Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amasengero 5 muri Kenya yarugawe kubera yatumye abayoboke bagera kuri 400 bicwa n’inzara « kugira baje mw’ijuru »

Igihugu ca Somalie kigiye kwinjira muri EAC. Abitabiriye ibirori vyo gusozera ‘Giants of Africa’ barahawe amahirwe yo kuzosangira na Davido na Tiwa Savage. Nayo muri Kenya havugwa abantu barenga 400 bishwe n’inzara bariko barisonzesha ngo amasengesho yabo agende neza. Aya n’ayandi ni amakuru yaranze EAC mu ndwi yo kuva ku wa 14-20 Myandagaro 2023

Abantu 427 nibo bamaze kugaragara ko bapfiriye mw’ishamba rya Shakahola, ikibanza umupasitori Paul Machenzie n’abayoboke biwe basengeramwo, abantu bagera kuri 600 nabo bakaba baraburiwe irengero. Umupasitori Paul Machenzie yatanguje idini rya Goodnews International Ministries bivugwa ko ariwe yarafise abayoboke benshi bamukurikiye, ubu akaba ariko arakurikiranwa n’ubutungane ku caha co guhenda abantu kwiyicisha inzara, inkuru dukesha ikinyamakuru Igihe

Muri ico gihugu nyene, abanyeshure bahereje muri Kenya barubuye akazi ko kwandikira ibitabu abanyeshure biga mu mahanga hageze ko baheza amashure, babicishije ku buhinga ngurukana bumenyi

Nk’uko bivugwa n’abasanzwe babikora bikandikwa n’ikinyamakuru Nation, uwo mwuga ngo ubinjiriza neza. Umukenyezi Sharon Nekesa yahoze ari umwigisha muri Kenya yarahagaritse kwigisha abimazemwo imyaka itatu aja kwandikira ibitabu abanyeshure biga mu mahanga. Wewe yemeza ko uwo mwuga umwinjiriza incuro zitatu gusumba ayo yahora yinjiza agikora akazi ko kwigisha. Nayo Derrick Omusolo asanzwe afise ishirahamwe rijejwe kwandikira ibitabu vy’abanyeshure biga mu mahanga yigana ko abimazemwo imyaka munani, akaba ashobora kuronka hagati y’umuriyoni  n’imiriyoni zitatu z’ama shilling ya Kenya ku kwezi, akemeza ko ayakuramwo ico akeneye akongera agahemba urwaruka rugera kuri 54 bakorana. Ivyigwa birimwo ibiharuro birazimvye gusumba ibindi vyigwa, urupapuro rumwe barwandikira amadorae 25 angana 3.540 mu mashillingi ya Kenya, nayo mu bindi vyigwa ku wubizanye ateba bigasaba ko vyihuta ariha hagati y’amashilling 350 na 400 ku rupapuro rumwe mu gihe iyo bitihuta bariha ayari hagati y’ama shilling 150 na 300 ku rupapuro

Nubwo biri uko, mu gihugu ca Corée du Sud muri Rusama 2022 vyarateye ikibazo kubwo umunyeshure yafashwe yandikiwe igitabo n’umunyakenya. Mu gutuza ubwo busuma, umunyamerika asanzwe akorera ku mbuga ngurukanabumenyi yaratanguje ubuhinga (intelligence artificielle) buzofasha abanyeshure mu kubaronsa impanuro n’ivyiyumviro mu bibazo bazoba bafise vyerekeye ishure

Somalie igiye kwinjira muri EAC muri uno mwaka nyene…

Mu gihe igihugu ca Somalie catanguye gusaba kwinjira muri uyu muryango w’ibihugu vyo muri Afirica y’ubuseruko kuva 2012, mu kwezi kwa Nzero 2023 niho umugwi wa EAC watangura kwiga neza ibijanye n’ubwo busabe bwa Somalie. Ivyo Vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa EAC Peter Mathuki, mu kiganiro yagiraniye n’abamenyeshamakuru i Arusha mu gihugu ca Tanzanie. Tubikesha The East African

Abandanya amenyasha ko icegeranyo cakozwe n’uwo mugwi cemejwe mu nama y’Abakuru b’ibihugu bigize EAC, iheruka kubera i Bujumbura muri Ruheshi 2023 nayo inama itegekanijwe kuba vuba izobera mu gihugu ca Kenya, kwinjiza igihugu ca Somalie muri EAC bizoba biri kurutonde nyamukuru rwayo

RDC: Umugambwe UNC watanze Perezida Felix Tshisekedi nk’uwuzowuserukira mu matora ya y’Umukuru w’igihugu ategekanijwe kuba muri Kigarama 2023

Vital Kamerhe arongoye umugambwe UNC (Union pour la Nation Congolaise) niwe yatangaje ko batanze Perezida Felix Tshisekedi mu matora yimirije, aho bari mw’ihuriro rusangi ry’uwo mugambwe i Kinshassa. Kamerhe yamenyesheje ko bahisemwo Tshisekedi kubera ko umugambwe UNC usanzwe uri mu runani rw’imigambwe ishigikiye Tshisekedi, ko bashize aho abanyagihugu benshi bashize. Tubisanga mu kinyamakuru Igihe

Rwanda : Abitabiriye ibirori vyo gusozera ‘Giants of Africa’ barahawe amahirwe yo kuzosangira na Davido na Tiwa Savage

Ibirori vya Giants of Africa vyamaze indwi yose biriko bibera i Kigali. Ku munsi wo gusozera ivyo birori, abafana bashitse imbere yuko igiteramo gitangura isaha indwi (13 h) muri BK Arena, bararonkejwe amahirwe yo guhiganwa itike yo gusangira, kuyaga ndetse no kwifotozanya n’abaririmvyi bavuye mu mahanga aribo Davido na Tiwa Savage.  Mwomenya kandi ko ico giteramo citabiriwe n’abantu isinzi harimwo na Perezida Paul Kagame, kikaba caremeshejwe na Davido, Tiwa Savage, Tyla na Bruce Melodie

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top