Mu gihe himirije amatora y’umukuru w’igihugu azoba mu 2025, Tanzaniya irazirikana iragi ry’uwahoze arongoye ico gihugu, umuhisi John Pombe Magufuli
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru » The Conversation » ngo haheze imyaka itatu igihugu ca Tanzaniya kibuze umurongozi yagitwara. Ngo n’aho umukuru w’igihugu Samia Sururhu Hassan yahinduye isura y’ico gihugu, ngo ariko Tanzaniya iracoga kw’iragi rya Magufuli yahoze agitwara kuva mu mwaka wa 2015.
Nk’uko ico kinyamakuru kibandanya kivyandika, uyo Pombe Magufuli mu kiringo ciwe, ngo nti yihanganira abo batavuga rumwe mu vya politique. Ariko ngo n’aho yatwaza umukazo, yaragize aho agejeje igihugu mu bijanye n’iterambere, kandi yarakaburira abakozi ba Reta kwitwararika kubungabunga ubutunzi bw’igihugu. Muri ino minsi rero bariko baribuka imyaka 3 irangiye uwo murongozi ashengeye, ngo abanya Tanzaniya barakwiye kuzirikana ku ndongozi zifatira akarorero ku vyiza vyakozwe n’uwo mukuru w’igihugu.
Mu gihugu c’Urwanda niho icicaro c’ikigega ca Afirika kijejwe guteza imbere urudandaza (Fond de développement des exportations) FEDA kibarizwa
Nk’uko tubibona mu binyamakuru bitandukanye nka Le 360 Afrique,igihugu c’Urwanda muri Afirika nzima cabaye ica mbere mu kwinjira muri ico kigega cashizweho n’ibanki mu mwaka wa 2019.
Umushikiranganji wa mbere w’Urwanda Édouard Ngirente akamenyesha ko Urwanda rwiyemeje guteza imbere guhanahana ibidandazwa muri Afirika. Amenyesha y’uko akunguko ari kanini ku Rwanda kuva rwinjiye muri ico kigega: » ico kigega caje gutorera inyishu ibibazo bihanze ubutunzi muri Afirika: izo na zo ni ukuntu muri Afirika usanga hari ukutuzuzanya mu guhana ibidandazwa(complémentarité), kuba hari bimwe bidakorerwa muri Afirika, uburyo buke bwo kurwiza umwimbu hamwe n’inyubakwa nkenerwa zidateye imbere. » Mwomenya ko ico kigega cegukira ibanki ya Afirika ijejwe guteza imbere urudandaza rwa Afirika (Afreximbank) nayo ibihugu birenga 15 vya Afirika akaba ari vyo bimaze gushira imitahe muri ico kigega.
RDCongo mashirahamwe yigenga aratewe umutima uhagaze n’abantu bagizwe n’urwaruka bitwaza ibigwanisho bicira umuriro ukuri kwamye mu gisagara ca Goma
Nk’uko tubishikirizwa n’ikinyamakuru Politico news, ayo mashirahamwe ahurikiye mu runani rwabaharanira agateka k’abagendana agahinda FDAPID amenyesha ko ahangayikishijwe n’ukuntu abantu basanzwe bitwaje ibigwanisho bicira umuriro, bambaye imyambaro ya gisirikare kandi batajejwe umutekano baguma biyerereza mu makaritiye ya Mugunga, Ndosho, na Lac Vert zo muri Komine ya Kalisimbi. Biri ukwo mu gihe mu rugamba rwo kurwanya M23 igisirikare ca RDCongo gifashwa n’urwaruka rwitwa « Wazalendo », na rwo rukaba rwarahawe ibirwanisho.
Ivyo ngo biratuma umutekano uhungabana kuko bisigaye bigoye gutandukanya abasuma b’abicanyi hamwe n’abajejwe umutekano. Ni mu gihe hamaze kwicwa abantu barenga 23 kuva mu kwezi kwa Nzero uyu mwaka turimwo.
Vicar Batundi aserukira ayo mashirahamwe yagize ati: “ Turatewe umutima uhagaze n’ukuntu abarongoye igihugu bariko barafata minenerwe ikibazo c’abantu bihaye kuza baratemberana ibirwanisho ukuri kwamye, kandi mubona na kano karere aho kabangamiwe n’umuhari urwana wa M23”.
Agasaba abarongoye igihugu, ko bokwikubita agashi bakagarukira umutekano w’abanyagihugu.
Mu gihugu ca Ouganda, ibikorwa vyo kwitegurira amatora yo mu 2026 babona ko vyacerewe.
Mu gihe igihugu ca Ouganda kizogira amatora y’umukuru w’igihugu mu 2026, uwurongoye umwugwi w’abashingamateka ujejwe ibibazo vy’amategeko hamwe n’ivy’amatora basaba Reta ya Ouganda guha imiriyaridi zirenga 756 z’amashilingi umwugwi ujejwe gutunganya amatora kugira ngo ukore ibikorwa ningoga hisunzwe indinganizo wahawe.
Robina Rwankoojo arongoye uwo mugwi, mu cegeranyo yahaye abashingamateka yagize ati: Biragaragara ko intambwe z’ibikorwa vyo kwitegurira amatora bikurikirana kimwe kimwe. Bivuze y’uko kimwe gicerewe, ibindi vyose biba bihungabanye ». Uwo mutegetsi hamwe n’abandi bashingamateka bagasaba Reta kwongerako amafaranga arenga imiriyaridi 11 kugira ngo agashahara k’abakozi b’umugwi ujejwe gutegura amatora kiyongere, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru UBC
Mu gihugu ca Kenya, ukutabungabunga amafaranga y’igihugu kwoba arikwo gutera ingorane zatumye abaganga baja muri yegereyegere
Nk’uko tubikensha ikinyamakuru Citizen digital, umushingamateka w’umukenyezi yatowe mu karere ka Dagoretti mu buraruko bw’igihugu ca Kenya, aranegura ukuntu amafaranga y’igihugu asesagurwa akanasahurwa, ibituma ubuzima bw’igihugu ca Kenya buhungabana. Avuga ati: » Birazwi ko ata kindi gihugu co mu karere ka Afirika y’ubuseruko gisumvya amafaranga Kenya. Ariko birababaje kubona ayo mafaranga y’igihugu agenda amazimayongo maze bigashika n’aho abakozi ba Reta bakora bitanga nk’abaganga bataronswa ivyo bakeneye.”
Ivyo yabivuze inyuma yaho ivyegeranyo vy’abajejwe gusuzuma uko amafaranga akoreshwa n’inzego za Reta vyerekanye imiriyaridi zirenga 33 zagiye amazimayongo mu turere turenga 6.
Mwomenya ko iyi ndwi igira 5 abaganga bo muri ico gihugu barahagaritse akazi mari muri yegereyegere, basaba ko bohabwa agashahara gakwiye kandi bakoroherezwa mu kazi kabo.
Iyi nkuru yanditswe na Elysée Niyontoranwa yakurikiranye umwuga wo kumenyesha amakuru muri kaminuza y’Uburundi, yimenyereza mu ruganda rwa Jimbere




