Kenya : umugabo yishwe n’umugore wiwe mu karere ka Isiolo
Iryo bara ryaguye mw’ijoro ry’uwa gatandatu buca ari ku wa 18/02/2024. Abarongoye igiporisi muri ako karere bemeza ko ubwo bubisha bwabaye inyuma yuko umugabo n’umugore bashwanye umwanya muremure.
Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Citizen, igiporisi kivuga ko yatabarijwe n’umubanyi igihe c’isaha 4 (22h) muri iryo joro nyene, aho casanze Jacob Odhiambo w’imyaka 30 agaramye hasi, maze bamunyarukana kwa muganga, aho yavuye acikanira. Umukenyezi wa Jacob akaba yaciye afatwa, mu kurindira ko acirirwa urubanza.
Urwanda rwagize amasezerano n’Ubumwe bwa Buraya mu bijanye no gucukura ubutare, mu gihe amabuye y’agaciro yinjirije Urwanda amafaranga angana umuriyaridi w’amadorare
Urwego rw’igihugu rujejwe amasoko ntanganguvu, igitoro na gaz, RMB, rwatangaje ko amabuye y’agaciro yashowe mu mahanga mu mwaka wa 2023 yinjirije Urwanda amafaranga arenga gato umuriyaridi w’amadorare, avuye ku miriyoni 772 z’amadorari ya Amerika, bigaragaza ko yaduze ku rugero rwa 43.0%.
Ico kigo RMB kivuga ko iryo duzwa ry’agaciro rikomoka ku kuba ibikorwa vyo guhingura amabuye y’agaciro akomoka mu Rwanda vyagumye kwiyongera, ugucura bikozwe vyisunze amategeko, ubudandaji bukomeye bwakozwe mu gutanguza ubuhinga mu bucukuzi no guteza imbere ubucukuzi bukozwe mu buryo buramba. Ayo mabuye y’agaciro akaba arimwo inzahabu, ayitwa « coltan, wolframite, cassitérite », n’ayandi.
Bivuye ku migambi itandukanye yashizweho, ikigo RMB cerekana ko mu mwaka wa 2024 ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro buzoba bwinjiriza Urwanda n’imiburiburi umuriyaridi n’igice w’amadorare. Ubushakashatsi bwakozwe mu 2017, bwerekanye ko mu Rwanda hari ibibanza 52 birimwo amabuye y’agaciro, aho ibigera kuri 37 vyamaze gutangwamwo impusha z’ubucukuzi, ibigera kuri 10 bikaba bitaratangura gukorerwamo ubwo bucukuzi mu buryo bwemewe, mu gihe bitanu biri ahari ibibanza bikomeye vy’iratiro. Ico kigo cerekana ko amabuye y’agaciro ari mu butaka bw’Urwanda afise agaciro ka miriyaridi 154 z’amadorare.
Ikinyamakuru Igihe, kikaba candika ko Reta y’u Rwanda n’Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, vyasinye amasezerano agamije guteza imbere ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro butabangamira ibidukikije.
Itangazo rigenewe abamenyeshamakuru rivuga ko impande zompi zizofashanya mu guteza imbere uruhererekane rw’inzira amabuye acukurwa acamwo, gufashanya mw’itunganywa ry’ayo mabuye mu ntumbero yo kuyongerera agaciro no guhangana n’ubucuruzi bw’amabuye mu buryo butemewe n’amategeko, hitaweho cane cane gukurikirana amabuye kuva atanguye gucukurwa.
Mu bindi biyemeje harimwo guharanira ko amabuye acukurwa mu buryo butabangamira ibidukikije no kurondera ubushobozi butuma hubakwa inganda zigamije kworosha icukurwa ry’amabuye y’agaciro. Urwanda n’Ubumwe bwa Buraya kandi vyiyemeje gukora ubushakashatsi, guhanahana ubumenyi no kwikora ku buhinga bugezweho mu bijyanye n’ubucukuzi, haba mu gucukura amabuye no kuyatunganya mu gihe ageze mu mahinguriro, ndetse no kwongera inyigisho ku bakora mu rwego rw’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro.
Tanzania : hagiye gutanguzwa ingendo z’indege zishika mu Burusiya na Dubaï, atahandi ziciye
Umuserukizi w’igihugu ca Tanzania mu Burusiya avuga ko amasezerano hagati y’ivyo bihugu vyompi agiye guterwako umukono vuba. Fredrick Ibrahim Kibuta avuga ko hari ingenzi nyinshi zikenera indege izijana canke izikura muri ivyo bihugu vyompi.
Ivyo bikaba vyabaye imbere yuko urwego mw’ishirahamwe ryunguruza abantu mu ndege Air Tanzania rumenyesheje ko rugiye gutanguza kuva ku wa 31/03/2024, ingendo z’indege hagati ya Tanzania n’igisagara ca Dubaï, atahandi zirinze guca. Tubikesha urubuga Citizen
Uganda igiye kurangurira igitoro muri Tanzania, inyuma yaho icanyemwo na Kenya
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu muri Uganda yamenyesheje kuri uyu wa 15/02/2024, ko Reta yatanguye ibiganiro n’igihugu ca Tanzania, mu ntumbero yuko igitoro ikenera coza kiracishwa ku kivuko ca Dar Es Salaam, mu gihe cahora gicishwa ku kivuko c’i Mombassa muri Kenya.
Igihugu ca Uganda kivuga ko kitashimishijwe n’uburyo caronswa igitoro biciye muri Kenya, vyatuma rimwe rimwe gicerwa, bigashika ndetse kikanaduzwa n’igiciro. Kugeza ubu, ngo impande zompi Uganda na Tanzania bisa nk’ivyiteguye guhanahana igitoro, hakaba hariko hararonderwa inzira kizoza kiracishwamwo. Ikinyamakuru The Citizen nico kivyandika
RDC : habaye imyiyerekano i Kinshasa yo kwiyamiriza ibihugu vya rutura, ko ataco bikora mu gufatira ibihano Urwanda
Igiporisi c’i Kinshasa ku murwa mukuru wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo carashe ivyuka vyokera mu ntumbero yo guhagarika imyiyerekano y’abiyamiriza ibihugu vya rutura, bavyagiriza kutaba bikoresha ijambo bifise ku gihugu c’Urwanda, cagirizwa kenshi n’amashirahamwe atandukanye nka ONU, kuba gifasha umugwi witwaje ibirwanisho wa M23, ariko Urwanda gushika n’ubu rukaba rubihakana.
Muri iyo myiyerekano yabaye igenerekerezo rya 12/02/2024, abariyo bakaba bagaragaye baturira amadarapo y’ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe z’Amerika n’Ububirigi. Umwe mu bitabiriye iyo myiyerekano, agira ati : « Abo mu bihugu vy’uburengero bw’isi ni bo bihishije inyuma yo gusahurwa kw’igihugu cacu. Urwanda ntirukora rwonyene, rero bagomba kutuvira mu gihugu. »
Abaporisi barenga 50 bakaba bashizwe ku biro vy’ubuserukizi butandukanye mu gukinga ko ata ntureka zohabera. Amashure mpuzamakungu n’amamangazini y’abanyamahanga yo muri komine ya Gombe, hagati muri Kinshasa, akaba yari yugaye ku wa mbere, kubera gutinya ko umutekano uhungabana.
Ivyo biri uko, mu gihe Reta Zunze Ubumwe z’Amerika yasavye abanyagihugu bayo bari muri RDC « kutagaragara cane » no « gutuma umuryango usuma ibifungurwa bikwiye n’amazi mu gihe vyoba ngombwa ko uguma mu nzu iminsi myinshi ».
Ku wa 11/02/2024, mu nama, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa RDC Christophe Lutundula yizeje abaserukira ibihugu vyabo n’abategetsi bo muri ONU ko Reta izobakingira umutekano. Mu ndwi zibiri ziheze, abantu baharurwa mu bihumbi bahunze ingo zabo mu karere ka Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru, baja ku murwa mukuru wa Goma, inyuma y’ibitero vy’umugwi M23 vyiciyemwo abantu. Inkuru tuyikesha BBC Gahuza Miryango




