Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

« Nta bana ndumva bavukiye mu Burundi bafatanye ngo bakure, nanje mfise akoba»

Hamaze  iminsi  havuka  abana bafatanye bavukira mu bitaro bitandukanye vyo mu Burundi. Hari abavukiye mu bitaro vyo muri komine Gisuru, abandi muri Hôpital Roi Khaled. Uno munsi bamwe mu bakenyezi batekerwa n’ubwoba kuva bagisama. Barakeneye ihumure, kuko bitari bimenyerewe mu Burundi.

« Ndanezerejwe n’uko nibungenze, ariko nguma nibaza nimba bitazohava bishika nkavyara abana bafatanye nk’uko bimaze iminsi biba. Nahoze ndabibona ku mbuga ngurukanabumenyi nkibaza ngo si vyo. Ariko kuva ntanguye kubona no mu Burundi  hari abavyeyi bariko barabibaruka  kandi nkaba numva ngo ntibikunda ko babamatanura birantera ubwoba.  Ikigeretseko nuko ata na bamwe ndumva mu bamaze kuvuka bataciye bitaba Imana.», Remesha Oriette (izina ryahinduwe), umwe mu bapfasoni bibungenzi twahuye agenda aratuyagira.

Girukwishaka Divine aba mu gisagara ca Bujumbura, aheruka kwubaka urwiwe ariko we ntarasama inda. Yamara, na we nyene ngo afise amazinda : Mbega ni hose bavutse bafatanye bidakunda ko babafatanura ? Ni ubuhinga buke bw’abaganga b’i Burundi canke barashoboye ariko nta vyuma bihari vyobunganira ? Mbe hoho iyo umukenyezi yibungenze agiye muri « échographie », barabibona ? Baraheza bagakora iki muri ico gihe? (Abaganga b’abarundi twarondeye batubwiye ko bafatiriwe cane igihe kirekire. Twaracukuye.

Abaganga barabibona muri « écographie » ?

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru co mu bufaransa TV5MONDE, muri rusangi iyo umuvyeyi agiye gusuzumisha imbanyi kwa muganga ngo barabe ko umwana ameze neza mu nda biraboneka ko abana bafatanye canke badafatanye. Hari igihe rero bigaragara ko abo bana nubwo bovuka batobandanya babaho. Muri ico gihe, iyo bibonetse hakiri kare, umuganga abigiye inama n’abavyeyi b’umwana barashobora kuyikurayo kugira umuvyeyi ntazobandanye arushwa na yo kandi kumbure azoruhira ubusa. Ni no mu ntumbero yo gukingira amagara y’umuvyeyi.

Si iminsi yose bishoboka ko abo bana bamatanurwa 

N’ibi tubikesha ico kinyamakuru. Nk’iyo vyashitse bakavuka imitwe ari yo  imananye, haba hari impungenge ko bashobora kuba basangiye n’ubwonko. Muri ico gihe ntibaba bagitandukanijwe kuko bohava baca basezera isi muri uwo mwanya nyene. Hari aho bano bana baba basangiye umutima canke igitsina. Na ho nyene, kubatandukanya ntibiba bigikunze.

Ariko rero, nk’iyo basangiye ibindi bihimba, abaganga barashobora  kubatandukanya umwe akabaho ukwiwe, uwundi ukwiwe. Ni nk’uko hari aho abaganga bavyihweza bakabona ko umwe muri abo babiri bafatanye ari we ashobora gukura, bakababaga hakarokoka umwe muri bo.

 Ariko rero n’aho bakura bamatanye, ikibazo caduka iyo umwe apfuye uwundi agikomeye. Akenshi ngo ntibasigana umwanya munini. Nayo abavyeyi batekewe n’ubwoba borema kuko atari kenshi abana bavuka bafatanye. Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko kw’isi yose, ku bana bari hagati y’ibihumbi  50 na 100 bavuka, umwe ari we avuka afatanye na mugenzi we. Abamaze gutandukanywa bigakunda mw’isi yose bakaba bangana  250.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top