Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Burundi : ibitigiri vy’abakenyezi bashengera bariko baribaruka bitera bigabanuka…

©️Vincent Tremeau,World Bank

Igenekerezo rya 5 Rusama buri mwaka ni umunsi wahariwe abanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza. Uwo munsi ushitse mu gihe ibiharuro vyerekana ko mu Burundi ibitigiri vy’abakenyezi bitaba Imana bariko baribaruka bigenda biragabanuka. Hafatiwe ku bakenyezi 100.000 bibaruka, ibitigiri vy’abitaba Imana bariko baribaruka vyavuye ku 500 muri 2010 bija ku 267 mu 2023. Ihangaro rya Reta ni uko mu 2030 abitaba Imana mu bihe vyo kwibaruka batorenga 140 ku 100.000 boba bibarutse, nk’uko biri mu cegeranyo c’ivyakozwe n’amavuriro mu gisata c’amagara y’abantu mu Burundi 2022

Harushimana Augustin arongoye ishirahamwe MAA Vyaruheke

Harushimana Augustin yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza akaba anarongoye ishirahamwe MAA Vyaruheke, avuga ko kugira ngo uburundi bushike kuri iryo hangiro ari uko hoboneka abanonosoye ivyerekeye uwo mwuga benshi kandi bagahabwa akazi kugira bitwararike amagara y’abavyeyi n’ibibondo, kandi hakagwizwa ku mavuriro yose ibikoresho bikoreshwa mu gihe co kwakira abavyeyi bibaruka.

Harushimana anamenyesha ko na bake banonosoye uyo mwuga bahari ata kazi bafise. Avuga ko abarenga ibihumbi bibiri bize ivyo kwakira abavyeyi batagira aho barangurira uwo murimo kuko usanga uburyo bw’ibitaro ari buke ngo bushobore no kubaronsa ibiraka mu kurindira ko Reta ibaha akazi.

Abavyeyi bibaruka bokwijukira kwitura amavuriro…

Bernadette Nkanira arongoye ishirahamwe ry’abanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza mu Burundi ABUSAFE, avuga ko muri iryo shirahamwe bahanahana ubumenyi, mu bijanye no kwakira. Bano, ngo baritanga cane bakarahura n’ubumenyi mu bindi bihugu ngo bamenye uko ahandi uwo mwuga uriko uratera imbere, nabo barabireho akarorero.

Bernadette Nkanira arongoye ABUSAFE

Kubw’iwe ngo gufasha umuvyeyi gutanga ubuzima bitanga akanyamuneza. Arahimiriza cane ngo abavyeyi bapimishe imbanyi kare, kandi bakurikize impanuro bahabwa na muganga kugira bakingire amagara yabo n’ay’ibibondo bibungenze, bibaruke ata nkomanzi. Ikindi ngo ingwara zo mu kigo zibonekeza cane bivuye ku kuntu umuvyeyi amara umwanya munini ku rwahi, ku gise, akibaruka yarushe cane, amagara yiwe akahasinzikarira.

Abona ko umukenyezi yakurikiranye imbanyi yiwe kuva mu ntango n’imiburiburi incuro 8, amenya n’igihe nyaco co kuja kwa muganga adacerewe, gutyo akaba akingiye umuryango wiwe. Ari naho abahimiriza kuja kwa muganga kare ku neza y’umuryango.

Aratera akamo abanyeshure baheza ngo bige ku bwinshi uwo mwuga. Akagirako atera akamo reta kwitwararika abanyeshure baminuza muri ico gisata, ikabaha ubuzi kugira ngo amagara y’umuvyeyi n’umwana akingirwe bihagije, cane cane muri iki gihe abakirizi bahejeje amashure barenga 2000 batararonswa ubuzi mu gihe umwuga bawunonosoye.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top