Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Amashengero ari hagati mu makaritiye yoba abangamiye abanyagihugu?

Abatari bake baribaza nimba amashengero ashingwa hakurikijwe amategeko, canke apfa kwiyadukiza akitorera ikibanza ashingwamwo. Hari aho usanga mw’ikaritiye, hagati y’urusengero n’urundi hacamwo inzu zitanu, canke icumi z’ibamwo imiryango y’abantu. Ayo masengero ugasanga nta gahengwe aha abantu bahaba kubw’ingoma, uruhuri rw’amajwi y’abaririmba, ibitari n’ivyuma biduza amajwi biharangwa buri mwanya.

Ugira gutya mu gisagara ca Bujumbura utambutse intambwe 10 ukabona uguye ku rusengero, wakatira ku rindi barabara ukumva utugoma turiko turavugira mu vyumba vy’inzu wabaza ukumva ngo ni insengero, waduga canke wakikama gato ukaguma ushikira mu masengero abangikanye n’imiryango y’abantu. Warunguruka ngo urabe abahasengera ukabona ni umugwi w’abantu batanashika na 20. Ugasanga iminsi yose hama urwamo rw’ibitari, indirimbo n’ingoma mu makaritiye babuza amahoro abantu baba ngaho.

 Ivyo rero, rimwe narimwe birashobora gutera uruhagarara mu bantu. Akarorero ni ibiheruka kuba mu Carama 1 kw’ibarabara Ndugwe Nº19, aho hadutse imishwamirano hagati y’abayoboke b’ishengero rya ba porotesitanti ryitwa « L.A.R.R.M » mumpfunyapfunyo, hamwe n’abantu baba muri iyo karitiye iruhande y’urwo rusengero.

Intandaro ikaba yavuye ku rwamo n’imidundo y’ivyuma biduza amajwi, ingoma n’ibitari vyamena amatwi abantu baba aho hantu. Ababa aho barengewe n’amajwi y’ivyo vyuma, bakaba baciye bagerageza gusaba abari muri urwo rusengero kugabanya imidundo y’ivyuma, ariko biba impfabusa.  Niho baca bashaka gukoresha inguvu mugucomora ivyo vyuma vyariko birabamena amatwi, abakirusu na bo ntibavyemera. Imishwamirano iba iradutse.

Birenguseke asanzwe aba mw’ikaritiye igwiriyemwo amasengero. Yidoga avuga ko ata mwanya wo kuruhuka yigera aronka. Ngo adakanguwe n’indirimbo n’ingoma zivanze n’ibitari, akangurwa n’abasoma amakorowani.  Agira ati: «Ugira gutya mu gatondo ka kare harya uri mu gatiro, ukumva ingoma ngo dunduridunduri, ukumva uruhurirane rw’indirimbo hejuru, agatiro kagenda wumva, uvyuka imitsi yadarije mu maso no ku misaya kubera ukudasinzira neza. Icibagiye co ni abana. Ntibigera basinzira ». N’iyo umuntu yifitiye urubanza canke abashitsi mu muryango, arinda kubajana nko mu kabarere kugira abe ariho baganirira bisanzuye, ku kwanka uruyogoyogo rw’ibikorwa vy’amasengero aba umukikuje.

Kabura, umukozi w’Imana w’urusengero atashimye kuvuga izina, avuga ko amasengero menshi canecane aya avuka uko yishakiye usanga atazwi mu mategeko. Ayo masengero atangura agizwe n’imiryango hamwe n’abagenzi bishira hamwe. Bagatangurira gukoranira mu mashure canke mu nzu z’abantu. Abo ni bo baca baduza urwamo mu gitondo no mw’ijoro kuko baba bariko barahiga abayoboke mu kurindira ko bagwira kugira bazohave barondera impusha mu nzego z’igihugu mu nyuma. Ariko amasengero azwi ko akomeye yubakwa hisunzwe amategeko n’ibikorwa vyayo biba vyubahiriza amategeko. 

Ariko rero amategeko agenga amasengero yoyo aratomoye

Mu kigabane ca 5 ingingo ya 26 rirerekana neza ko mu Burundi kugira urusengero rwemerwe gushingwa rubwirizwa kuba rufise abayoboke bamaho 300. Ariko ku rusengero ruvuye hanze rushaka guhiga abayoboke barwo mu Burundi rubwirizwa kuba rufise abanywanyi 500, kandi ayo masengero akaba afise uruhusha rwo mubushikiranganji buraba ibijanye n’amashengero.

Turetse n’ivyo, mu ngingo ya 31 y’iryo tegeko, mugace karyo ka 14 karerekana neza ko abayoboke b’isengero kanaka babwirizwa kuba bafise ikibanza bakoreramwo imigirwa ijanye n’ivyo bemera, ariko ico kibanza kikaba cisunga ibijanye n’isuku, amagara n’umutekano w’abantu baba iruhande y’ahashinzwe urusengero.

Mu ngingo ya 35 herekana ko kugira urusengero rushingwe ahantu bibwirizwa kumenyeshwa buramatari w’intara, musitanteri w’i komine igire y’ubakwemwo urusengero na we nyene akabimenyeshwa. Hama, abajejwe intwaro aho hantu bagakurikirana n’imba ishingwa ry’urwo rusengero rihuye n’ivy’amategeko avuga kandi ko atabazohatakariza ivyo bafitiye uburenganzira.

Mwomenya ko iyo ngingo ya 35 nyene itomora neza ko hagati y’urusengero n’urundi hategerezwa kuba hacamwo n’imiburiburi ikirometero kimwe mu ntara zo hagati mu gihugu. Mu bisagara na ho, hagati y’urusengero n’urundi hategerezwa gucamwo imitero 500.  Ibihimbazo bibera mu mazu ari mu bibanza bihuriramwo abantu benshi bikaba bibujijwe. Ikibwirwa n’icumva !

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top