Mu gihe bamwe mu bigisha bavuga ko iyo bari mu kazi kabo ka minsi yose ko kwigisha hari amajambo yo mu zindi ndimi abagora kwigisha mu Kirundi, mw’isekeza ngarukamwaka Curijambo ryo kuri uyu wa 22 Myandagaro 2024, hari haramukiwe igisata c’indero

Amajambo atorwa muri iryo sekeza akaba ari mu ntumbero y’ukworohereza abakoresha ururimi rw’ikirundi mu bikorwa vya minsi yose ngo boye kugorwa n’uko bavuga ivyo bipfuza ku mwanya nyawo, nk’uko vyashikirijwe na Ahishakiye mu gihe yariko araha ikaze abakunzi b’ikirundi.
Joseph Mukubano, n’akanyamuneza kenshi ati: “Jewe ndi umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi. Wanashaka burya jewe nize kwigisha. Iyo ndiko ndigisha ndahura n’intambamyi yuko hari amajambo yo mu zindi ndimi nsanga bitoroshe kuyashira mu Kirundi bivanye n’inyubako y’iyo yaje ava. Rero ducure amajambo, ayacuritse tuyacurure. Dutorere umuti iyo ngorane yo kubura uko tuvuga ivyacu mu rurimi rwacu.”
Amera nk’uwerekana ko igikorwa co gutora amajambo badafise mu gisata c’indero ari kirumara, Umwigisha Mukubano avuga ko mu gucura amajambo ahanini bisunga uko ijambo rishobora gutahurwa n’abaryumva bivanye n’aho rikoreshwa. Akaba yaciye yibutsa ko ijambo batora ryokoreshwa mu gisata c’indero ryoshobora no gukoreshwa mu kindi gisata kandi ataco vyoba bitwaye naho ryohindura insiguro. Ati: “Insiguro y’ijambo ntiyama ari imwe aho rikoreshejwe hose, rishobora kugira insiguro nyinshi bivanye n’ivyo iryo jambo ririko rirakoreshwamwo.”
Ururimi ni umwumvikano…
Umwigisga Ferdinand Mberamihigo yagiyeko amwunganira, ati gucura amajambo ntibayarabira mw’ishusho y’iyo ayo majambo bagire bacure yavuye. Ahibambewe. Ahubwo ngo bayarabisha amaso y’iyo ba nyene kuyacura baherereye. Mu kibano. Bakayatora bisunze uko babona kandi batahura uko ico kintu kimeze maze bagaca bisunga n’imico ibagenga. Ati: “Iyo ijambo mwumvikanye aho muzorikoresha, mugatako mukarikoresha ryanduruka ritsimbatara.”
Ariko naho biri uko, Mberamihigo aragwa akagaruka, maze akavuga ko naho ururimi ari umwumvikano w’abantu, hari igihe abantu bumvikana gukoresha ijambo batoye ariko ugasanga bahushije inzira y’inyubako yaryo. Uko bashaka kubivuga mu Kirundi, ikirundi kikavyanka. Amera nk’uwutanga akarorero, agira ati: “Mu Kirundi tuzi ko umurozi ari umuntu aroga. Umusomyi na we ni umuntu akunda gusoma. Umwanditsi ni umuntu yandika, ariko umusuzi, ikirundi nticemera ko ari umuntu akunda gusura. N’ubwo mwovyumvikana ko umusuzi ari umuntu asura ikirundi ntikivyemera gica canka kuko gisanzwe kizwi aho gikoreshwa.”
Rero, mu gisata c’indero, mu cicaro co kwumvikana ku majambo amwe amwe yoba arakoreshwa mu Kirundi ariko atari afise uko avugwa, habaye haratorwa ayashika umunani. Na yo ni:
- Littérature orale : amayagwa nyuramvugo
- Poésie : inshembamvugo
- Bulletin : indangamanota
- Diplôme : rwemeza
- Bourse : insahirizi
- Faculté : iramuriro
- Département : igisata
- Session: icicaro
Abakunzi b’ikirundi bari aho bose bishimiye igikorwa cakozwe. Uwo ari we wese akanezerezwa n’intererano yagiye aratanga, mbere bakaba basavye ko ayo majambo yoca atangura kuza arakoreshwa, Abarundi batangure kuyamenyera.
Mukubano ati: “Burya amajambo aravuka, arakura kandi iyo adakoreshejwe arapfa. Muze dutangure gukoresha ayo tumaze gucura. Abanditsi, bayandike mu bitabu abantu bayasome, abamenyeshamakuru bayavuge bongere bayandike. Tuyamenyekanishe.”
Roland Rugero, umwanditsi akaba n’umuyobozi w’ikinyamakuru Jimbere Magazine yamenyesheje ko iri sekeza ryo gucura amajambo ni ryahera hakaboneka amajambo amwe amwe atari asanzwe ahari mu Kirundi ariko yakoreshwa mu zindi ndimi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, hazobaho akaryo ko kwicarana n’abamenyeshamakuru bazoba babikeneye, bashikirizwe amajambo yacuzwe, gutyo batangure kuyakoresha. Ati: “Tuzoca dutanguza n’ihiganwa ryo kwandika mu Kirundi ku bantu bavyipfuza bose, aho uwuzoshobora kwandika ibisomwa binoboye harimwo amajambo yose yacuriwe muri iri sekeza azoca atahukana agashimwe.”




