Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Abakenyezi bariko baratera imbere kubw’abasomyi babiri ba Jimbere

Vyose vyatanguye muri Ruheshi 2022, aho abasomyi babiri ba Jimbere Magazine Fabien Cishahayo kumwe na Isaie Ntidendereza bakurikirana inkuru yatangajwe n’iki kinyamakuru. Abakenyezi berekanwe baridoga ko bafise indoto n’ishaka ryo kwiyungunganya, bakabura umutahe. Ni ho abo basomyi biha intumbero yo kubashigikira. Inyuma y’umwaka umwe, abakenyezi 12, i Bubanza n’i Gitega bariko bariteza imbere

Kwizera Bahati, ni umwe mu bakenyezi bashigikiwe akaba adandariza ivyamwa mw’isoko nkuru ya Gitega. Mugihe kuri uyu wa 14 Munyonyo 2023 yariko asubiza umutahe yaronkejwe muri Ruhuhuma ungana na 200.000 Fbu, yagize ati: «Mu vy’ukuri uburyo naronkejwe sinzobuvuga nabi bwaramfashije cane kuko ndabusubije maze kubwungukako impene zitatu mu kiringo c’amezi atandatu gusa nari ndabumaranye kandi urudandazwa rwanje rubandanya kugenda neza

Nayo Janvière Ndayisaba asanzwe akora urudandazwa rw’amateke, ibiraya n’imyumbati, i Gitega nyene, avuga ko atararonswa ako gatahe, yinjiza akanyungu gato katamushoboza kuronka ayo afungurira abana neza, kuko yahora arangura igice c’umufuko w’ivyo bicuruzwa, nkako ngo « Uteka ubusa ukarura ubundi ». Arikorero, amaze guhabwa ubwo buryo, yarashoboye kuza arangura imifuko itatu yuzuye, agaheza agafungurira abana akaronka na dukeya aza araziganya. Ati: «Uko biri kwose, nubwo nsubije ubu buryo nizigiye ko urudandazwa rwanje ruzobandanya, ariko iyo mutwongera ayandi mezi, tukaba turayakamisha mwaba mukoze cane.»

Kwizera Bahati ariko asubiza umutahe ungana 200.000Fbu awushikiriza Révérien Niyorugira, ahagarariye uwo mugambi wo gushigikirana muri Magazine Jimbere

Abo bakenyezi b’i Gitega uko ari batandatu baza biyongera kuri batandatu bandi b’i Musenyi mu ntara ya Bubanza, bose bagiye barashigikirwa n’abasomyi babiri ba Magazine Jimbere, Fabien Cishahayo, umurundi yigisha muri kaminuza y’i Montréal, mu gihigu ca Canada, agatanga ivyigwa bijanye no guhana amakuru, hamwe na Isaïe Ntidendereza, yahoze akurikirana ibikorwa vy’ikigo c’igihugu kijejwe ivy’iterambera l’Agence de Développement du Burundi.
Ni inyuma y’aho bakorewe ku mutima n’inkuru yatunganijwe yongera itangazwa na Magazine Jimbere, mu gihe iki kinyamakuru gifadikanije n’ishirahamwe Search for common Ground Burundi cariko gica irya n’ino inzitizi abakenyezi bagira zikabagomera, bigatuma bidakunda ko biteza imbere biboneka, bano nabo bati : «Reka tubahe uburyo buke, dupime turabe ko vy’ukuri aba bavyeyi ivyo bavuga vy’uko kutagira agatahe ari imwe mu ntambamyi bagira vyoba ari vyo. Ubwo buryo nyene tuzoba tubahaye, ni bwo buzoguma buzunguruka buja gufasha abandi bakenyezi, bamaze kubusubiza inyuma y’amezi 6 ata nyungu batswe, ayo bokwatswe nk’inyungu abe ari yo asahiriza mu gutangura ibikorwa vyabo bwite vyo kwiteza imbere, bongere biyungunganye mu vyo umuryango ukenera», nk’uko bishikirizwa na Ntidendereza.

Bukebuke intambwe iriko iraterwa

Inyuma y’umwaka umwe gusa hatangujwe uwo mugambi, abo basomyi babiri barishimira ibimaze gukorereka. Hari muri Mukakaro 2023, Pr Cishahayo yasimbiye mu karuhuko i Burundi, aho yishikira i Gitega kuyaga n’abakenyezi bashigikiwe n’uburyo yatanze: «Umunezero wari wose ico gihe mbonana irya mbere n’abo bakenyezi, kuba bashobora kwitunganya ku buryo bikenura mu two bakenye, bakoresheje agatahe twabona ko ari gato. Hari abo mu miryango yacu bama biteze ko hari ico tuzobafashisha. Ariko aba bakenyezi bo, nta na kimwe bari biteze kuri twebwe. Bamaze kubona ubwo buryo, bashizeko bakora kandi bariko bariteza imbere biboneka.» 

Umwigisha Fabien Cishahayo ariko ayagisha umwe mu bo yaronkeje agatahe ngo yiyungunganye, i Gitega

Tugerageje kujanisha n’intumbero y’umugambi Jimbere Mukenyezi, biraboneka neza ko guha agaciro iki ciyumviro c’aba basomyi biriko bitanga icigwa gikomeye mu bijanye n’uguhindura imibereho y’ikibano biciye ku nkuru zishikirizwa na Magazine Jimbere, nubwo intambwe ikiri ndende umuntu yihweje ibigikenewe gukorwa. « Iyo uri mu mahanga, umuryango wama uguhanze amaso, ukama uwufasha na wo ukaza usesagura ngo azohora adufasha, ukama usaba amafaranga bikama ari kwa kundi, bake cane bakaba ari bo bashobora kwiyumvira kuvyaza umusaruro amafaranga ubarungikira…»

Kubwa Fabien Cishahayo, urwo ruhererekane rw’ukwama umuntu yiyumvisha ko azohora afashwa, ruterera bike cane mu bijanye n’uguhindura ubuzima n’imibereho mu kibano, icibagiwe co ni ihinduka ry’ivyiyumviro: «Iyo ngendo nyene ni nayo ihindukira ikabandanya, aho twama twiteze ko Reta ari yo igira ico ifasha umwenegihugu canke tukama dutega ibiganza abo twita abagiraneza natwe tugahindukira, tukagira imihigo yo kurokora abacu mu mwiza w’ubukene, mu gihe umwe wese, ku rugero ahamvya, ashobora kugira ico ahinduye ku buzima

Umwe wese rero yokora aho ahambije, agafasha abari ku kivi, nk’uko Magazine Jimbere ikobeje mu gushira ahabona impano z’abakenyezi n’urwaruka mw’ihangiro ryo guhindura Uburundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top