Kuri uyu wa 10 Mukakaro 2025, hacuzwe amajambo 9 mu kirundi yiyongera ku yandi 5 yacuzwe mu mwaka uheze mu kigo c’indamurabitabu Gusoma, mwisekeza ngarukamwaka ritegurwa n’ico kigo gifadikanije n’ikinyamakuru Jimbere Magazine mu ntumbero yo guterera agacumu k’ubumwe mu bijanye no kwongereza amajambo yoshirwa muri kazinduzi y’ikirundi
Iryo sekeza rero ryuguruwe kuri uyu wa 10 Mukakaro ku ncuro igira kabiri ryatanguriye mu gisata c’Ubutungane. Umushingwamanza Simon Sibomana yari umutumire akaba yasavye ko mu majambo yocurwa yoba yerekeye intumbero abantu bashobora gufata mu gutatura amatati asanzwe akoreshwa mu gifaransa ariko agorana kuvuga mu kirundi.
Simon akaba yaciye atanga amajambo yocurwa muri iryo sekeza nka : arbitrage, arbitre, sentence arbitrale, conciliation na médiation.
Eka n’umuhinga mu vy’amategeko Arnaud Irakoze, umutumire muri iryo sekeza nawe nyene yasavye ko mu gisata c’ubutungane hocurwa n’amajambo akoreshwa mu bijanye n’ingene ihindagurika rituma ubutungane n’uburenganzira bw’akiremwa muntu bumwebumwe buhungabana.
Uyo muhinga akaba yaciye asaba ko hocurwa amajambo nka: justice climatique, déplacées climatique, équité, na solidarité internationale.
Ayo majambo yacuzwe …

Abakunzi b’ururimi rw’ikirundi bari bahari hamwe n’abahinga mu bijanye n’insorongorandimi (linguistiques) nka Ferdinand Mberamihigo na Joseph Mukubano abigisha muri kaminuza y’Uburundi bakaba baciye baza barafasha mu gutumbereza amajambo yaba ariko aracurwa.
Ico cicaro (séance) c’ugucura amajambo kikaba cashitse kuri aya majambo mashasha atahora afise ukwo avugwa mu kirundi :
- Arbitrage : ugutatura
- Arbitre : umuturwamatati
- Sentence arbitrale : ingingo ntatuzi
- Conciliation : ukwumvikanisha
- Médiation : uguhuza
- Justice climatique : ubutungane nzirikanabihe
- Déplacés climatiques : abatekejwe n’ibihe
- Équité : ububeranya
- Solidarité internationale : ugushigikirana mpuzamakungu
Amera nk’uwishura uwari abajije ko ayo majambo acuzwe aca yemezwa mu rwego nshingwakirundi, Ferdinand Mberamihigo ati : « Iyemerwa ry’amajambo ni ikoreshwa ryayo. »
Napoléon Ahishakiye yari ahagarariye ico gikorwa asanzwe akora mu ndamirabitabu Gusoma akaba yamenyesheje ko hampande y’amajambo 9 ahejeje gucurwa, mu mwaka uheze hari hacuzwe amajambo 5 mu gisata c’ubutungane. Agira ati : « Yose hamwe abaye amajambo 14 yahora avugwa mu gifaransa ariko ubu yatorewe ingene yokoreshwa mu kirundi. »
Akaba yaciye asaba abamenyeshamakuru n’abandi bari aho kuyakoresha kugira atsimbatare mu mvugo n’ibiyago vya buri munsi. Kandi amenyesha ko ayo majambo bazoca bayashikiriza urwego nshingwakirundi kugira bayigeko, basanze abereye ashirwe muri kazinduzi y’ikirundi.




