Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Ugatumira isinzi mu rubanza witeze intererano, ariko utagira inzimano… Twikebuke!

Ugira gutya ukumva ngo umuntu yatanze ubutumire igihumbi bw’abazomuzira mu rubanza, ariko ugasanga nyene urubanza mu buryo bwiwe ntashoboye no kuzimana abantu mirongo ibiri. Mu bitavye ubutumire, ugasanga inzimano ishikiriye abicaye imbere gusa n’ay’abandi bagataha bamiramitwa, bidodomba. Njebas ahanura abategura imanza kutiyemeza ivyo badashoboye, ngo bimaramaze.

Bagenzi mwebwe ivyo muramaze kubibona mu manza mumara? Ici rirageze, imanza nazo zibe umuyoro. Ab’imanza batangure gutumira abo bazi n’abo batazi. Ubutumire barungika ngo urampera abagenzi bawe. Abadashikiriwe nabo bagakoranirizwa mu ma « group WhatsApp » mbere bamwe batanagishijwe inama. Ariko murantunge. Ugutumira si bibi ariko gutumira abo udashobora kwakira ngo ubazimane na vyo ni ibindi.

Ni vyo ntawifasha urubanza. Kanatsinda urubanza rumarwa n’abagenzi nk’uko biri mu mico y’Abarundi. Ariko umuntu aterera ku vyo asanze. Ntiwokwitega ko urubanza ruzoryoha kubera ivyo witeze mu ntererano. Biraryoshe kubona isinzi ry’abantu bitavye urubanza, ariko mu gihe batashe bakagenda baragusiba ngo nta n’amazi bahanyoye kandi bamwe baje bikoreye biramaramaza.

Hari umugenzi yambwiye ko ku wagatandatu uheze yitavye ubutumire bw’umugenzi wiwe. Yari afise urubanza rw’ubugeni. Ng’uwo umuhungu afashe ibahasha akubisemwo inoti 3 z’ibihumbi icumi cumi. Ntabaye ibihumbi 30000Fbu? Barinjiye ahariko harabera imigirwa y’ubugeni, inzimano ziraza zishikira ku bavyeyi b’umuhungu n’ab’umukobwa n’abandi bake bicaye imbere, nuko inzimano ziba zirakamye.

Mw’ijambo ryavugwa, abashingantahe barongeza urukanywa ku baronse bagasabira n’abatararonka, ariko none zivehe ? Nta buryo yari yategekanije bukwiye kuko yari yiteze intererano za « comité », iyi nayo yari yaronse intererano atari ikirenga.

Uyo mugenzi, ngo amaze kubona ko ata cupa aronse, yarasohotse hanze akora mw’ayamafaranga yashira mw’ibahasha aravunjisha aca asigamwo inoti y’igihumbi kimwe kugira aje kuramutsa umugeni abone ko yitavye ubutumire bwiwe.

Kandi si uwo gusa yagabanije intereraro, ngo n’abandi niko babigenza. Mbere ngo hari n’abadatanga n’icasha, iyo babonye babuze inzimano mu rubanza. Amahera baba bateguye guterera ngo baca bicira ku kabare kuyisororeramwo icupa, bakaboneraho n’akaryo ko kunegura abatumira igihugu batanategekanije inzimano.

Ariko ndaguye ndagarutse, guterera ni umutima. Naho woba wabuze ico ufata mu rubanza, amafaranga wari wategekanije yo gushigikira umugenzi yashinze urwiwe ntiyari akwiye gusubira inyuma adakoze ico yagenewe.

Mugabo ubu hamwehamwe mu manza hariho abatanguye kubona ko bikwiye ko umuntu atumira abo yiteguriye. Aho usanga ivyo gutembereza amabahasha mu bantu ngo akira bidakorwa. Naho uyisaba bakubwira ko atazobafise. Utaje uyizaniye uca uyironderera canke intererano yawe ukamenya uko uyitanga.

Mu yandi majambo, mu manza nk’izo baba biteguriye abo batumiye bose kuko akenshi muri zo abantu bose bararonka n’imiburibiri icupa rimwe. Abo bategura imanza baba bazi ko atari ngombwa ko uw’utumiye aguterera ariko umuzimana iyo yaje. Burya bagenzi « akamuntu kamara iyagwe ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top