Jimbere

ikirundi French English
KWIYUNGURUZA

«Oya ubu si autorisation de transport, ni permis de transport hamwe na carnet de bord sécurisé»

Kuva kuri uwu wa 9 kigarama, abashoferi bunguruza abantu n’ibintu bagiye kuza barakoresha agatabu ndangamuduga bita «Carnet de bord securisé» hamwe na «Permis de transport intérieur na international». Izo mpapuro ngo zizoha uburenganzira kugendesha imiduga haba mu gihugu hagati, canke hanze.

Nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu Consolateur Nitunga, izo «permis de transport» zije mu gihe hari benshi bahora bipfuza kujabuka imbibe bikabagumira. Akavuga kandi ko hari n’abakoresha amamodoka yo mu bwoko bwa hiace bahora bipfuza gushika mu ntara zo hagati mu gihugu bikagorana. Mu ntumbero yo gutorera inyishu ivyo bibazo vyose, vyemejwe n’Inama Nshikiranganji, ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu bwaciye butunganya gushasha ivy’izo mpusha.

Consolateur rero akamenyesha ko izo permis nshasha zikoranye ubuhinga bukomeye « ku buryo bitokworoha kuzigana ». Hejuru y’ivyo, ngo ntivyahora vyoroha kumenya igitigiri c’imodoka ziriko zirakora, ubwoko bwazo mu gihugu co kimwe n’amapikipiki ariko kubw’ubwo buhinga bushasha bizoshoboka.

Ibiciro vy’utwo dutabu ndangamuduga n’ivy’izo «permis»

Hari agatabu ndangamuduga gato na kanini. Gato kagizwe n’impapuro 30 kagurwa amafaranga 38.000 Fbu, kanini na ko, k’impapuro 62, kakagurwa amafaranga 47.500 Fbu.

Urupapuro rwahora rwitwa «Autorisation de transport » ubu ari rwo «Permis de tansport », rwarihwa amafaranga 2000 kuva mu 1999. Ubu si ko biri. Ibiciro vy’iyo permis birahindagurika bivanye n’ubwoko bw’ingendeshwa hamwe n’aho umuntu ashaka kuza aragarukira( Mu gihugu canke hanze).

Vyakiriwe gute n’abunguruza abantu n’ibintu?

Eric Manirakiza akoresha imodoka yo mu bwoko bwa Hiace, yanezerewe cane kuko yumvise ataho yimiriwe gushika. Naho biri uko Déo Baransananiye we, asanzwe akoresha imodoka yo mu bwoko bwa « camionette », avuga ko n’ubundi yarasanzwe azunguruka mu Burundi akoresheje autorisation de transport y’amafaranga 2000Fbu, yashika ku rubibe rw’igihugu kibanyi na ho agakoresha ikarata ya CEPGL agatanga 3000 gusa hanyuma akabandanya ata camira. Kubw’iwe akabona ko ata co bizomwungura.

Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu Consolateur Nitunga, arahumuriza abari bafise impusha zitarata igihe ko bazoguma bazikoresha gushika zihere ariko abo zaheranye ngo baca batangura gukoresha izo zindi nshasha.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top