Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Ukwisiramuza kwoba ari ugukora isuku, ugushaza canke ni urukingo ?

Hari abemeza ko kugenyera igitsina c’umwana w’umuhungu bikenewe cane mw’isuku ryiwe abandi bakabona ko atari ngombwa mu gihe akorera isuku igihimba c’irondoka ciwe neza. Twaregereye abana b’abahungu batandukanye ndetse n’abaganga turegeranya umuco kuri ivyo.

Kugenyera ni igikorwa co gukura agashato kaba gapfutse umutwe w’igitsina c’umuhungu. Ku ruhande rw’abagenyerewe, bamwe bavuga ko babikoze kubera ugutinya ingaruka mbi zifatiye kw’isuku rike, abandi ngo babibakoreye bataraca ubwenge, bamaze gukura batangazwa n’uko biravye babona ibihimba vyabo bidasa n’ivy’abandi. Uko biri kwose, aba bisiramuje bemeza ko basa n’abeze akabi, nako ngo ntibagihumanye, no mu gihe c’imibonano mpuzabitsina ngo ntibihuta gucishwamwo ijisho, kiretse intanga zibiyatse bagasohora vuba…

Ukwisiramuza gupfana iki n’ugukora isuku?

Inyishu ntizitangwa kumwe  hagati y’abamaze kwigenyereza n’abatarabikora. Twarayaze n’iyo mice ibiri. Uwa mbere ni uw’abatarisiramuza. Aba baremeza ko hari utuntu tw’uducafu tugomba kwera ahandi na ho tukagomba gusa n’umuhondo , tw’agahumuro kabi basanga twigobetse musi y’igishishwa c’igihimba c’irondoka, bikabagora  kutwoza bakamana umwitwarariko wo kwama bahafukura ngo bahahanagure.

 Pierre Ngendanzi (Izina ryahinduwe), umwe mu batarisiramuza twayaze, w’imyaka 16, yagize ati: ” Ndagerageza kwisukura ariko iminsi yose iyo ngiye kwoga birangora cane ndetse bimfata umwanya wo kubanza kwoga ibindi bihimba vy’umubiri hanyuma igihimba c’irondoka nkaja kugifatira umwanya mu nyuma. Biramfatira cane iyo ngomba nje mu vyigwa, rimwe na rimwe bikanancereza iyo ntitanguye ngo mbikore kare. Nubwo ntarisiramuza, isuku rirakunda, usivye ivyo mvuze, nta kindi bintwaye…

Mu gihe bitoroshe kuronka uwemanga ko atarisiramuza, Gaspard Mutama (uwisiramuje), we, yemeza, ata kurya umunwa canke ngo yongorere, ko ariko aroga, ageze ku gitsina ata biharuro vyinshi arinda gukora. Ngo yisukira amazi nk’uko yoza ibindi bihimba nk’amaguru, amaboko n’ibindi.  Uwo muyabaga asanzwe yiga mu mwaka w’umunani amenyesha ko yabikorewe ataraca ubwenge ariko arashimira abavyeyi bamukurikiranye hakiri kare, ngo biramuhesha n’agateka ari mu bandi banyeshure mu kutinubwa, nk’uko abishikiriza

Abajejwe amagara y’abantu babivugako iki?

Martin Jambonimana umuvuzi wo kw’ivuriro Saint Michel yasiguye ati:” Ni vyo, burya kugenyera umwana w’umuhungu biratuma igihimba c’irondoka ciwe kidakunda guterwa n’ubucafu eka mbere no mu gihe c’ugukora isuku  bikoroha cane.”

Amenyesha ko hari n’aho umutwe w’igitsina ushobora kujako utuguma, n’uducafu tukinjira, ubwandu bwo mu mukoyo n’ibindi. Mw’ico gihe ku mwana yagenyerewe vyibonekeza n’ingoga tukavurwa hakiri kare ariko umutwe ubaye  ugipfutswe na ka gashato umwana aguma ababarira imbere, hagera igihe c’isuku akababwa, no kutuvura bikagorana”

Kwitaho igikomere inyuma yo kugenyerwa

Philippe Niyo (Izina ryahinduwe), ni umusore yigenyereje afise imyaka 19. Ngo igihe yisiramuza atarakira, yarondera agatambara katagumaraye kugira ntikamutoneke agaheza akakabohesha bukebuke ku gitsina ciwe gahorogahoro kugira ntababare akabona kucuhagira:” Naho igikomere cari kikiri gishasha, sinigeze ngirira isuku kwa muganga , nabifashwamwo n’abagenzi ariko amazi ankorokeye ku kiguma vyarambabaza cane nkabura iyo ndagikwirwa

Nta n’umwe mu bo twayaze yashimye ko tuvuga izina ryiwe, ariko uwu we avuga ko nubwo imisonga itabuze kubaho, ngo yabandanije kuja kwa muganga nk’uko yari yabibwiwe  na Muganga kandi abavuzi ngo barakurikiranye ikiguma gushika akire neza, ubu aravyishimira cane.

Gute uwutaragenyerwa yokora isuku mu buryo bubereye?

Si ukwisukako amazi ku mubiri hanyuma akihanagura akaba arahejeje. Muganga Martin Jambonimana amenyesha ko igihe cose umuhungu atagenyereye agiye kwiyuhagira, yomera nk’uwukwega buhorobuhoro agasato gapfutse umutwe w’igitsina ciwe amera nk’uwukikwegerako, uno mutwe ukaja ahabona hanyuma agasukako amazi akuhagira neza ubucafu buriyo agaheza agapfuka.

Naho biri uko, abajejwe amagara y’abantu batandukanye barahanurira umwana w’umuhungu kwisiramuza kuko ata co bimwicira. “Usivye ko ari uburyo bwo kugira isuku uwabikoze aba yikingiye ubwandu bw’ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (IST) ku rugero rushika ibice 60%.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top