Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru yaranze EAC kuva ku wa 29 Nzero gushika ku wa 04 Ruhuhuma 2024

Uganda: « Reta nta buryo ifise bwo kwongereza imishahara y’abakozi bayo », Kenya: isanganya ry’umuriro ryahitanye abantu 3, abarenga 250 barakomereka, Rwanda: hari umugabo akekwaho gusambanya umwana wiwe w’imyaka itatu mu karere ka Nyagatare, Tanzania: abanyamahanga ntibagiye kworoherwa mu kuronka akazi muri za « microfinance »…

Umukuru w’igihugu Kaguta Museveni asaba ko hagira ibikorwa biboneka vyotuma ubutunzi bwisununura, kugira ngo n’abakozi ba Reta baronke umushahara usumbirije. Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru The Monitor, Museveni avuga ko ataho uburyo bwo kwongereza umushahara abakozi ba Reta bwova, mu gihe ata bikorwa vyo kuzamura ubutunzi Bihari: « Kuva aho dufatiye ubutegetsi mu 1986, twamye dufata agashahara gaciriritse.»

Ivyo Museveni akaba abivuze, mu gihe ata kiringo kinini kihaciye adugirije umushahara abakozi ba Reta bakorera mu bisata vy’ubuhinga (scientifiques), mu gihe abakora mu bisata vy’ubuhinga mvabwenge (arts) bobo batigeze badugirizwa umushahara. Kur’ico kibazo, agira ati: « Igihe twaronka uburyo buke, twashimye kudugiriza umushahara abakozi bo mu bisata vy’ubuhinga (scientifiques), ariko abari mu bisata vy’ubuhinga mvabwenge (arts) ntibavyakiriye neza, kuko bobo batadugirijwe umushahara. Ariko n’ugutahura ko dukeneye cane abahinga nk’abaganga, abubatsi… Kuko naho jewe nize ivy’ubuhinga mvabwenge (arts), sinoshobora kwubaka ikiraro. »

Kenya: isanganya ry’umuriro ryahitanye abantu 3, abarenga 250 barakomereka

Iryo sanganya rikaba ryatewe n’imodoka yarimwo umwuka (gaz) yaturitse mw’ijoro ry’uwa 01 Ruhuhma, buca ari uwa 02/02/2024, ku mugwa mukuru Nairobi. Hambavu y’abitavye Imana n’abakomeretse, imodoka zitari nke ndetse n’amazu y’ubudandaji yarahononekariye, nkuko uwurongoye igiporisi muri ico gisagara yabishikirije.

Abari basanzwe bakorera ahabereye iryo sanganya bavuga ko batashoboye gukiza ibidandazwa vyabo. Nkuko vyandikwa n’urubuga rwa France 24, igihe iyo modoka yaturika benshi birutse bahunga, bituma ataco bashobora kurokora, kuko ngo vyari biteye ubwoba. Igiporisi rero kikaba camaze ijoro ryose kizimya, aho umuriro wose wagiye kuzima mu gitondo c’umunsi wa gatanu.

Rwanda: hari umugabo akekwaho gusambanya umwana wiwe w’imyaka itatu mu karere ka Nyagatare

Ababa mu gace ka Karangazi, mu karere ka Nyagatare bavuga ko ayo makuru y’uyu mugabo yasambanyije umwana wiwe akamukomeretsa bikomeye yamenyekanye mu mpera y’indwi twaraye turangije.

Bivugwa ko uyu mugabo yatanguye gusambanya umwana wiwe inyuma y’uko hari haheze iminsi myinshi yirukanye nyina, ndetse uyo mugabo akaba yari amaze gutandukana n’abagore bagera kuri batandatu, nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru Igihe .

Umugabo umwe yagize ati: “Ababanyi biwe bamaze iminsi bikeka ko yoba asambanya umwana wiwe, ngo bumva umwana arara ararira kandi atagwaye.”

Abandanya avuga ko inyuma yo gukeka ko uyo umugabo ahora asambanya umwana wiwe, bamwe mu bagore babana begereye uwo mwana baciye bamubaza. Agira ati : “Sinzi abagore bafashe nya kana barakabaza ejo bundi, bagafashe barakaraba nk’abagore basanga umwana yarononywe.”

Bongeye bavuga ko  uyu mugabo inyuma yo kumufata yabanje guhakana ko asambanya umwana wiwe, ababwira ko ari abandi bana bahora bamusambanya, ashatse kwiruka baramufata bamushikiriza inzego z’umutekano.  Uyu mwana yasambanyijwe yavuze ko yari yaranse kubivuga kubera ko se yamubwiye ko niyabivuga azomwica.

Umuyobozi w’umusozi wa Rukuranyenzi, nawe yemeje ivy’ayo makuru anashimangira ko uyu mugabo yaciye ahagarikwa. Agira ati “Nkimara kubimenya naciye nja kuraba uwo mwana. Turamuraba dusanga bimwe mu bihimba vyarononekaye. Naciye nkoresha uburyo bushoboka mfata se, maze tumushikiriza igiporisi, akaba apfungiwe mu kigo ca Karangazi.”

Tanzania: abanyamahanga ntibagiye kworoherwa mu kuronka akazi muri za « microfinance »

Nkuko biri mu rwandiko rw’ibanki nkuru ya Tanzania, igitigiri c’abanyamahanga bemerewe gukora mu ma shirahamwe ya « microfinance » ntigikwiye kurenga abantu 5. Abatwara ayo mashirahamwe bakaba basabwa ko batokwongereza amasezerano y’akazi canke batange akazi ku munyamahanga, batabinyesheje iyo banki, nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru The East African. Ivyo biri uko mu gihe ibiharuro vyerekana ko urugero rw’abanyatanzaniya batagira akazi ari ibice 8,9%.

Iyo ngingo rero ikaba itazokworohereza umubano w’ibihugu bigize umuryango w’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, igihugu ca Tanzania gisanzwe gihurikiyemwo, kuko imwe mu ngingo ngenderwako z’uwo muryango ikaba ari iyo kworohereza abanyagihugu bari muri uwo muryango ibijanye no kuronka akazi muri ivyo bihugu.

RDC: amasezerano n’Ubushinwa yo gucukura ubutare yasubiwemwo

Imiriyaridi zirenga 5 z’amadorare ni bwo buryo bwongerejwe ku buzohabwa Reta iharanira Demokarasi ya Kongo izoronswa n’igihugu c’Ubushinwa mu bijanye no gucukura ubutare bwa cuivre na cobalt. Ubwo buryo ngo bukaba buzokoreshwa na Reta mu kwubaka amabarabara n’izindi nyubakwa rusangi zo gushigikira iterambere ry’igihugu, nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ibikorwa rusangi, ku munsi wa mbere w’indwi twaraye turangije.

Ayo mafaranga akaba aje yiyongera ku yandi yarasanzwe mu masezerano yaramaze imyaka yababa 15 hagati y’ivyo bihugu, mu bijanye no gucukura ubutare, aho ayangana n’imiriyoni 324 y’amadorare ariyo yinjira buri mwaka mu kigega ca Reta. Nayo ku bijanye n’uburusho bufise agaciro k’amafaranga imiriyoni 100 z’amadorare, bwahora butangwa na RDC ku gihugu c’Ubushinwa mu bijanye no gucukura ubutare bwa cuivre na cobalt, bukaba bwahagaritswe. Tubikesha urubuga rw’iradiyo RFI.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top