Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

« Inkuba irabije ntuvuga ngo hitana umwansi gusa… »

Gukoresha imvugo zo kwagirizanya kenshi biba bifise ivyo bihishije. Acher Niyonizigiye, umwigisha w’ivyirwa vy’uburongozi hamwe n’ibindi bijanye navyo, aratuyagira bimwebimwe muri ivyo…

Mbega twotahuriki kubijanye n’imvugo zo kwagirizanya ?

Imvugo zokwagirizanya ni imvugo zikoreshwa mu kwerekana amakosa kanaka umuntu canke umurwi w’abantu baba bakoze, ariko iyo mvugo ntibe itumbereye guhanura abantu, canke kubafasha gukosora ivyo bakosheje, itumbereye kwerekana ko ari abantu babi kugira ngo abo uriko urabwira babakureko umutima, bababone nabi. Iyo vyageze kure cane hari n’igihe bivamwo kubakorera ikibi babaziza ayo makosa baba bariko baragirizwa. Nico nokwita imvugo yo kwagirizanya.

Mbega ni ryari umuntu amenya ko hakoreshejwe imvugo yokwagirizanya ?

Kugira ngo umuntu ashobora kuvuga ko habaye imvugo yo kwagirizanya ni mugihe umuntu yavuze ibintu bibi umuntu kanaka yakoze canke yavuze, ariko ivyo bintu bibi yavuze akabivuga mu buryo bwo kumwankisha abantu. Urabona hari igihe uvuga ngo naka vyaramugoye arihenda avuga ibitarivyo abamwegereye muramuhanura, aho ntuba umwagirije, uba uvuze ivyabaye kandi uba werekenye umutima wo kubikosora. Ariko iyo harimwo ukwagirizanya uvuga ngo mwaravyumvise ivyo naka yakoze, nari narababwiye ko ari umuntu mubi kandi nimwamubona muze mumwirinde, naho hoba harimwo umugenzi wiwe aze amwirinde. Haba harimwo akantu kinyegeje inyuma ko gushira uwo muntu kuruhande cokimwe n’abandi bamwegereye muntumbero yokwigarurira abo ariko arabwira kugira ntibahave bamwiyumvira ngo bahave bamutahura canke ngo baje kuruhande rwiwe, ahubwo baje kuruhande rwawe, mubisanzwe uba ukoresheje ikosa ryabaye kugirango wikwegereko abantu ubankishe uwowundi muntu.

Mbega nkumuhinga muburongozi imvugo nkiyo ikundwa gukoreshwa mubihe ibihe ?

Uravye m’ubuzima bw’igihugu canke m’ubuzima bw’ikibano, imvugo nkizo zirakundwa gukoreshwa iyo ibihe vy’amatora vyegereje, kuko niho abakeneye gutorwa baba bashaka ukuntu bokwiyegereza abantu, hama rimwe na rimwe bakagomba kwiyegereza abantu babanje kubankanisha n’abandi nabo bashobora kubakenera. Novuga ko mubuzima bw’igihugu ahanini iyo ibihe vy’amatora vyegereje, niho izo mvugo zikunda kugwira.

Mbega imvugo nka bene izo zishobora kwonona iki mukibano ?

Izo mvugo nimbi cane kuko zishobora gucanishamwo abantu, zirankanisha abantu bagashobora kuzifatirako mukuduza urwanko hagati y’imigwi kananaka iba iri aho hantu kandi iyo hari abantu batwarira hejuru bashushe amaraso birashobora no kuvamwo gukoreranira ikibi kuko urabona iki gihugu cacu cabayemwo ibintu vyinshi, abantu bagendana ibikomere, bagenda barababaye hariho ababuze ivyabo, hariho abiciwe ababo. Iyo rero hatanguye kuzanwa amajambo nkayo iyo habonetsem umuntu akabura abantu barashobora gusubiranamwo no kurwana bakarwana bazizanya ayo majambo aba yavuzwe yo kwankanisha iyo mirwi iba iraho hantu, si ibintu vyo gukinigsha si ibintu twokwimenyereza gufatirako kuko ubukozi bw’ikibi bufadika bwama bufatira aho nyene.

Umuntu yumviriza izo mvugo zishikirizwa n’abo baserukira abandi, yozakira gute ?

Ico abantu bumviriza amajambo nkayo boshira imbere nuko igihugu gihera mukibanio aho umuntu abaye, ikintu ca mbere tuba dukeneye n’ukubana neza, n’ukubana mumahoro, bakwiye gushirimbere ikibano gusumba amajambo baba bariko barumviriza kuko harashobora kuza umuntu akabacanishamwo bagasigara barashwana yigiriye, ugasanga we ntaco bimubwiye yibereye mumahoro. Abantu rero barakwiye kwiyumvira ikibano cabo bakirinda kwakira ayo majambo muburyo butuma bankana nabo babana ahubwo bakarondera ingene ivyo bintu vyoba vyarabaye, kuko hari igihe ayo majambo avurwa afatiye kuvyabaye atakubesha kurimwo, bakavugana ukuntu ivyo bintu biba vyarabaye, ukungene vyokosorwa bidatosekaje umubano wabo kuko iyo umubano wabo utosekaye ntuba uzi iyo biherera, hari igihe uba wibaza ngo ba naka nibo bazomererwa nabi kuko no mukirundi bacumugani bati imkuba irabije ntuvuga ngo hitana umwansi kuko nirinze iturika hari igihe usanga n’umukunzi yajaniranije ibihe vyo gucanamwo birinze bishika ntanumwe ashobora kubiganza ngo uvuge ngo je ndazi ntibizonkorako. Nico gituma mukwakira imvugo bene izo hobaho gushira imbere ineza y’ikibano.

Ni uruhe ruhara rwumwumwe kugira imvugo bene izo ziranduranwe n’imizi ?

Kugira izo mvugo ziranduranwe n’imizi umwumwe wese yogira ibintu nka bitatu. Icambere umuntu yokwirinda kuzikwiragiza : kirazira yuko umuntu yogenda aravuga imvugo zicanishamwo abantu kukubera yavyumvanye naka kuko barya bantu tuba twumvirije ntituba tuzi ico bagamije, kandi bo baravuga bakagenda bene kubibwirwa nibo basigara baragira ingorane.

Ica kabiri bamaze kumva izo mvugo bahamagariwe kuzihinyuza : umuntu rero ahamagariwe kwiyumvira ati ukuri kurimwo ni ukuhe, mbega mubihe nkibi inyifato ibereye ni iyahe, umuntu yamaze gufata akanya ko kuyiyumvirako biroroshe kubona ico ategerezwa gukora.

Icagatatu yokora nukubiganirako kuko hari naho haba hariho amajambo mabi aba ariko aravugwa, umuntu ntaronke akanya ko kubiganirako, abantu babishize ahabona bakabiganirako bashira imbere ineza y’ikibano cabo, vyotuma ibintu bitagera kure. Hama iyo babonye ko bigiye kugera kure cane barashobora kwitura abajejwe kubatunganiriza ntibace basimbiranirako, ntibace bankana kandi hariho inzego zategerezwa kubatunganiriza zaba ari inzego z’ubutungane canke abarongoye intwaro canke bagahanuza abarongoye amashengero bakagira ico babafashije kugira ivyobintu ntibiyangare maze bikagarukira hagufi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top