Mu ntara ya Bubanza, ico gitabu cahashitse kw’igenekerezo rya 5 Nyakanga. Ba bapfasoni Mahwera Georgette na Mariam Ndayisenga ni bo babandanije gushinga intahe zabo. Umwe wese akavuga ico yakoze kugira ngo abo mu Kinama hari hiziziwe n’abahutu basubire kunywana n’abo mu Cibitoke hari hitiriwe abatutsi. Umunyamabanga wa komine ni we yuguruye ibikorwa.
Abanyabubanza barashwabadutse ku bwinshi kandi ukabona ko bafise ishaka. Mu ntango, bari bazi ko bibera mu nyubakwa y’ibiro vy’intara, bica bihinduka ku munota wa nyuma. Ariko ivyo ntivyabaciye intege. Baciye baza n’umwete mwinshi, ku biro vy’ishirahamwe Croix-Rouge vy’i Bubanza. Vyabereye mu nyubakwa iberamwo inama.
Mw’ijambo ry’ikaze, Augustin Misago, umunyamabanga wa komine Bubanza, yasavye umuntu wese ari ngaho ko yova muri ico kiganiro yifatiye ingingo yo kuba imboneza kandi bakabigendera haba mu bihe bigumye canke vyoroshe.
Christine Ntahe yarabamenyesheje ko ivyo yanditse muri ico gitabu yavyegeranije akora mw’ishirahamwe Search For Common Ground mu gihe yariko atunganyanya ikiganiro Mukenyezi nturambirwe yari asanzwe aremesha. Aho rero hakaba hari mu gihe c’intambara ikomeye.
Yaciye asaba ba bakenyezi kwidondora. Hari abaciye bavuga ko Mariam Ndayisenga bamwibuka cane mw’ireresi yitwa Mugisha kuko yayikinyemwo yitwa Maman Mugisha. Ku bwiwe, ngo yarahimbawe cane kubona asubiye gushika muri iyo ntara, kuko ngo yayiheruka mu gihe c’intambara akiri ku rugamba.
Mahwera Georgette na we yarabaciriye ku mayange ayo bari bagorewe muri Kinama banduruka barahunga kugeza aho bashika muri Kongo. Mu nyuma baragarutse baca bigira inama yo guharanira amahoro kandi vyarashobotse.
Umwanya wose abo bakenyezi baba bariko baravuga, warabona ko abari ngaho batangaye kandi banyuzwe. Uko umwe wese yavuga, ni ko Christine Ntahe yamwunganira.

Bose biyemeje guharanira amahoro
Uwafata ijambo wese, yaravuga ico yungutse muri ico kiganiro, n’inama yigiriye kugira ngo ahindure ibintu.
Asiya Nahimana, yavuze ko yakuze abona abo babana bafatanye mu nda. Ngo ntiyorota rero areka guharanira amahoro. Ngo bazokorera hamwe n’abandi ico umubanyi akeneye akimufashe.
Uwitwa Ruth Ndihokubwayo ati: “Aho tubaye nta vy’amacakubiri bihari. Turakoreranira tutaravye iki canke kiriya. Tuzobandanya muri iyo nzira.” Mugabo rero yarahuvye ati: “Nzobwira abantu ko ata bwoko buriho”, Christine Ntahe aca aramugarura. Amenyesha uwo n’abandi bari ngaho ko bataje kwigisha ko ata bwoko buriho. Nyabuna ngo ubwoko buriho, mugabo ntitubupfe.
Mu bantu 14 bafashe ijambo, harimwo umupfasoni wa Buramatari wa Bubanza. Na we nyene yarahanuye abari ngaho ko babwirizwa kubana vyanka bikunda. Yasavye kurengera amoko, abantu bamariranire imanza, maze ngo basangire akabisi n’agahiye.
No ngaho nyene, umupfasoni Christine Ntahe yarabashimiye cane, aca abasaba kwirinda ibihuha bivuye inyuma. Yaciye abereka ingene ibihuha vyica vyinshi mu kubaha ka karorero ko muri komine Ruyigi. Ati: “Ku murwa mukuru w’iyo ntara, mu gihe c’intambara abatutsi baba ahitwa i Sanzu bahunze bababwiye ko Abahutu bava ahitwa mu Gasanda baza kubica. Baciye baja kurara mw’ishamba. Erega basanzeyo ba Bahutu na bo bahungiye muri iryo shamba. Ngo bababwiye ko Abatutsi baza kubica. Baciye bataha bafatanye amaboko.”
Mu gusozera ikiganiro, umunyamabanga wa komine Bubanza yarakengurutse cane ukuntu abantu bitavye kandi bakagira ico biyemeje.




