Ku wa 09 Munyonyo 2023, Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo uburimyi n’ubworozi yarateye akamo abanyamitahe bigenga gushira imitahe mu gisata c’uburimyi n’ubworozi mu ntumbero yo kugwiza umwimbu. Reta yemeye ko izobaha mu matongo yayo aho kurangurira iyo migambi. None ubwo ayo matongo azotangwa mu muco ku buryo mu bayakeneye bose atawuzogenda aranaga urutoke?
Ako kamo ko kugwiza umwimbu karitabiriwe cane. Abanyamitahe bigenga b’Abarundi n’abanyamahanga ntibatevye kwerekana iryo shaka. Gushika ku wa 2 Ruhuhuma 2024 ibitigiri vy’abanyamitahe bigenga bari bamaze kwiyandikisha nk’uko vyamenyeshejwe na Prosper Dodiko umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi vyari bigeze: 128 mu gisata c’uburimyi, 20 mu gisata co kugwiza imbuto, 16 mu gisata c’ubworozi, 10 mu buhinga bwo kurima kijambere no kuvomera. Hamwe n’abanyamahanga 2. Kandi iyandikwa riracabandanya.
Hafatiwe ku bitigiri vy’abanyamitahe bigenga bamaze kwerekana ko bakeneye kugwiza umwimbu, Prosper Dodiko avuga ko uburinganire bw’isi ndimwa bwasabwe burengeye cane amatongo ya Reta akenewe gukorerwamwo iyo migambi. Ku bw’ivyo, uyo mushikiranganji avuga ko bose batazoronka kuri ayo matongo ya Reta. Ati:” Hazoronka abafise uburyo bukwiye bwo guca batangura ibikorwa.”
Itangwa ry’amatongo ya Reta ku banyamitahe rizoba mu gifuri canke ku mugaragaro?
M.P umurimyi wo mu ntara ya Gitega avuga ko bacumva ako kamo ko kugwiza umwimbu bahimbawe cane. Ati: “Ni umugambi mwiza ushobora gutuma haboneka abarimyi b’akarorero barimira isoko, hampande yo kurima ibitunga imiryango.” Aca agirako yibaza ati: “None ubwo burimyi na ya fumbire kuboneka ari Mana mpa, buzohava bworoha koko?”
Uyo murimyi asa n’uwuvugana amakenga yongeyeko ati: “Muzompinyuze ni mutabona abashoboye gukora uwo mugambi neza ataribo bahawe aho bawukorera mu matongo ya Reta. Ivyo bishobora kuzobamwo amanyanga haronke abataribo”.
Prosper Dodiko umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi n’ubworozi arahumuriza abiyandikishije bose ko itorwa ry’abazokorera mu matongo Reta yategekanije rizoba ku mugaragaro no mu muco nta ngere. Agira ati: » Mbere kugira ico gikorwa kigende neza, harategekanijwe inama ku wa 19 Ruhuhuma 2024 i Gitega mu nyubakwa y’ubwo bushikiranganji, aho muri iyo nama abanyamitahe bigenga bazoyitaba bazoba bitwaje ivyerekana ko bashoboye gushira mu ngiro uwo mugambi.”
Ivyo vyemezo na vyo nk’uko bidondagurwa na Prosper Dodiko bikaba biri mu migwi ibiri : “ Ubwa mbere umunyamitahe azerekana icegeranyo kiri ku mpapuro 2 cerekana umugambi afise, izina ryawo, amahera uzotwara, ihangiro n’ivyo yipfuza kuzoshikako mu kugwiza umwimbu. Ubwa kabiri azerekana icemeza ko afise canke yizeye amafaranga azokoresha mw’ishirwa mu ngiro ry’umugambi yerekanye: urupapuro rwerekana amahera afise kuri konti yiwe, urupapuro rwerekana ko ibanki canke umufasha mw’iterambere yamwemereye ingurane.”
“Abazohabwa amatongo bagateba kuyakoresha bazoyakwa”
Mu gihe abakwije ibisabwa boguma ari benshi gusumba amatongo Reta yategekanije, uyo mushikiranganji avuga ko bazokwicarana n’abo banyamitahe bazobitorera umuti bari kumwe. Ariko yemeza ko uwuzohabwa aho kurangurira umugambi yerekanye agateba kuwushira mu ngiro co kimwe n’uwuzotangura ntabandanye bazoca bakwa aho bahawe maze hahabwe ababishoboye. Ivyo akaba ari mu ntumbero y’uko igisata co kugwiza umwimbu uja ku masoko cojamwo abafise uburyo bukwiriye bwo gushira mu ngiro imigambi yabo, nk’uko bivugwa na Mr Dodiko.
Ku kijanye n’abafise amakenga ko ifumbire ishobora kubabera intambamyi mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi, Mr Dodiko avuga ko amahinguriro y’ifumbire ari ku kivi mbere ko hari n’ayandi ariko arubakwa. Ariko ko umunyamitahe yoronka ahandi ayikura azoronka uruhusha mu gihe azoba yabisavye bakabona ko bibereye.
Mu nteguro ya Reta yo kugwiza umwimbu mu gisata c’uburimyi n’ubworozi, Dodiko Prosper avuga ko hazonakwiyumvirwa umugambi wo gushira abantu mu bigwati kugira ahagenewe kurimwa harimwe. Ko hazonakwigwa kandi ingene abafise amatongo manini batarima bovugana na Reta kugira arangurirwemwo imigambi yo kugwiza umwimbu.




