Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Ubwo kwambara ubudede mu nda vyerekana uwidandaza umubiri canke ni ugushaza ?

Ukwambara ibidede mu nda ku bakenyezi canke ku bigeme ntibibonwa kumwe kuri bose. Bamwe ngo ni ubushirasoni kuko vyerekana ko ababwambara bidandaza umubiri abandi nabo bakavuga ko ari ugushaza nukugumya imico yabakurambere. Wewe nawe ubibona gute?

Nari niyicariye mu kabare ndiko ndifatira agacupa n’abagenzi. Umwe mu bo twari kumwe akaguma avugana n’umukunzi wiwe amurangira aho twicaye ngo aze babe barateramanye, batera ryarenga. Nya mukobwa ntiyatevye gushika: imishatsi miremire igwa mu bitugu, ahasanzwe ingohe hamoye yahasubirije akarongo kirangi ry’iribura, agapira k’ukuboko kumwe kagera hejuru y’umukondo, ipataro ibohesheje umukanda, ibidede yambaye mu nda biri hejuru.

Erega tukibona uyo mukobwa twatanguye kurabana. Mu gihe jewe nabona haje umusirimu, umwe mu bo turi kumwe numva ambwiye ngo wabonye ko umugenzi wacu asumye? Abonye ntatahuye ivyo ambwiye yanyeretse ibidede uyo mukobwa yambaye mu nda. Aca avuga ngo: « Abakobwa bambara ibidede mu nda co kimwe nabambara ubuyeye ku maguru baba bidandaza umubiri». Eka hari n’uwaciye amwunganira avuga ko adashobora kuresha umukobwa yambara ubudede mu nda kuko ngo «aba ari ishirasoni ».  

Ngize ngo ntirimutse ikirahure canje, niho umukobwa yari yicaye hirya yacu yariko arumva ivyo tuvuga numva agize ati: « Ntiwumve ivyo abo bagenzi bawe bavuga, kwambara ubudede bwo mu nda nta bushirasoni burimwo, nta nubuhumbu vyerekana. Ubudede ni nkimigufu abantu bambara mwizosi no ku maboko, canke isaha. Ni ugushaza mu bindi. Bitayeko, aho hambere n’abamikazi barabwambara mu nda bagashaza ».

N.A umwe mu bakurambere akomoka mu Kirundo ariko aba mu gisagara ca Bujumbura avuga ko ibidede ari bimwe mu bikoresho bakoresha aho hambere mu gushaza, kandi vyambarwa n’abakenyezi. Agira ati: « Bavuga ko bamwe bamwe vyatuma umugabo wiwe amushikiriye amwiyumvamwo mu gihe bagira barangure amabanga y’abubatse kuko yabanza gukorakora nya bidede».

Yabandanije amenyesha ko ingorane ishobora kuhaba ari abantu badashobora gutandukanya uko kuvyambara k’uno munsi hamwe no kuvyambara kw’aho hambere. Agira ati: « Ikibazo ntikiri ku Bambara ubudede ahubwo kiri ku babona ababwambaye. Ariko gushaza n’umuntu ni amahitamwo yiwe. Ntaho bihuriye no kwidandaza nk’uko benshi bakunze kubivuga. Ahubwo ni uburyo bwo gushaza bwamyeho mu mico yabarundi kuva aho hambere kuri ba sogokuru n’aba sogokuruza. Mbere hariho n’abavyambika abana babakobwa bakiri bato. »

Iki gisomwa canditswe na Emmanuel Ndagijimana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top