« Muribuka twiga mu mashure mato mato ‘Umutama semibira’, ‘Ikiyago ca Nkengurutse na nyina’, ‘Umwidogo wa Muringanira’, n’ibindi? Birya vyose bija mu mugwi w’ivyese ». Vyashikirijwe na Mwigisha Joseph Mukubano, umuhinga mu vyerekeye indimi akaba n’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi kur’uyu wa 24 Mukakaro 2025 aho indamurabitabu yari yakiriye ikindi kiyago gihariwe amatagwa.
Kubwa Mukubano, icese ni ikintu kivugirwa mu cese. Mu cese naho ngo ni mw’ishengero ry’abantu. Biratandukanye n’ishembavugo (pièce de théâtre) kuko mu nyandiko habamwo ubuhinga. Iyi ni inyishu ku musomyi wacu yasomye mu nyuma atwandikira ati: « Nahora nibaza ngo pièce de théâtre isigura icese. »
Uwundi musomyi ati: « Mbega ko twahora twumva ngo “Ca umugani” canke gacamugani, burya umuntu arabara umugani canke aca umugani ? Bavuga ngo mbarira umugani canke ncira umugani ? »
Uno musomyi akaba yari yashikirije amakenga ko ijambo twacuze “umubaramugani” ryoba ririmwo agahaze.
Uyu na we Mwigisha Ferdinand Mberamihigo amwishura ati: « Umuntu bamutazira gacamugani kuko bisa nk’ivyabaye akamenyero kuri we kuko bamuzi kenshi aca umugani. Nka kurya uwutagira ikigongwe bagira ngo ni ruburakigongwe mu mvugo igagamisha canke bakavuga “karyamyenda” bashaka kuvuga uwagize umugenzo guherana. “Umubaramugani” rero ni ryo jambo risigura neza mu mvugo itomoye uwo twita mu gifaransa “le conteur” »
Amwunganira, umwanditsi Jeanne d’Arc Nduwayo yatanze icitiranwa “umubarankuru” mu gihe ariko abara iyindi nkuru itari umugani, mugabo akabivuga mu ncamake. Umutondankuru nawe akaba umwe akwicarika akagutondera buri kimwe uko cagenze ata co asimvye
Hagati aho, ng’aya amajambo yacuzwe ku kirengazuba co kuri uyu wa 24 Mukakaro 2025, mu gisata c’amayagwa:
➡️ Récit: Umutondanuro
➡️ Conteur : Umucamugani/gacamugani
➡️ Art de la narration : Ibarankuru
➡️ Digression : Agaciyemwo
➡️ Edition : Iramurabitabu
➡️ Maison d’édition : Indamurabitabu
➡️ Rédaction : Indondoro
➡️ Manuscrit : Inganagitabu
➡️ Relecture : Isuzumagitabu
➡️ Critique littéraire: Ikenguzamayagwa
➡️ Critique: Ikenguzagitabu




