Kuri uyu wa 8 Ntwarante 2024 i Gitega, hari haramutse hahimbazwa umunsi mukuru wahariwe agateka k’abakenyezi. Mu gihe Uburundi bwari bwifadikanije n’amakungu mu guhimbaza uwo munsi mukuru, umukuru w’igihugu c’Uburundi yarashikirije ijambo ryo gushima hamwe no gukebura. Iryo jambo n’iri rikurikira.
Imbere ya vyose, nagira ndabasabe munyihanganire kuko maze iminsi mvuga ibintu bitirimutsa imitima ya bamwe bamwe, ivyo maze iminsi mvuga kandi nkoramutima mugabo bigatirimutsa abantu hariho: kugwanya ba kaboko n’abarya ibiturire kandi hariho abantu agatoke kamenyereye gukomba kaguma gahese, iyo ndabivuze abantu baratirimuka ; hariho ikibazo nama mvuga kijanye n’isuku, kandi hariho abantu bikundira kwibera mu mwavu, abo nabo birabatirimutsa. Hariho ikibazo nama mvuga co kugwanya ubunebwe kandi hari abamenyereye kurya batarinze kuruha, abo baratirimuka ; hariho n’ikibazo co kugwanya amacakubiri no gukumikirana kandi hariho abamenyereye gukamisha ivy’amoko n’ibitsina. Uno munsi rero ndashaka y’uko tuvuga umukenyezi mw’iterambere ariko ntibiza kubuza ko tuvuga ku bibazo bimwe bimwe bisanzwe bihanze ubuzima bw’igihugu.
Ngaha mu gihugu cacu rero, ikibazo c’abagabo n’abakenyezi nticigeze kiba ingorane muri kahise kacu kuko mu mico n’imigenzo yacu bari bazi kubitunganya neza. Nimba umukenyezi batamushira mu ntwaramiheto ngo aje ku rugamba, ntikwari uko bashaka kumukumira ahubwo utohoje neza usanga kwari ukumukingira. None uri umuntu w’ubuntu wofata umukenyezi afise uruhinja mu mugongo ukamujana ku rugamba ? Burya uri umuntu w’ubuntu wofata umukenyezi ari mu gihe c’ubutinyanka, hanyuma ukamujana mu rugamba kandi muzi ko kirya gihe vyabagora cane ? Uko imico n’imigenzo yagiye iratituka mu gihugu cacu imiryango ikaza irasambuka, niko ikibazo c’abakenyezi cagiye kirigaragaza. Mbere kiraturaza ishinga kugira turondere kazoza k’umukenyezi. N’ubu ndabizi ko urugo rwubakiye ku mico myiza n’ijambo ry’Imana ata ngorane rwigera rugira.
Ugiye kuraba mw’ijambo ry’ Imana, turabona y’uko Imana yari yaragabishije amahanga yose. Ikababwira iti : « Nihagira ko mwitorera umwami, ntimuze mutore umunyamahanga muratora umwe muri mwebwe kuko iyo murongowe n’uwo mudasangiye imico n’imigenzo, nta kindi kiba atari uko asambura imico n’imigenzo mwari mufise. » Natwe ngaha mu Burundi kuva igihe twarongorwa na bakavantara, niko imico n’imigenzo y’Abarundi yagiye iratituka. Niho rero habaye itituka ry’itunganywa ry’intwaro aho umengo uburongozi ntibukiri imitwaro ahubwo umengo ni ubuhirwe. Mbere, kubera nyene uko gutituka k’uburongozi, no kuba patiri umengo kuba patiri mukuru w’iparuwase ntibikiri ubuvyeyi nico gituma n’abakenyezi bashaka kuba ba patiri, kubera hari akarusho ubaye patiri mukuru uca uronka. Ni ukuvuga y’uko iyo migenzo yadutituye mu bitari bike. Rero ico nosaba n’uko mu Burundi bwacu, nitwaba dushaka gutera imbere, twotangura ubwa mbere na mbere kutarondera amatati aho atari ; kuko ubu umengo dushaka kubaho nka kavantara. Umukenyezi w’umuzungu i Buraya niyaba amerewe nabi umunyafrika aca avuga ngo nawe amerewe nabi. Ariko nagira ndababwire kugira twubakire ku mico dushake dufate akarorero aha nyene : genda mutohoze kw’isi yose mubaze abo muri Aziya, mubaze abari i Buraya, mubaze abo muri Amerika, muza gusanga ata handi atari muri Afrika kuri stade abantu bakoranye nk’aba kandi uyu munsi duhimbaza aribo bari babuze agateka mu gihugu cabo.
Mu Burundi umukenyezi yamanye agateka kuko niwe yabazwa ivy’umuryango, niwe yari inomero ya kabiri mu muryango, umukenyezi ni inarugo, umuzezwanzu kuva kera narindi vyari biruko. Rero uyu munsi duhimbaje ni umunsi nivyo twibutse urugamba abakenyezi bagize kugira ngo agateka kabo kubahirizwe, ariko dusubiye inyuma dusomye mu bitabo vy’ijambo ry’Imana dusanga cane cane bose bahurizako iciyumviro c’uko Imana yaremye umugabo n’umugore bafise agateka kandi ari magiriranire mu buzima bw’umuryango. Uno munsi kubera dushaka gucurika ibintu, aho kuvuga y’uko abantu bose bangana imbere y’amategeko, duca tuvuga tuti « Umugabo n’umugore barangana », ivyo bintu mwumva bisa ? Aho kuvuga ko abantu bose barangana imbere y’amategeko ntawuruta uwundi, mugabo tuca tuvuga ngo umugabo n’umugore barangana. Ivyo rero je ndabifata ko ari umugambi wo gusambura imiryango kandi tuzi y’uko igihugu icarico cose cubakirwa ku muryango. None umuryango utagira umukuru n’umuto, uwo muryango wobaho gute ? Nta shirahamwe na rimwe ndigera mbona rirama ritagira umukuru n’umuto, ritagira icegera no kubandanya. Mugabo twebwe baza kutwigisha ngo umugore n’umugabo barangana kugira ngo mu muryango ntihaboneke umukuru.
Umubano rero mu bwuzure bw’umugabo n’umugore, ni ikintu gisanzwe mbere atawurinda kugiharanira kuko gisanzwe ari uko nyene kimeze. Ngaha iwacu twakuze twumva ko umukenyezi ari inarugo, ko umukenyezi ari umuzezwanzu, aha nyene tuca twumva ko umukenyezi afise uruhara rudasanzwe mu buzima bw’umuryango. Ngaha iwacu ibintu vyagiye guhindura ishusho igihe umukoroni aziye agaheza akadutsindagiramwo imigenzo yiwe tutari dusangiye.
Imana ikirema umukenyezi yari yamuhaye ubutumwa bwo kuba umufasha w’umugabo, ari naco gituma hari impore mu miryango. Bagabo rero n’abakenyezi mubimenye neza : umugabo n’umugore ni magiriranire, umugore arafise uburenganzira ku vy’umugabo wiwe nk’uko umugabo afise uburenganzira kuvy’umugore wiwe. Nico gituma mbere urugo arirwo nshingiro rya mbere ry’igihugu, nk’uko biri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Umugabo n’umugore wiwe bagize umwe nk’uko umuryango ari umwe.
Uyu mwaka duhuriye muri iri koraniro ry’abakenyezi kugira ngo dukeze uburenganzira bw’umukenyezi mugabo tutibagiye no gushimangira ku vyo ategerezwa kuko nawe afise uruhara rukomeye mu buzima bw’igihugu. Uno munsi usanga Abarundi benshi bavuga ngo ni umunsi mukuru mpuzamakungu w’umukenyezi muga je mvuga nti: « Ni umunsi mpuzamakungu w’agateka k’umukenyezi » kandi ivyo bintu ntibisa. Twebwe ngaha iwacu rero kuri ivyo bijanye n’agateka duhiriwe duhishije, uko imico n’imigenzo yacu umukenyezi atigeze asigara inyuma. Ivyabaye canke ibiba mu ngo bihungabanya agateka k’umukenyezi ni icaha kitosasirwa indava.
Kuva kera narindi umukenyezi yamye ari umuntu w’ugukingirwa kuko yama afise vyinshi bimuhanze mu rugo. Nico gituma umukenyezi atajanwa ku rugamba, yihatira cane cane ku bikorwa biraba ubuzima bwo mu miryango. Ndabivuge ndabisubire umukenyezi mu rugo niwe inarugo ni umuzezwanzu, niwe abazwa ivyo mu nzu. Hariho abagabo batabitegera ivyo. Abagabo batabitegera bari bakwiye kuvyumva hanyuma nawe uwo mugabo akamenya y’uko ajejwe kuja guhiga ibitunga umuryango, ashitse agashikiriza umugore hanyuma inarugo akaba ariwe atunganya ibijanye n’itunga ryo mu muryango. Niko vyategerezwa kugenda. Ariko rero naho ar’uko vyategerezwa, umukenyezi aracafise ibibazo abona ko bimutera agatosi mu buzima bwiwe, ivyo turabizi. Kandi ivyo bibazo jewe ahanje ndabizi kandi ndabizirikana. Nico gituma mba nshaka uwubivugira ngaha kugira ngo abagabo bahari n’abakenyezi tuvyumve kumwe hanyuma tubitunganye neza kumwe. Ikibazo ca mbere kijanye n’ubuzima bw’umukenyezi mu muryango haba mu muryango yubatsemwo canke mu muryango yavuyemwo.
Ubwa mbere, mu muryango yavuyemwo, bavuga bati: « Ingo mama ugende iyo bagukoye », bobo bategera ko umwana bamusohoye yagiye, inkwano igasigura ikimenyetso gisigaye aho avuye. Nico gituma bagereranya umukobwa n’inka, bakavuga ko aho avuye hasigaye igihengeri ko none kugira bamutange, abamusavye babanza kuzibira ico gihengeri. No mu gusaba murazi ko bavuga bati: « Banza uhumbire ihumbi koko ushimike kugira ico gihengeri kivuye mu rugo ukizibire »
Ubwa kabiri, umuryango yubatsemwo kuva kera narindi umuhungu yubatse urwiwe akazana umucance wiwe, umuryango waba wungutse. Ngo umukobwa nawe ashitse ku gishimaryango ngo yaca adida akagere akavuga ati : « Ndahinjiye sinzohasohoka » aho ni mu migenzo yacu. Mu mico n’imigenzo y’Uburundi rero, umusore n’umwigeme bamaze kwubaka mu mategeko baca baronka uburenganzira bwo gusangira vyose atakirinze gusabwa. N’uno munsi umusore n’inkumi bubatse mu mategeko atari wewe ushatse kuvyanka, amategeko azwi y’uko umuhungu n’umukobwa baronka uburenganzira bwo gusangira vyose atakirinze gusabwa. Ndatangara cane iyo numvise k’umukenyezi apfakaye umuryango w’umugabo umucunaguza mbere bagashaka no kumunyaga ivyo umucance wiwe yamusigiye. Ni vy’ukuri mu mico yacu umugabo afise uburenganzira ku vyo umugore wiwe nk’uko umugore nyene afise uburenganzira budahera kuvy’umugabo mugihe cose atagiye kubaka ahandi. Ni nk’uko abana bavyaye bafise uburenganzira kuvyo abavyeyi bose bafise. Ntivyumvikana rero kandi ntaho ndumva urubanza barenganije umukenyezi ngo n’uko yapfakaye, bace bamwaka ivyo umugabo yarafise.
Amategeko y’Uburundi arakingira umukenyezi agiye kwubaka. Ivyo birakwiye kumenyekana kugira abantu bareke kwihenda baja kubiri n’imico n’imigenzo y’igihugu ari ryo banga ryaco. Imigenzo y’igihugu ni ryo banga ry’ico gihugu ritegerezwa gukurikizwa nk’itegeko. Mu nyubako y’igihugu c’Uburundi umwana atora umuryango wa se ntafata umuryango wa nyina. Bavuga ko umwana atorana ubwoko bwa se. Nico gituma bigorana ko umwana atorana i bunyina kuko aba atoranye mu wundi muryango. Niko k’ukwo, nta mugabo yokwitwaza ko yubakanye n’umukenyezi wiwe ngo ace aja gutorana ivy’umugore kwa sebukwe. Ivyo hariho abatabitegera ariko jewe ndavyumva ko ar’uko kubera umwana afata ubwoko bwa se. Iyo rero tuvuga ivyo gutorana, ni ukubanza kwihweza ivy’imico n’imigenzo. Mu bisanzwe nta na hamwe aba kera bigeze bavuga ko umukobwa adatorana kwa se ariko birafise ingingo ngenderwako.
Naragiye no kubisoma mu gitabo c’amategeko nsanga hariho abakobwa, se yapfuye ata muhungu yavyaye, abakobwa baca baja gusaba Musa bati none izina rya data rizimangane uko nyene ? Hanyuma Musa aca aja guhanuza Imana Igire ico Imubwiye. Imana yaramubwiye neza amategeko ajanye no gutorana. Iramubwira iti : « Umugabo apfuye atagira abahungu abakobwa biwe bamutoranako, umugabo apfuye ata bahungu n’abakobwa afise hatorana benewabo. Iyo apfuye ata benewabo afise, baja kurondera incuti ishika ». Ivyo vyose biri mw’ijambo ry’Imana. Tuze turamenya imico yacu twemere n’ivyo Imana idutegereza. Mw’ijambo ry’Imana rero, mbere burya ndababwire kugira muje kuryisomera. Murasoma mu gitabu co Guharura igice c’27 ku murongo w’8, niho muca mubitegera neza.
Ni nk’uko rero, mu bijanye n’amategeko yo gutorana mu Burundi. Umuvyeyi abishatse ashobora kuraga agaha intoranwa umwana yamukoreye iciza yaba umuhungu canke umukobwa, kandi muri ico gihe ntawumuvuguruza, kandi abandi bana ntaco barondera kuri iyo ntoranwa. Murumva ko umukobwa no mu migenzo y’ikirundi ntibibujijwe ko atorana. Umuvyeyi arashobora kumuha intoranwa kandi n’abandi bana ntaco baza kuvuga kuri iyo ntoranwa, ivyo birazwi mu migenzo y’ikirundi. Murumva y’uko rero n’umukobwa yari afise uburenganzira bwo gutorana mugabo hari amategeko bijana. Ico cigwa nibuka ko nakibasigaranye igihe nari ndi mu Rumonge ngo musigare muraciga, muragica hirya no hino kuko ubu mbona umenga ntimurampa inyishu, narinzi ko uwujejwe ihuriro ry’abakenyezi uno munsi aza kumbwira umuti mwatoye, ariko rero reka uno munsi ndagishiremwo ibirungo kuko nipfuza ko muzompa inyishu y’akanovera kuko nipfuza ko dutora inyishu n’ibibazo vyose dufise twabisuzumye neza tutihenda. Ko tuzi ko umukenyezi n’umugabo bahejeje kuragana imbere y’amategeko baba bavanganije amatungo, bishitse, bashitse muhira umukenyezi akitaba Imana umugabo wiwe yoronka uburenganzira bwo gutorana kwa sebukwe akaga hasi na baramuwe ? Ico ni ikibazo ca mbere. Ubwa kabiri : mbega bishitse naho abavyeyi uko ari babiri bakitaba Imana, abana babo barafise uburenganzira bwo kuja kugabura na ba inarume ?
Ica gatatu, mbere reka rero nshike kure ubu : nk’ubu bishitse nk’akarorero umukenyezi w’umujiji akubakana n’umuhungu w’umuhanza, hanyuma uwo mukenyezi agapfakara afise abana babiri, hanyuma hakaba uwundi mugabo w’umuhima akamwabira bakavyarana abandi bana babiri, hanyuma wa mugore agahava yitaba Imana, abobana 4, babiri b’abahanza na babiri b’abahima, bazoza gutorana mu Bajiji ?
Ivyo n’ibibazo ndiko ndababaza kugira ngo muzombwire inyishu. Eeeh, n’aho ndabahaye ubufindo bugoye, hariho ivyoroshe. Kugabura ibisigi bihera. Nk’imodoka, nk’inzu, nk’agatongo kamwe bubakamwo, umuntu atoshobora kumanyura, ivyo washaka biroroshe. Nico gituma kenshi muzosanga abahungu n’abakobwa bagabura iyo bagurishije imodoka, iyo bagurishije inzu yasizwe n’umuvyeyi canke iyo bagurishije agatongo karya bubakamwo inzu batomanyuriranira.
Aha twari mu miryango. Mwumvise ko nabahaye agakorwa mugiye gukora. Ubu ndabatomoreye ngira ngo murampa inyishu kuko ntivyari bitomoye neza. Ivyo bibazo ni vyo muzokwishura tuzoca tumenya ikibereye ku Burundi. Ntituze tugire ngo dukurikire ivy’abazungu, kuko abazungu benshi umwana atorana ubwoko bwa nyina barabidusiguriye neza kuko bagira ngo kugira bemere ko uri uwo mu muryango, n’uko babona neza uwo wavuyemwo. Ngo kuko umwana atoranye ubwoko bwa se, ngo ashobora kuba uyo mukenyezi yakuye umwana abatari mu muryango. Nico gituma bo babigize ukwo. Umukenyezi rero aca aja hejuru kuko murumva ko umwana atorana ivya nyina kuko ni ubwoko bwa nyina.
Ariko rero mu Burundi bwacu naho muvyibuke, mu gifaransa niho babivuga neza ngo « est présumé père de l’enfant, le mari de sa mère ». Abagabo ni gukekeranya mugabo baca bavuga bati : « Umugabo wa nyoko niwe so ». Kandi tukavyemera. Murumva ko imico n’imigenzo y’Uburundi ntaho isa isana n’imico n’imigenzo y’Abanyaburaya. Reka rero kuza murakurikira ivyo mutazi. Je novyita ko uba uriko witabira uruvyino utazi aho rwavyiniwe, utazi n’uwarukoze uwo ariwe.
Ikindi kibazo kibazwa n’abakenyezi, ni kugabura ivyicaro mu ntwaro y’igihugu. Ico kibazo kibazwa kubera haje umugenzo wo kubona ko ivy’igihugu ari nk’intango y’inzoga abantu bose basomako umusa. Twaratituye ibijanye n’uburongozi bw’igihugu indongozi zikabona ko zigiye gusoma umusa atari umutwaro. Umunsi twategereye ko uwugiye mu gisata c’uburongozi bw’igihugu azoba agiye gusukurira Abarundi, akumva y’uko ari umutwaro agiye kwikorera, ni uwo munsi indyane zo kugwanira ivyicaro zizohera. Ivyo navyo nyene vyazanywe na kavantara. Bafashe yuko igihugu ari umusa wo gusomako.
Maze iminsi ndabisigura, baraduhenze. Turagenda badukura mu bikorwa bigwiza umwimbu batujana mu bikorwa bitagwiza umwimbu. Kuba indongozi mu gihugu, kuba uwujejwe igisata kinaka c’igihugu gushika n’aho n’uwutize avuga ngo ngiye kuba umuboyi w’uwukorera Reta, ngiye kuba umuyaya w’uwukorera Reta. Uwundi ati jewe ngiye gutwara ikinga rizotwara uwuvuye gukorera Reta. Gushika y’aho Abarundi bose bazera ubuzima bwabo mu kigega ca Reta muga atan’umwe yimbuye, gushika n’aho umukozi wa Reta ahembwe agaca atanga ikori kuri ayo mahera ahembwe twibagira ko yavuye mu kigega tukaca tuyita ko ari amakori.
Amakori ava mu mwimbu. Muga twaravyibagiye tuvuga y’uko umukozi wa Reta ahembwe amahera aba yavuye mu kigega, akaca akurako makeya agasubiza mu kigega tukaca tuvuga ngo n’inyungu Reta ironse, naho naho shwi. Umudandaza agatsindira isoko, hanyuma Reta ikamuhemba, imuhemvye agaca akurako amahera akaja gutanga ikori. Reta igaca ivuga ngo yungutse ngo amakori yabonetse, naho shwi, kuko ayo mahera yari yavuye mu kigega. Ahubwo mu kigega hari havuyeyo menshi, none hagarutse make. Aho Reta yari kurira rero, hariho umuntu ajejwe kuca ayihoza amarira akaca avuga ngo ndakuzaniye imfashanyo, akaca avuga ngo Reta yungutse mu mfashanyo. Ni mwaba mushaka ko dutera imbere rero, nagira ndababwire duhindure ibintu. Duhindure ibintu ! Tumenye y’uko ni twaba dushaka ko Uburundi buzoba buteye imbere mu mwaka w’2060, butegerezwa kwunguka bukaronka umwimbu hanyuma bugakora ibikorwa bivuye muri uwo mwimbu, kuko umwimbu ni umwimbu. Ivyo rero vyose nivyo vyatituye ubutegetsi bw’igihugu bica bituma tubiryanira.
Niho rero abakenyezi baca bavuga ngo natwe duhe ku musa. Eh, none kubera iki abagabo aribo banywa bonyene? Ni kwaba ari kunywa, ari kurya gusa ataco wakoze bose rero ni barye kuko isahani ni iy’Abarundi bose. Ejo rero muzobona na barya bandi badakora muri Reta baza kubasaba bati : « Tubise natwe dusomeko » Ivyo ni vyo bitera indyane mu gihugu. Tumenye ko ivy’igihugu ari ivya twese, ugiye gukora mu gihugu uba ugiye gusukurira abenegihugu, nico gituma ari umutwaro. Tuvyumve uko.
Nivyo umukenyezi arafise ububabasha bwo gutanga intumbero y’iterambere muri iki gihe. Ni co gituma tuvuga duti umuntu wese, abantu bose bafise uburenganzira bungana ku vy’igihigu. Barafise uburenganzira bungana mu kurongora igihugu ivyo ndavyemera kandi ndavyemera y’uko umukenyezi nawe afise ubwo burenganzira bw’uko ashobora gufata ingingo mu bijanye n’ubuzima bw’igihugu. Ariko kumva ko umukenyezi atabikwiye bakavuga bati n’aho atabikwiye ategerezwa kubaho kuko ari umukenyezi. Iryo ni iteranyuma. Dutegerezwa kurondera ababikwiye. Bihora bimbabaza iyo nciye ahantu bose nkumva bamanura bavuga bati rondera abantu bakwiye mu kibanza gikwiye mugabo nagenda nkaja numva ngo ubwoko ntibwagiyemwo ngo intara yacu ntiyagiyemwo, ngo igitsina cacu ntikirimwo, kandi bari bavuze bati rondera umuntu abikwiye mu kibanza gikwiye. Mu gifaransa muvuga muti : « L’homme qu’il faut à la place qu’il faut. » Mugabo ngo urumva rero, iki kibanza n’ic’umukenyezi naho yoba ikigaba nta ngorane. Ngo iki kibanza, iyi ntara itegerezwa kukijamwo naho yoba umukenyezi nta ngorane n’aho yoba umugabo nta ngorane. Mugabo muhejeje kumpanura muti : « L’homme qu’il faut à la place qu’il faut. » Umuntu wese mu kibanza bakwiranye. Aka kantu nagiye kukabona neza mw’ijambo ry’Imana muri wa mugani w’itarenta, aho bamwe bariko barahazana bavuga ngo urya muntu yararenganijwe urya yahawe itarenta imwe, nca nsanga handitwse neza y’uko urya muntu umwe wese yamuhaye ibikwiranye n’ubushobozi bwiwe. Wewe niwaba ushoboye ibi reka kurondera ibikuruta. Umwe wese nakore ivyo ashobora gukora. None ga yemwe sinabivuze ? None umusirikare w’umukenyezi ahetse uruhinja, ugaca umujana ku rugamba ntuba umenje ga yemwe ? Ivyo ni ibintu biba vyumvikana ; l’homme qu’il faut à la place qu’il faut. Nico gituma rero ben’iki gihe nico gutegera ko mu vyicaro umwe wese aba agiye gukora.
Reka rero turabe icatuzanye uno munsi, mvuge nti : « Umutogoto w’inkono watuzanye ». Twaje kw’ijambo, ijambo rivuga riti : « Tujane n’umukenyezi mw’iterambere, dushimikiye ku kugwiza umwimbu. » Iryo jambo ririmwo ibintu bibiri : kudakumira umuntu n’umwe mu bikorwa vy’iterambere, ni muri iyo ntumbero tuvuga duti abakenyezi nibo benshi mu gihugu, dutegerezwa kubashira imbere kugira igihugu gitere imbere. Rero mugabo abakenyezi ko ari benshi ni bo bazodufasha kugwiza umwimbu. Ntitubasige inyuma rero dutegerezwa kwamana nabo. Abagabo ngaho bace bategera, y’uko mufise uruhara rukomeye cane kugira umukenyezi aronke ka gaciro kiwe mu bikorwa vy’iterambere, mugabo twese twumve y’uko dukwiye kugwiza umwimbu, tutagwijije umwimbu ntidushobora gutera imbere.
Nta muntu azorya yicaye ngo duheze dutere imbere. None twese nitwaba abayaya n’ababoyi tukaba abashoferi, tukaba abakokayi, tukaba abakomisiyoneri, tukaba abarimu n’abaganga tugaheza tukaba abashikiranganji n’abashingamateka, twese Abarundi, tuzoca turya iki ? Inzara Izoca itwica. Twese tutaronse abafundi bubaka amazu tuzoba he ? Twese tutaronse ababumvyi babumba ivyo dushobora gukoresha tuzorira kuki ? Tuzokoresha iki ? Tutaronse abanyamyuga, ngo bahingure ibitandukanye, amasuka, amashoka, tuzoba he ? Dutegerezwa kuronka abahinga bakora mu bikorwa vy’ukugwiza umwimbu. Birya turimwo baraduhenze ngo tugende muri kimwe bita « secteur tertiaire ». Irya uyijamwo wamaze gutunga. None wewe wogura i bus ata bantu bafise amahera bazoyigenderamwo ? Ni co gituma baca barondera ko yogenderwamwo n’abakozi ba Reta. None wewe uzokwubaka ihoteri mu Cankuzo, aboje gutembera mu Cankuzo batagira amahera yo kujayo ? Iyo hoteri ntaco ironka.
Kugira uje rero muri ibi vy’ama services, ubanza neza kuba waratunze ukabanza gukoresha itunga kama. Itunga kama niwo mutahe Imana yaduhaye. Tubimenye ivyo Imana yaturemeye. Imana yaduhaye umutahe ikiturema. Yaduhaye ubwenge, iduha inkomezi, ica iduha ivyo tuzohingura. Nama nabivuze, Imana ntiyigeze irema inzu, ntiyaremye imodoka, ntiyaremye impuzu mugabo Imana yaremye ibivamwo ivyo vyose ica iguha ubwenge kugira uzobihingure, ivyo rero bice aba ari vyo bigutunga. Wewe udashoboye kuja kurima, ntizovuge ngo uzotunga. Abantu batunzwe n’ugusaba akazi bamenye ko batazopfa batunze. None tuzoshika mu 2040 gute tutemera gukora twemera gusaba ? Ntawutunga asaba, ndabisubiyemwo ntawutunga asaba. Dutegerezwa kumenya kwiha akazi, umw’umwe wese yihe akazi ashoboye.
Igituma dushira imbere umukenyezi, abakenyezi nibo benshi kandi mubiravye neza nibo nkerebutsi kugira bashobore gutunga umuryango. Abagabo rero bumve ko ubu rero ivy’amarigara tubivako dutangure kuja impande y’abakenyezi dukore tugwize umwimbu. Ejo mukazobona abagabo dusanze kw’irigara tukabatwara kubakoresha ibikorwa, ntimuzovuge ngo turabarenganije. Ubu dukeneye y’uko atawurya yicaye. Kandi tuzobajana. Tuzobajana mu bikorwa. Abakenyezi mushike muhanura abagabo banyu muti kuva ubu, nanje ndafise uburenganzira ko nzokurega y’uko urya ivyo utakoze. Kandi mubivuge kandi mubabwire muti umenye ko ngaha mu rugo ndi umuzezwanzu, ndi inarugo menya nanje ico maze. Umugabo ace avuga ati ego wewe uri inarugo ,uri umuzezwanzu nanje ndi umutwe w’umuryango, uce umubaza uti none wamaze iki mu muryango ko uri chef ? Zana turabe. Ubwo bukuru bwawe bwerekanire mu bikorwa. Abagabo bose rero bashaka kuba abakuru nibavyerekanire mu bikorwa.
Iki civugo rero nipfuza y’uko twokigenderako gushika mu mwaka uza kugira ngo, mu mwaka uza, ikoraniro nkiri rize ribe twabanje kugira inama turabe aho mugejeje ikivi. Erega noneho iri huriro ry’abakenyezi mwari gutegerezwa guca mutubwira muti uyu mwaka uheze, twe twashikanye ikivi ngaha. Hanyuma tugaheza tukabakomera amashi. None mu mwaka uza mutegure, tuze tubanze tugire isuzuma turabe ingene vyagenze kuri iki civugo. Abagabo baranse mugaca muvuga muti abagabo mugabo baratugabiye. Ba bagabo iryo zina rivuye mu kugaba. Niko muzoca muvuga ! Eeh rero iki civugo tuze tukigendere twese ata n’umwe avuyemwo.
Mu guheraheza, ngomba nishure ibibazo rero mwantuye.
Ikibazo ca mbere mwavuze ni ikibazo kijanye n’abakenyezi baziganya bakaguranana, je niyumvira y’uko dukwiye gutegera ibintu. Igihugu kirakeneye iterambere mugabo igihugu kiba mu rutonde. Mugabo narindiriye ko muvuga muti turasavye rero ababijejejwe batugirire amategeko bijanye mugabo uryamugambi ntuhagarare. Aho niho mwaba mumbwiye neza. Reka ndababwire, tugiye turavuga ngo ibintu bibe mu kajagari, none nk’ubu habaye amatati hagati muri barya baguranana, mbwira tuzobicira urubanza gute ? None ko amatati tuyabona tuyazi abiba bariho ? Hari abakenyezi bivye imiriyaridi zirenga zitatu, tugiye kuraba ku makonti turayabura. Begeranije amahera y’abenegihugu baca barigira tugiye kuraba dusanga mu miriyaridi zitatu bafise imiriyoni 200 gusa ayandi turabura iyo bayashize. None tubireke uko, abo bibwe ntibazosubizwe ? Baranezerewe ? Ibintu vyose biba ku rutonde. Ahubwo ico nakuyemwo n’uko tugiye gukorana n’ibanki nkuru y’igihugu tugire amategeko ajanye navyo. Muga kuvuga ngo tubarekere akajagari kagumeho ntivyokunda. Kuber’iki ? Mu Burundi twaramenyereye akajagari kabaye mu bihe vy’amagume, abantu baca babigira nk’umengo vyabaye umuco n’umugenzo.
Ejo muzokumva abavuga ngo nimwemeze akamari yuko kemewe mu gihugu. Kandi mubizi neza yuko ata muntu n’umwe yemerewe kwegeranya amahera ya benegihugu ataco yabakoreye. Akamari karabujijwe n’amategeko kandi karahanwa. Mugabo tubandanije uko, kubera hariho abayakina mu kinyegero ejo uzoza ubona hatojwe ngo uwu mugambi wo gukura akamari ni muwugumizeho kuko hariho abakungukiramwo. None mu kamari ntihariho abunguka ? Ndababwire ikintu kimwe, ibi bijanye no kutemera ko dukura akajagari. Mu Buyenzi basavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati ati twe turemeye turihe amahera sambura ayo ma pavées yose hanyuma mutureke tuhashire ama garages. Ni mwiyumvire umushikiranganji w’intwaro yo hagati ca mwumva nk’Umurundi avuga ngo amahera turayafise ngo ni tuyatange amahera yose mwatanze mu kwubaka ayo ma pavées ngo muyasambure ngo hanyuma mutureke twigirire ama garages. Ni mwiyumvire nk’ivyo. Hariho abantu bamenyereye akajagari gushika yaho uvuga ngo je nubatse iyi nzu nshaka ko nzocuruza ama pièces de recharge ama garages ari ngaha mw’ibarabara. None tubireke uko ? Tubireke uko ? Hariho ubunebwe bwadufashe umuntu ashaka kurya ivya gusa kandi ateye akajagari.
Ejo bundi naravuze ibintu bijanye n’ama congé. Abarundi barakunda ama congé ndabawire n’umwana yiga muri primaire yumvise atazokwiga ejo asimbira hejuru avyina. Ndababwije ukuri nimba mushaka Uburundi buteye imbere mubanze mwumve ibikorwa. Ama congé ! Ni muharure mumparurire iminsi ya gatandatu n’iya mungu dufise mu mwaka, muharure imisi mikuru ijanye n’ijambo ry’Imana muyiharure, muce muharura iminsi mikuru twe dufise mu Burundi, muce mumbwira iminsi turuhuka mu mwaka. Turuhuka imisi irenga 170 ku mwaka. Mu misi 365 usiba gukora imisi 170 mbwira tuzotera imbere ryari ? Namwe ni mumbarire ! Nababwiye genda murabe i Buraya, muri Aziya muri Amerika uyu munsi bariko barawuhimbaza mugabo genda murabe ko hariho abicaye bangana uku kuri stade. Kubera ko turakunda ama congé dukunda kwicara kandi tugaca tuvuga, umviriza ingene vyanditse mu gifarasa gihinguye neza ngo « jour férié chômé et payé » Donc ntegerezwa guhembwa naho ntakoze. Mbega none tumeze uko, oya je ni mumbwire. Ubu rero hariho n’ivyiharaje ubu n’umugenzi yabuze muvyara wa muvyarawe nca mvuga nti je ndagiye gushigikira mugenzi wanje yabuze muvyara wa muvyarawe ngiye kumushigikira ku maziko ugaca uhagarika akazi. Ugasanga ministère indwi iheze hakora abakozi 3 gusa. Ivyo ntimubibona mwebwe nyene ? Hanyuma ngo mushaka 2060 igihugu giteye imbere ! Kugira ihihugu gitere imbere dutegerezwa kuja ku kivi. Yezu yavuze ati data arakora data aguma akora najewe niko k’ukwo nguma nkora. Bari bamwagirije ko yakoze kun musi w’isabato. Mugabo twebwe aho kwumva niryo jambo ry’Imana tuza kwumva ngo umuntu ntatungwa n’inrya gusa, ngo umuntu ngo nimusabe muzoronka ngo umuntu ntatungwa n’inrya gusa. Mukaguma musega hanyuma mukavuga ko muzotera imbere, ntibikunda !
Turashobora guhimbaza umunsi kandi turi ku kivi. None kuvuga uti uyu naka aritavye lmana tugira tuje kumusabira tuce tuja gushira ko amashurwe hanyuma dusubire ku bikorwa ivyo bintu bitwaye iki ? Mugabo twese dushaka ama congé. Ni muyamparurire murabe twe nitwahagarara uwa gatandatu n’uw’Imana tugahagarara yuko turiko twipfurizanya umunsi wahariwe ubumwe mu Burundi yuko ari guca twicara ya ya ya ! Urya munsi warukwiye yuko ahubwo ariwo tugira ubumwe mu bikorwa tukagira ikibiri mugabo ngo « jour férié chômé et payé ». Tuje ku bikorwa ! Muciye mwese mwijirwaaa ya ya ya ya ya ya ! Umuntu avuze gukora, ingorane !
Tugire uwundi munsi wo kuruhuka ? Twongereko uwundi munsi tuwihe none ? Journée internationale du droit de l’enfant duce tuwugira i congé ? Journée internationale des droits des personnes vivant avec handicap duce tuwugira i congé ? Muzorya iki ? Mwa bana ndababwire aho wociye doctorat mu myaka 7 uzoca uyica mu myaka 15 uzoba wabaye umutama n’umutamakazi. None ntimuzoba mwasivye ? Abanyeshure muvyumve, icirwa utize ntukironkera diplôme. None muremeye y’uko kugira muheze amashure muzoba mufise imyaka 40 ? None mwasivye, ivyo mwasivye muzobikora ! Usivye gukora umenyeko uzopfana ideni. Umunsi wasivye uzopfa ufise ideni kuko ico wari gukora uwo munsi uvuze ngo uzogikora ejo, ico wari gukora ejo naco uzogikora ryari ? Uzogikora hirya y’ejo ? Hanyuma umunsi uzopfa ntiwumva ko uzoba upfanye ideni ry’umunsi ? Cumbwira rero usivye imisi 10, uzopfana ideni ry’imisi 10. Imana Ikwakiriye iti : « Ubu rero ngira ndakubaze ko nari nakujanye kw’isi ngo ubandanye irema, wakoze iki ? » Iki ni ikibazo gikomeye cane. Dutangure rero tugire amategeko agenga ibikorwa vyose ntihagire ikintu na kimwe dukora mu kajagari. Ndabasavye iminsi yose muzokwame munsaba muti tugirire amategeko meza y’ukurangura umugambi kuko uraduteza imbere mugabo akajagari mukavemwo. Mbere je nsigaye mbwira abantu nti nta kuntu wontabaza igufuri rindi rikajako kuko mbona akajagari kabaye kenshi ? Ico ni ikibazo ca mbere. Dukure akamenyero kabi twagize mu nzira y’iterambere.
Reka nje ku kibazo ca kabiri cavuzwe ku rwego mpuzamakungu. Ya ya ya ngo uburenganzira bwo gushurashura. Uburenganzira bw’ubuhumbu. Abemera ubuhumbu shira intoke hejuru. Mbe mwabonye ababikomera amashi abaribo? Nabo tudasangiye imico n’imigenzo nibo baca bakoma amashi. Ndababwire twebwe mu Burundi Imana twayihaye ikibanza ca mbere. Igihe navuga ko jewe ntazopfa nshigikiye abarongorana basangiye ibitsina, muribuka ko isi yose yaciye inyirukako, mpaka amaradiyo yose yo kw’isi. Naciye mba umusani kabisa. Iradiyo zose z’i Buraya zavuga jewe gusa n’izo muri Amerika. Baca bambwira ngo kuva ubu rero tuzokwirukako mpaka. Jewe nca ndababwira nti nari narondeye ingene nzohamwa nzira ijambo ry’Imana none ndabironse. None siko vyanditse ? Yezu yavuze ati muzoba muhiriwe nibabahama kubw’izina ryanje. Nanje ninahamwa kuko mvuze nti amabwirizwa y’ Imana tuyakurikize, ndavyemeye. Baca bavuga ngo urumva rero Uburundi buca bufatirwa ibihano, nti yooo ntimufashe ibihano, aho mwugara Imana nayo ica yugurura. None ubu turiko turategura amahera azokora mu mwaka turigera tuvuga ngo duhe imfashanyo ? Murigera mwumva tubivuga ? Tuvuga duti Abarundi twese dukore dutange amakori n’amatagisi kugira dushobore kwubaka amashure, amabarabara, twubake ibitaro, turondere ibintu vyose vya nkenerwa. Hanyuma tugaca tuvuga duti ibi tuzokora bihuriranye n’umwimbu tuzoba twagize tutarinze kuzera inze. Hari ukwikukira gusumba uko ? Mbe ndababaze ivyo badufashisha bo babikuye hehe ? Harumuntu aravuka afise amahera ? Harumuntu aravuka afise inzu ? None bo babikuye hehe? None aho babikuye Imana yarahazibiye ? Kubera baciye baduteramwo ubunebwe. Bobo bakora amasaha 24 kuri 24, baca baraza batubwira ngo mu Burundi ni mukore amasaha 8, ngo kirazira gukora weekend ruhuka. Uruhuke, utakoze ? None nka bamwe bamara indwi bari ku maziko, gushigikirana gusa, weekend bayiruhuka bayirondera kw’iki? Harya ho si umwanya wo kuruhuka? Abo bose ndababwire bo bakora ijoro n’umurango gushika naho baja kurondera abagaragu babafasha gukora. Bahejeje bamaze gutunga, baraca baraza iwacu batubwira ngo nimurye mwiyicariye tuzobaha imfashanyo. Dutegerezwa gutera imbere. Ushaka gutera imbere uja ku bikorwa kandi kirazira kuva ku karanga n’imico yawe.
Mu Burundi twamye dukingira abigeme. Muze mubaze, umwigeme baranka y’uko ahura n’abahungu kuko bohava bashurashura. Umwigeme bamufata nk’amata y’abashitsi kuko ahirahiriye akavyara inda y’ishushu uwo mwana azotorana kwa nde ? Erega yaba yishe igihugu, umuryango uba upfuye. Umwigeme ategerezwa kumenya y’uko arindira uwo bazokwubakana. Ukazoza kuvyara umwana mbwira azotorana kwa nde ? Nimubaze abakera n’uwuhirahiriye bigashika agatwara inda y’ishushu, bamubaza bati vuga se. Utavuze se umwana ntakuvamwo. Agaca agira ubwoba akamuvuga, bakaba baronse aho umwana azotorana. None izo nda z’ishushu muriko muravyara mbwira y’uko mutariko murasambura imiryango. Bigeme muvyumve, nimugaruke ku ndero yatureze kuva kera. Umwigeme yafatwa nk’amata y’abashitsi. Nico gituma hariho amajambo babwira umwigeme, kirazira ko umwigeme aba insimba rubebe. Kirazira kwaba kaguru karabeba. None ubu bariko babigisha y’uko mwoba insimba rubebe, mwoba kaguru karabeba. Nivyo bariko barabigisha, ntimuvyemere ! Muzoba mwishe igihugu, kazoza k’igihugu kazoba kagiye.
Abantu bavuga ivyo bariko baravuga ngo nimushurashure uko mushaka, tuzobaha bwa buti nimba ari ibiki, ndababwiye bigeme b’Uburundi ntimureke gukurikiza imigenzo y’aba kera. Bakenyezi nimwubahuke mubwire abana banyu ingene mwabaho kera. Mubigishe, indero y’umwana iva hasi, mubigishe icarico insimba rubebe.
Bigeme twiyubakire igihugu cacu ciza. Abo babigisha ivyo ntimubahe amatwi, bashaka kudusamburira imico n’imigenzo. Uburundi bwacu buce busambuka kuko ibwirizwa nshingiro riremeza neza ko igihugu gishingiye ku muryango. Bashaka kudusamburira imiryango, ntimuze muvyemere. Je nshigikye ko tugira abana b’indero sinshigikiye ko tugira abana b’insimba rubebe.
Abasore mwe mwa basore mwe gira indero. Mwa bagabo mwe aho muja kuvyara mu gahinga muhira iwanyu vyarabananiye ? Uko mutera imbere mushaka kugira abagore benshi. Ndababarire, Yezu yavuze iki ? Yezu yavuze ko ashaka ko abantu bahinduka. Abamwishe ni bande ? N’abantu bari abakuru gusa. Ibi ndiko ndavuga ndazi ko abakenyezi ba hariya iwacu mu mihana banyumva. Muga ndazi ko aba bize bamaze kunywana n’abo tudasangiye imico ndaziko batanyumva. Nta bakobwa bo gushurashura. Nta bahungu bo gushurashura. Ubuhumbu burahanwa !
Hariho abo nasanze bahazana ngo ari umukobwa n’umuhungu ngo nta ngorane. Kurenga ibigo ngo ni umugore afise umugabo n’umugabo afise umugore. Ubuhumbu burabujijwe mw’ijambo ry’Imana, gushurashura birabujijwe. None rero ndabasavye tugwanye inda z’ishushu, tuzigwanye twivuye inyuma kandi tuzobishobora. Ngira ndatanze inyishu ibereye n’ibaba bumva itabereye barampora iryo jambo. Abumva ko ritabereye bararinziza, kandi iryo ni ijambo ry’Imana ga. None kugwanya ubushurashuzi si ijambo ry’Imana ga yemwe ? Nimuze murasoma ijambo ry’Imana murabe ico Imana ivuga.
Ico ngira mperezeko ni isuku. Muri mwese umuntu aryoherwa n’umwanda ni nde ? Umwanda ntushisha ? None kuberiki mukunda kwicara ahashisha ? Umuntu kugira agire isuku bisaba ko aba ari umutunzi ? Gukubura bisaba ubutunzi ? Ibi ndabivuga cane cane kuri uyu musi mwiza kuko abakenyezi ni udushurwe, bakunda gushaza. Muze mwumve intimba mubonye ahantu hari iyarara. Mwumve intimba mwebwe nyene, nze mbone nk’abakenyezi baciye biha ingingo bati basi tugende tuhakubuye ko vyananiranye. N’akamaramaza ibintu ndiko ndabona. Abakenyezi murakunda gushaza, je naragize itohoza nsanga ukazobona ikintu kirimwo umukenyezi gica gitsinda, kubera abakenyezi ntibaja mu kintu kibi, n’umugambwe urimwo abakenyezi benshi uca utsinda amatora.
Abakenyezi ntibaja mu kintu kibi baja mu kigororotse ndabazi muri amashurwe. None ndabasabe mwebwe nyene mumfashe uru rugamba. Ariko mubimenye neza, Imana yavuze ko umugabo agira umugore umwe, umugore agira umugabo umwe. Umugabo rero ku mugore wiwe ategerezwa kumukunda kuko ni ryo shurwe ryiwe. Na Adamu yaciye anezerwa agatangura kuvuga ivyese abonye umugore. None mbwira ingene ryoba ari igufa ryawe ace aba amagufa abiri ? Tubura igufa rimwe ntitubura abiri. None uwo wa kabiri aje gukora iki ? Ni ingurikizi. Ingurikizi nayo umuti wayo n’ukuyihonyora. Nico gituma abagore bose baharitse bakarongorwa n’abandi, abo bagore nibabe barataha tutaraza kubatahisha haze umugore mukuru. Hariho ba Buramatari bakanura babitanguye. Tuzobirukana abo bagore. Ba Buramatari babe banyumva : abo bagore baje gutuma abagabo baharika tuzobirukana basubire iwabo. Nta yindi nzira. Gutyo niho tuzoba dukigingiye kazoza kuko ntabazosubira guharika kuko bizoca bibapfako ubusa.
Ariko abadamu ndababwire, je nahora mbona kera kugira ngo mumenye ko urugo rutahamwo umukobwa, umukobwa yakubura gushika kw’ibarabara, none kuberiki mwebwe abakenyezi mutabona umwanda ? Naravye mbonye akamaramaza aho abakenyezi bashobora kwicarana n’umwanda, ndabasavye natanguje ejo kandi nihaye iminsi ijana ibisagara vyose bitegerezwa kuzoba vyakaka. Guhera uno munsi mugende muraraba ahari iyarara hose tuhasukure. Kubona hariho amashirahamwe ingo zitangamwo amahera, iryo shirahamwe ngo rijejwe gusukura ahanaka ugasanga niho amayarara ari ! Kuber’iki mutababwira muti wavuze ko ujejejwe isuku muri karitiye yacu nta yarara tuhakeneye ; none ntimutanga amahera ? Ni ay’iki ? Mugabo vyavuye kubera utakunda Uburundi umengo ukuburiye mw’ibarabara nta ngorane. Ntaho bitaniye na wa wundi akubura mu rugo agakuburira munsi y’urutara. Mwebwe nyene mube arimwe muhatira arya mashirahamwe yose ko ategerezwa gukubura iyo karitiye yose. We wokubura mu rugo udakubuye kw’irembo? Ntibikunda, ikigikorwa tugikore !
Abari basanzwe bajejwe gukubura isoko ya Ruvumera na Cotebu bobo baraye bavyiboneye. Bazokora ukwezi kwose ata n’umwe abarishe baze tubace amande kuko ntibakoze ivyo bategerezwa gukora. Kumara umwaka wose udakuye umwanda! Ngo akazu kamwe kamwe gatanga 4.000 Fbu ku kwezi, nimwiyumvire ayo mahera yariye ingene angana. Nibanka gukora kurya kwezi ataco baronse nzoca mparura amahera yose binjije hanyuma menye ingene tuyagabura. Tuce tuyubakisha tuyaguremwo imiduga myiza myiza ize gutwara imyanda kuko ni menshi.
Birateye isoni kandi ayo masosiyete, iyo miduga yabo niyo nyene itera imyanda mu gisagara. Bafise ibiduga vyaboze, nya myanda ikagenda irakorokera mw’ibarabara ntayikubure. Ntimurabibona none ? Birya biduga ubu nsubiye kubibona mw’ibarabara navyone tuzosiganwa. None sibo bacafuza amabarabara ? Je nama ndabibona rupfira ngaho rugagaca rwigumira aho nyene. Ivyo vyose tugiye kubikontorora tubaca amande. Bamwe mwebwe mufise imiduga muheza kunywa amazi mugaca muta agacupa mw’ibarabara, ndasavye muce mwandika inomero y’iyo modoka tuzomuca amande y’ugukubura iryo barabara umwaka wose. Nta yandi mayeri. None tubagire gute ? Umuntu yize agafata ahejeje kunywa amazi agaca ata mw’ibarabara nk’uko umengo ni mu kindi gihugu si iwabo. Uburundi si igihugu c’icukiro kandi murazi wigize igisyogororo inka zikugangako. Uburundi tubugire igihugu ciza gisukuye.
Abakenyezi rero mumfashe dufate iya mbere. None ga basha nambaye agatenge kanyu muce mureka kumfasha kandi ari ku neza yanyu nyene ? None choléra murayemera? Mu minsi iheze mwarabonye igihe choléra yatera hariya za Buterere hariya mu Gisyo hanyuma ngaca niruka, sinabazaniye amazi ? Kubura amazi ni ubukene hari igihe tutaba dufise amikoro, mugabo gukubura nawenu ntivyotunanira. Ico kintu ndagisavye Umurundi wese. Banyeshure, narasanze ahantu hari iyarara kw’ishure i Bujumbura, bakubura iyarara bagata kw’ishure ntuze we, abanyeshure mubirabe neza isuku ritegerezwa kubaho. Abo bantu baza guta imyanda harya ku kibuga mukinirako mubafate, tuce tubaha ibihano. Mugabo ndabahanure abantu bafise imiduga uwuzosubira guta agacupa mw’ibarabara ntihazobura uwugira imana mbi nkamubona. Birateye isoni. Ndiko ndavuga ibi mwese muciye mujinyika, murababaye, muca muja kundega kuri ba kavantara ngo uyu mugabo ngo ntaje. Je nagira ndababarire, simwe mwantoye ? None mwantoye ngo nemere y’uko tuguma mu kajagari? Emwe, je mwemeye akajagari murazorondera uwundi aho bukera. Nimwaba mushaka uwemera akajagari, uwemera umwanda, uwemera ubukene, Je nta bukene nemera tuzohangana abashaka tuzojana. Tujane twese, cane cane abakenyezi.
Ariko sinogenda ntakeje abakenyezi. Hariho abakenyezi mpora mbona b’intwari kabisa. Murabona nk’irya banki yanyu yaraye ivyaye irindi shami i Bujumbura, iyo biba ibigabo vyari guca bitangura kuvuga ngo tuyaryeko, ndabakeje kuko irya banki yanyu yavyaye.
Abakenyezi muri ibitangaza. Murabona rurya ruzu rwiza ruri harya haruguru, n’urw’abakenyezi b’ababikira bene Tereziya barubatse hôtel nziza. Mbe nta kuntu nk’abafurera bene Yozefu nabo bobigana bakubaka nka rurya? Nk’abafurera bene Paul bakubaka nka rurya nyene. None raba abakenyezi ni bo babatanze. Hariho abapatiri baba jésuite nabone barubatse ishure ryiza rya Saint-Esprit, hari n’uwundi musaseredoti nabonye i Kiremba yubatse ibitaro vyiza cane narinzi y’uko uwutwara ibitaro atari umudogiteri ataco yomara, none nasanze ariwe ateza imbere amagara y’abantu.
Mugabo abakenyezi iminsi yose mwama murondera utuntu dutuma abantu banezerwa. None hariho abakenyezi nabo b’intwari bari mu mwimbu bafise amahinguriro, nkabona y’uko muriko muva hasi. Mwebwe nimwe muzomfasha mu kugwiza umwimbu kugira ngo igihugu kibone gutera imbere. Mugabo abasavyi, ndabivuze, ntawutunga asaba. Abantu bagisaba akazi bakanka kukiha, ngira ngo muramaze kubibona abagiye mu burimyi ubu bose babaye abatunzi. Kera bavuga ngo « le plus pauvre c’est le paysan ». Aujourd’hui, nshaka y’uko bihinduka, le plus riche sera le paysan. Hinge tugire amahinguriro murabe.
Duhingure inyama z’inkwavu, dukoreshe amase mu kugwiza umwimbu w’uburimyi. Ibigori ubu si sawa ? Uwutarimye ibigori ubu ndaziko yicuza. Tugwize umwimbu nta yindi nzira y’iterambere. None rero mpereje ku gukeza abakenyezi bose, umwe wese yihe amanota ku vyo yakoze, uwuzoba ataco arakora ace yikubita agashi yigane abandi, hanyuma mudukwege natwebwe abagabo tuje inyuma yanyu, tujane twese kuri urwo rugamba rw’iterambere duhereye mu kugwiza umwimbu.
Mwese murakoze, Imana Ibahezagire.




