Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Bujumbura: abanyamyuga barahayanisha ibikorwa vyabo

Kuri uwu wa 11 ruhuhuma, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imico kama, akaranga n’inkino Hakizimana Godefride yuguruye icese ibikorwa vy’ihayanisha-gurisha ry’ivyahinguwe n’abahinga banyamyuga bo mu ntara z’uburaruko, ubumanuko n’uburengero. Ico gikorwa kikaba cabereye kuri Palais des Arts mu gisagara ca Bujumbura.

Ntawokwiyibagiza ko uruhara rw’abahinga ari ntangere mu buzima bw’igihugu n’abanyagihugu kuko ivyo bahingura usanga biriko birakoreshwa haba mu kwikenura, kwishariza, gushariza aho abantu babaye n’aho  barangurira imirimo ya minsi yose. Nico gituma ubushikiranganji bw’imico kama, akaranga n’inkino bwafashe umugambi wo kuza burahuza abanyamyuga kugira baronke akaryo ko kwerekana ubuhinga bwabo, bungurane ubwenge,uwufise ico arusha mugenzi we akimwereke kandi bashobore no kugurisha ivyo bahinguye maze banikenure mu vyo bakeneye mu buzima bwabo bwa minsi yose.

Ngo hari n’ibitegekanijwe gukorwa muri ico gisata 

Hakizimana Godefride avuga ko bagiye kwicarira ibibazo bijanye n’imyuga ndangakaranga, bamirire kure abigana n’abiyitirira ubuhinga bw’abanyamyuga b’abarundi. Ngo hazoshirwa imbere kandi ugukingira ivyo bahingura mu kubibika neza, hashirweho amategeko gutyo boroherwe mu mwuga wabo bongere baronke uturusho.

Uwo munyamabanga abandanya avuga kandi ko bazokwugurura amasoko ateza imbere ico gisata haba mu Burundi canke mu makungu kugira abo banyabuhinga baronke akaryo ko kumenyekanisha Uburundi biciye mu vyo bakora bongere biteze imbere ku bijanye n’uburyo bwo kubaho mu miryango yabo.  

Hoba hari akarusho abanyamyuga babibonamwo?

Manirambona Alexis  ni umwe mu bari bitabiriye ico gikorwa co kwerekana ubuhinga bafise. Nk’umuhinga mu gushushanya, avuga ko usivye ko ivyo acapa bimwinjiriza amahera yo kwiyungunganya mu muryango, ngo biranerekana akaranga k’igihugu, ubuzima abantu babayemwo, kandi ngo birerekana ubushobozi bw’ukwiyumvira abo banyamwuga bafise.

Nayo Kubwimana Espérance yihweje ibintu n’ibindi bikorwa n’abanyabuhinga, yagize ati:« Mu vy’ukuri abarundi turafise impano tukabura aho tuyigaragariza. Birateye igomwe kubona ushobora kubona ingene umuntu yiyumvira atavuze ahubwo uvyirabiye mu co yahinguye». Nk’uwarariko araratira ijisho ntiyanatanzwe no kwigurira tumwe mu dusharizo azomanika mu nzu.

Hakizimana Godefride ahamagarira rero abanyabuhinga gukura amaboko mu mpuzu, bakagira umwete wo gukomeza ibikorwa batibagiye kuja mu mashirahamwe n’amakoperative gutyo bakorere mu migwi kugira bungurane ubumenyi nakare bagira ngo «Imitwe ikora ikoranye». Yanagiriye ko anamenyesha ko ico gikorwa catangujwe icese  kuva kuri uwu wa 11 ruhuhuma kizomara imisi 3, abahinga banonosoye ivy’ubuhinga bazoba bariko baragendera abo banyamyuga baraba abarusha abandi babaha ubushimwe ariko ngo n’abatazoba mu ba mbere bozoronka uturusho kuko na bo bari mu bakoze.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top