Ishirahamwe ODEDIM CARITAS Muyinga rifadikanije na Caritas mpuzamakungu y’Ububirigi bari bakoranije abanyagihugu itariki 16 Ruhuhuma 2022 bo ku mutumba wa Kigina muri komine ya Bugabira mu Ntara ya Kirundo aho bariko barahimirizwa ku nyigisho zo gusubiza hamwe ku civugo « kugwiza umubano mwiza hagati y’abahungutse / abateshejwe izabo n’abasangwa. » Ico gikorwa kikaba carakunzwe n’abari ngaho bose.
Uyo munsi ihimirizwa ryari rishingiye ku bikino vy’intambo, ivyese no kwishura ibibazo vyose biri mu rukurikirane rw’ibikorwa (R3) vy’umugambi wa “TUGABANYE UBUNTAHONIKORA” uriko urarangurwa ku mitumba 6 ya Komine Bugabira n’umunani ya Komine Busoni.
Abanyagihugu bo ku mutumba wa Kigina bari basidukanye n’iyonka ku kibuga c’inkino co muri iyo Komine, bamwe bajanywe no kurorera ivyese n’imvyino, abandi bajanywe no kwishura ku bibazo biza kuhabarizwa.
Umwunganizi amaze gusigura ku civugo c’uwo munsi, ibibazo 10 bijanye n’icivugo c’uyo munsi vyarabajijwe. Abashoboye gutanga inyishu zo kuri ivyo bibazo bararonse agashimwe k’isabuni n’ibido. Haciye hakurikira intambo ziherekejwe n’indirimbo zihamagarira abanyagihugu gushira hamwe, ivyese navyo vyaba bigizwe n’amajambo yitondewe ahamagarira kurengera ivyocanishamwo abahungutse/abateshejwe izabo n’abasangwa.
Ikindi cagaragaye n’uko abahungutse, abateshejwe izabo, abasangwa, abarongozi ba paruwase n’abakuru bo kuri uyo mutumba bari baserukiwe.
Imigwi 3 ya mbere yigenjeje neza yararonkejwe ubushimwe. Umugwi waje mu kibanza ca 1 waronse ibikoresho vyo gukaraba hamwe n’akabahasha ka 50.000Fbu. Imigwi ya 2 niya 3 yaronkejwe akabahasha ka 50.000Fbu. Ahanini ubwo bushimwe n’imvyino sivyo vyari bifise ikibanza kinini ahubwo ivyigwa vyari muri izo nkino n’intambo bishingiye ku’ guhuza abahungutse n’abasangwa, kubumbatira amahoro, gutorera inyishu ibibazo borohewe, kwirinda kuvyura ingorane zotuma abanyagihugu bahunga n’ibindi…
Abanyagihugu bagera kuri 17.572 nibo bashikiriwe n’uyo mugambi
Ngendakumana Jonas umuhanuzi muvy’ubuhinga wa musitanteri wa Bugabira asigura ko uyo mugambi wakunzwe n’abanyagihugu kandi wababereye inyungu kuribo. Yagize ati : « Uyo mugambi w’umubano mwiza hagati y’abahungutse /abateshejwe izabo n’abasangwa watumye ugabanura imishamirano yakunda kwaduka isomborokejwe n’akagorane gato igabanuka. Ubu utwo tugorane twadutse dutorerwa inyishu mu mwanya muto. » Abandanya asaba ko imigambi nkiyo yogwizwa ku yindi mitumba.
Umunyamabanga nshingwabikorwa wa ODEDIM-Caritas Muyinga Patiri Leonidas Bizimana arashimishwa n’ivyyiza biva muri izo nyigisho aho ku mitumba ya komine Bugabira na Busoni irangurirwamwo na cane cane mu bijanye no gutorera inyishu ingorane no gutsimbataza amahoro.
Patiri Bizimana Leonidas arongera akamenyesha ko kugira uyo mugambi ushobore gushikira neza abanyagihugu bo ku mitumba 14 ya Komine Bugabira na Busoni, ODEDIM-Caritas Muyinga yarinze gushiraho, kuri buri mutumba, umuhuza kugira aze arafasha gutorera inyishu ibibazo biciye mu mwumvikano, n’imboneza muvy’amategeko ifasha abanyagihugu gutahura ico amategeko avuga ku matati aba yadutse : « Umuhinga muvy’inyifato afasha abahahamutse hamwe n’umushingwamanza afasha abanyagihugu kuburana barashizweho ku rwego rwa Komine. »
ODEDIM-CARITAS batewe amashurwe impande zose
Uwambere yatanguye gutera amashurwe ibikorwa vya ODEDIM-CARITAS Muyinga ni Prosper Ndayiragije, umuvyeyi wa Joyeuse, umwigeme w’imyaka 9 yafashwe ku nguvu n’imiyabaga 2 y’imyaka 16. Uyo muvyeyi ngo bikiba vyaramugoye kwakira : « Ubwo bubi bukiba ku mwana wacu twarabuze ukuntu twifata, turabura ico kurikira uyo mwanya », ivyo bimaze kuba niho bumva ODEDIM-CARITAS Muyinga iriko irabarondera ngo ibafashe muri ivyo bihe bigoye bariko baracamwo : « Tubifashijwemwo n’umuhinga mu vy’inyifato yazanywe na ODEDIM-CARITAS Muyinga, jewe n’umukobwa wanje twarashoboye gusubiza umutima hamwe. Uyo muhinga yarantekereye impanuro z’uko nofata umwana wanje yashikiwe nizo ngorane. » Kucerekeye abagigwa n’icaha, Prosper Ndayiragije avuga ko urwo rubanza ruriko rukirikiranwa n’umushingwamanza w’iryo shirahamwe kandi ata rumeya ariko arasohora.
Uwundi yateye amashurwe iryo shirahamwe ni umukenyezi Sandrine Niyonkuru, yasohowe mu nzu n’umugabo, agenda kwangara n’abana 5 agenda asize ubutunzi bwose baronderanye n’uyo mufasha. Uyo mukenyezi arashima ukuntu ODEDIM-CARITAS Muyinga yamwitayeho : « Iyo hataba iryo shirahamwe n’umushingwamanza wabo simba naragaruye n’igice c’ubutunzi naronse nuyo mugabo twari twubakanye. » Biciye muri ubwo bufasha, ubutungane bwatumye uyo mukenyezi n’abana biwe bagarura imoto 2 kuri 3 bari baratswe.




