Haraciye imyaka ibiri amakoperative matomato 28 hamwe n’amashirahamwe atatu asubiriye kwimba inzahabu mu misozi yababa cumi muri komine Butihinda, mu ntara ya Muyinga. Ivyo bibaye mu gihe Uburundi buheruka gushiraho itegeko rishasha rishinga ibijanye no gucukura ubutare.

Nk’uko bivugwa n’abimba barondera inzahabu bari muri koperative « Dusabikanye Kamara 3 », ngo bikorwa mu bice bikuru bikuru bine.
Hatangura kwimba umusozi: nko mur’iyo koperative, batanguye kwimba haciye imyaka ibiri. Abakozi 30 barimba mu kinogo gifise imetero zirenga 20 uja mu kuzimu, bakamanuka ku ngazi ndende mu buhinga bwo kwikingira amasangaya.
Mur’ico kinogo cagutse, harimwo imbaho zikinga ibinonko, amabuye canke ivu vyoshungurukira ku bariko bimba munsi cane mu binogo.
Bahejeje kwimba, bashira ivu mu cuma gisya amabuye n’ivu (concasseur).
Inyuma yaho, rya vu n’amabuye birayungururwa, ubwambere hakoreshejwe amazi acishwa mu kidobo. Amazi avuyemwo, agacishwa kubibaho bita « ibibangara » bishasheko isume zifasha kugumana utubuye dutoduto tuba turimwo inzahabu.
Ubwanyuma bakayungurura twatubuye duto duto cane maze inzahabu zikaboneka.
Hari icizere
Jean Ntihabose, icegera c’uwuyoboye iyo koperative « Dusabikanye Kamara 3 », avuga ko batanguje imiriyoni 300. N’ubwo adatanga ingene mwimbu ungana ku kwezi, ngo « ikibonetse cose dushora mw »Ibanki nkuru y’igihugu. Maze mu mafranga abonetse, ibice 30% koperative ikabitanga muri Reta, ayandi asigaye bakayahemba abakozi bakagura ibikoresho. »
Musitanteri wa komine Butihinda avuga ko mur’iyo komine hari amakoperative 28 n’ayandi mashirahamwe manini manini 3 mu kwimba inzahabu, akaba akwiragiye ku mitumba itandukanye yo mur’iyo komine. Yasubiriye gukora mu 2023, inyuma y’aho Reta iharikiye ivyo gucukura ubutare mu Burundi mu 2021, kugira isubiremwo amasezerano agenga gucukura ubutare mu gihugu « ku nyungu z’abenegihugu. »
Ugusubira kwimbwa kw’inzahabu kukaba gutuma abandandaza ibinyobwa n’ibifungurwa, abari mu vy’ingenzi, eka n’abakora ubuzi butandukanye bagira icizere ko Kamaramagambo ya kera aho ubutunzi bwaboneka cane, igiye gusubira kugaruka.




