Urwaruka rutari ruke rurirengagiza ibijanye n’ibiyago ndoragitsina rugasanga ruriko ruragwa mu ngorane rutari rwiteze maze rugatangura kwicuza. N. J, wo mu ntara ya Kirundo ni umusore ataciye ku ntebe y’ishure avuga ko yateye inda afise imyaka 23 ariko yemenga ko atari azi ko ageze gutere inda. Ubu aricuza…

Turi 9 h 57 mw’isoko ya Kirundo. Abadandaza bamwe bariko barapakiza ibidandazwa abandi babipakuruza, eka hari n’abariko banda ivyo bacuruza. Ni uruja n’uruza mw’isoko. N. J, ni umwe mu misore ifise inguvu ariko arapakurura ibidandazwa vy’abagwiza tunga abipanga neza mu kibanza cabigenewe.
Akazi kamushuhanye. Agapira yakuye yambaye agafurani kamaze gucafuzwa n’imizigo. Intuguta yamurenze. Imitsi yamaze kuranda kubera ibikorwa vy’inguvu ariko ariremeka. Umwe mu bo bakorana basanzwe banamenyeranye, amera nk’uwumucurira ati: « Vyimba sha iyo mizigo urabe ko wosagura ay’igitambara uha wa mukobwa waterera inda iwabo ukamubuza kwiga amashure yiwe ».
Ndayishimiye aca aratwenga. Ni ko kumwishura ati: « Ni ivyago vy’ukutamenya vyanguyeko, nawe nivyakugwako nzogutwenga ». Erega twahavuye tumwegera kugira twumve ko nyene yateye inda
kubera ukutamenya. Abanza kutubaza abo turibo kuko atari atumenyereye. Tumaze kumubwira ko turi abamenyeshamakuru, ntiyariye umunwa mu kutubwira ko atovugira mw’isoko, ko n’agafoto ariko arikorera imizigo mw’isoko atako twomufata, ariko ko yo duhera ikiganiro inyuma y’isoko.
Ahejeje gupakurura no gupanga neza imizigo atora agapira kiwe arambara aca adukura mw’isoko aja kutuganiririza ahandi. Yicara yicurikriye ku mushinge w’inzu yaheze kwubakwa maze aratuyagira.
« Nateye inda umwigeme yiga mu wa gatanu wa Ecofo… »
Burya hari igihe abantu birengagiza kumenya ibijanye n’ubuzima ndoragitsina ugasanga baguye mu bibazo batari biteze.
N. J, arigana ingene yateye inda umukobwa w’imyaka 16 yiga mu mwaka wa gatanu, ubu akaba yicuza.
Amera nk’uwibuka uko vyatanguye kugira atere inda, Ndayishimiye agira ati : « Ingene namuteye inda, jewe sinari ndavyiteze. Ico gihe nari imfise imyaka 23. Nari nsanzwe niga umukino wo gukubitana ‘karate’ mu kigo gisanzwe kivyigisha. Ni ho haheze iminsi nabona umukobwa mushasha ahaje kuko n’abakobwa bari bavyemerewe. Turigana turamenyerana ntangura kumusaba ko tworyamana. Umukobwa kubera yari umunyeshure muri Ecofo yaza arambwira ko atinya ko nomutera inda. Nanje ntavyo nigeze nemera kuko sinarinzi ko notera inda. Nta muvyeyi n’umwe yari amaze kumbwira ku bijanye no guhuza ibitsina n’ingaruka vyotera. Ico natinya gusa wari umugera wa sida kuko niwo naguma numva ko wandukira mu guhuza ibitsina, ivyo navyo naramubajije uyo mukobwa ko awugwaye arampakanira ahubwo anyemeza ko atavyo guhuza ibitsina arigera akora. Ariko kubera naguma ndamusaba kandi twari twamenyeranye ndanamubwira ko ndamukunda, yandurutse anyemerera turaryamana. Turabikora. Ntitwigeze twikingira. Irya mbere ntiyasama inda nca nguma mbona ko ntaragera gutera inda, dusubiriye ikindi gihe, ni ukuvuga ubwa kabiri, yatashe inda yinjiye ».
Twaciye tubana ariko yanduruka anta mu nzu…
N.J avuga ko abavyeyi bakimenya ko umukobwa wabo afise inda, baciye batangura guhiga uwayimuteye. Umukobwa nawe atakurya umunwa aramuvuga. Agira ati: « Abavyeyi biwe baciye bamuntera. Abavyeyi banje nabo bantegeka kwubakana n’uyo mukobwa nateye nda. Sinamwihakanye naranamukunda. Aca araza turibanira. Twabanye amezi ane gusa. Hanyuma kubera mu rugo hatabura utw’ababana bapfa, tu-
rashwana aca arazinga utwiwe yisubirira iwabo ».
Uyo musore, nako uyo mugabo avuga ko yagiye kumucura iwabo baranka ahubwo bamutegeka ko yogenda ari kumwe n’abavyeyi biwe. Ico gihe tubonana n’uwo muhungu, yari akirindiriye ko se amuherekeza kumufasha gucura uwo mugore yari yibungeze imbanyi igeze kumezi 7.
Mugabo naho biri uko N. J, aricuza. Avuga ko yihuse. Ati: « Iyo menya sinari kwisuka mu vyo guhuza ibitsina, kuko ni vyo vyatumye nubaka hataragera. »
Ahanura abahungu kutihutira kwisuka mu vyo guhuza ibitsina canke kurongora batiteguye kuko
bitesha umutwe binashobora kwica kazoza k’umuntu.




