Jimbere

ikirundi French English
INDERO

« Mu Burundi, ibice 5% vy’abanyeshure nibo baja muri za kaminuza »

Pr Joseph Ndayisaba

Ivyo bishikirizwa na Joseph Ndayisaba yahoze ari Umushikiranganji w’indero, akaba n’umwigisha muri kaminuza y’Uburundi kuri uyu wa 11 Munyonyo 2024, igihe Kaminuza y’Uburundi yahimbaza imyaka 60 imaze mbere bugurura n’umwaka mushasha.

« Urugero rw’abanyeshure biga za kaminuza ni ruto cane mu Burundi ugereranije n’ibindi bihugu aho ibice 5% aribo baja mu makaminuza ni mu gihe mu bihugu nka Korea y’epfo na Singapour usanga ari ibice 100%. » Nk’uko abandanya abishikiriza, Pr Joseph Ndayisaba ati Kaminuza y’Uburundi ifise ingorane zitari nke uhereye ku bukene bw’abigisha aho benshi mu bari barungitswe kwiga mu makungu batagarutse. Iyindi ngorane igisata c’indero gifise ngo ni imigambi Reta yishinze ariko ugasanga ntirangutse bishemeye kubera uburyo ari buke.

Agira ati: « Reta niyaba ishaka ko igisata c’indero gitera imbere, niyemere ishiremwo uburyo bukwiye. Amahera ikoresha muri ico gisata ntashika na 2% ku mwaka. Ayo mahera ntashobora gukora ibikenewe vyose nko kugura ibikoresho vyo muri laboratoire, ivyo mu buhinga bwa none n’ibindi vyose bisabwa kugira ngo habe indero y’akanovera. »

Kubwa Joseph Bigirimana arongoye urwego nshingwantwaro rwa kaminuza y’Uburundi, ubwinshi bw’abanyeshure bagiye barahurumbira kaminuza y’Ububurundi biri mu ntambamyi iyo kaminuza yagize n’aho yashoboye guhangana n’ico kibazo ariko kandi bisaba umuntu wese ashiremwo inguvu abanyeshure hamwe n’abakozi bayo bakamenya ko kazoza kayo gashimikiye kuri bo.

« Hari intambwe yashitsweko »

Dr Audace Manirambona, arongoye Kaminuza y’Uburundi, ariko araraba ibicapo vya kera

Nayo Dr Audace Manirambona arongoye Kaminuza y’Uburundi akagira ati: « Kaminuza y’Uburundi yarateye intambwe gose, harashizweho ivyigwa birenga 30 vy’igice ca kabiri c’amashure ya kaminuza (Master), harajaho n’igice ca gatatu c’amashure ya kaminuza (doctorat) hakaba hamaze gusohoka imirwi itandatu, hajaho kandi n’ibigo bibiri vyiyongera ku vyari bihari i Nyamugerera n’i Buhumuza. Kaminuza y’Uburundi ibandanya yibanda cane mu kuronsa ubuzi bamwe mu banyeshure yaramuye biciye mu migambi myinshi iriko irarangura. »

Amenyesha kandi ko Kaminuza y’Uburundi ibandanya ikora uko ishoboye mu guha akanovera ubuhinga mu gushira mu ngiro imigambi y’igihugu iri mu mbonakazoza y’igihugu cifashe mu 2040 n’igihugu giteye imbere mu 2060

Zacharie Miburo yaserukiye Ubushikiranganji bw’Indero nawe ati: « Kaminuza y’Uburundi yavuye ku banyeshure 100 mu 1964 biga mu bisata bitatu gusa ubu ifise abanyeshure barenga 20.000, ibisata 16, n’inyigisho zibiri z’inyuma y’amashure ya kaminuza. Inyuma yaho haciye hiyongerako n’ayandi ma kaminuza yegukira inzego (Igisoda, Igiporisi,…) hamwe n’ayigenga. Iyi ndwi rero ni akaryo ko kwirimbura haba mu nyigisho, mu bushakashatsi no mu kibano kugira itere imbere« 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top