Jimbere

ikirundi French English
IKIRUNDI

Murazi ico ari co « inganamugani », canke « ishembamvugo » ?

Abahinga mu vyerekeye imvugo n’inyandiko y’ikirundi bari batumiwe: Dr Ferdinand Mberamihigo, Pr Joseph Mukubano n’umwanditsi Jeanne d’Arc Nduwayo.

« Kugira ngo abana bari mu buruhuko baronke indero nziza, abavyeyi bakwiye kuba abaganamugani beza, bakanarungika ibibondo vyabo mu makiniro y’imbaramico kugira ngo bige amayagwa makenguzi. Ni naho hovamwo abakenguzi bashobora gukoresha imvugo ishemvye mu biyago. » Uku niko Napoléon Ahishakiye, umushingwabikorwa mu ndamurabitabu Gusoma yasozereye mu ncamake umugoroba wo ku wa 17 mukakaro 2025, aho indamurabitabu Gusoma yari yatunganije ubugira kabiri muri uyu mwaka isekeza ngarukamwaka « Curijambo ».

Nk’uko bishikirizwa na Jeanne d’arc Nduwayo umwanditsi w’umurundikazi, ngo hari amajambo agorana kuronkera insiguro mu kirundi cane cane mu mayagwa mandikano, ku buryo usanga no mu kiganiro umuntu yagiye aravanga indimi, bigasa nabi. Gucura amajambo akoreshwa mu bisata bitandukanye bikazokwunganira bimwe biboneka mu mvugo y’ikirundi nk’uko abishikiriza.
Yagiriyeko atanga akarorero k’amajambo agoye kuronkera insiguro mu kirundi, ari nayo yaciye acurwa ku mugoroba w’ejo. Nayo ni aya :

  • Le narrateur: umubaramugani
  • Le roman: inganamugani
  • Romancier: umwanditsi w’inganamugani
  • Poésie : ishembamvugo
  • Poème : inshembamvugo
  • Poète : umushembamvugo
  • Essai : amayagwa nkenguzi
  • Essayiste : umukenguzi
  • Pièce de théâtre : Igikino mbaramico (bivuye mu rivuga « kubara » risigura « kuyaga », « kudondora »)
  • Théâtre : Ikiniro ry’imbaramico
Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top