishimwa na benshi. Nsabimana Claude, ni umugwizatunga wo mu gisagara ca Bujumbura, amaze kwibonera ivyo bihingurwa yarabigomwe atako yemera ko agiye gukorana nabo bakenyezi, ko azorangura ivyo bihingurwa vyabo mu ntara uwo mugambi ukorerwamwo hose. Si ivyo gusa, yagiriyeko anemera ko n’ibanakehanirwa mu buryo, azoshiramwo imitahe kugira bahingure vyinshi gusumba.

Ihorimbere Aristide arongoye ishirahamwe YAIN risanzwe rifasha urwaruka n’abakenyezi gutanguza imigambi yabo no gushira ibihingurwa vyabo kw’isoko. Uwu na we yemeye ko azobafasha gushira ibihingurwa vyabo kw’isoko bakadandaza neza mbere gusumba nuko bari banavyiteze.

Akunguko…?

Ifu bahingura muri ivyo vyimburwa, ngo ni ifu yikwije mu ntunga mubiri. Iyo rero ngo irahurumbirwa n’abantu benshi bayizi gutyo bakayigurisha bagakuramwo amahera, nkuko bivugwa na Césarie Uwamariya wo mw’ihinguriro COVAPAFE-Gashikanwa mu ntara ya Ngozi. Eka mbere ngo usivye amafaranga, ngo n’ibibondo vyabo biradoshe kuko ntibikirwaragurika kubera ko bironka ubuyi bukwije indema mubiri.

Kubera ko iyo fu abo bakenyezi b’abirimizi bahingura ari nziza kandi iriko irakundwa, ngo birakwiye yuko uwo mugambi wagurwa ugashika no mu zindi ntara zose z’igihugu, kugira abenegihugu bose bashobore kuronka vyoroshe ivyo bihingurwa vy’ivyimburwa abarundi birimira bikwije intunga mubiri.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top