Imyaka irenga 9 irarangiye Reta y’Uburundi ifadikanije n’ubuserukizi bw’igihugu c’Ubufaransa bushizeho umugambi w’inyigisho idakumira kuri bose. Muri iyo myaka rero ibitari bike vyarakozwe mu ntumbero yo kworohereza abagendana ubumuga ngo bikunde na bo baronke ubumenyi. Ariko n’ubwo biri uko ngo haracariho ico gukora muri ico gisata mu gihe hacibonekeza abarimu bafata abagendana ubumuga nkuko umenga si abantu.
Kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 2019 Uburundi bwarifatanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu w’ahariwe abagendana ubumuga kucivugo kigira ngo « Favoriser la participation sociale des personnes handicapées et leur pouvoir d’agir : un geste à la fois ». Aha mu Burundi rero uwo munsi wahuriranye n’uko amashure 31 aha ikibanza kibereye abagendana ubumunga co kimwe n’abakomeye amaze kwubakwa.
Muri iyo ntumbero nyene abigisha 126 baramaze guhabwa inyigisho zishingiye ku buhinga bwokwisungwa mu gihe bariko barigisha abagendana ubumugaye. Eka kandi n’uburyo butangwa na Reta bushigikira abamugaye bwarongerejejwe aho bwavuye ku miriyoni 47 buja ku miriyoni 170. Ivyo rero bikaba vyashikirijwe na Rubin Karorero yari yaserukiye ubushikiranganji bw’indero mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ndero idakumira, rwatunganijwe n’ikinyamakuru Jimbere, gifashwe mu mugongo n’ikigo co gufashanya c’abafaransa (Coopération française).
Umugambi wa Reta w’inyigisho kuri bose waje gusubiza agateka abana bagendana ubumuga : « Ndanezerwa iyo mbona nshika nkicarana na bandi ata munego, tukigana, tukongera tukanafashanya mu vyigwa. Ivyo birantera intege bigatuma niga nisanzuye gutyo nkabona ndungurujwe kimwe n’abandi umwaka uheze ». Ivyo bishikirizwa na Gahimbare Kennedy, umwe mu bana bagendana ubumuga yiga kw’ishure rya ECOFO Mirango I, ishure ririko uwo mugambi.
Intambamyi abagendana ubumuga bahura nazo iyo bari kw’ishure
Kuba hacibonekeza abigisha n’abanyeshure bagifata abagendana ubumuga nkuko umenga si abantu, inyubako n’ibindi bikoresho bitorohereza abagendana ubumuga, impapuro zemeza k’umuntu atabumuga afise iyo hageze kurondera akazi … ni zimwe mu ntambamyi abagendana ubumuga bakunze kugira iyo bari kw’ishure. Vyashikirijwe na bamwe mu bari bitabiriye uruganda rwatunganijwe n’ikinyamakuru Jimbere rwo kurabira hamwe ibimaze gukorwa n’ivyokorwa mu guha ikibanza igisata c’indero mu Burundi.
Nubwo biri uko hari bamwe mu bagendana ubumuga batigera bacibwa intenge n’izo ntambamyi bagakomeza amashure yabo no kuminuza bakaminuza. Sophie Ntirandekura, ni umunyeshure muri kaminuza y’Uburundi na we akaba agendana ubumuga. Kubwiwe ngo iyo uwugendana ubumuga yoroherejwe m’ubumuga bwiwe ntakibuza ko yiga ngo atere imbere nk’abandi na cane cane kwataba amugaye mu mutwe. Aho rero arangiza atera akamo abandi bana bagendana ubumuga biga kutigera bacika intege ni vyo bibagora ariko bagumane ishaka ryo kwiga mpaka baminuje kuko na bo bashoboye.
Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




