Jimbere

ikirundi French English
Ubuhinga

Sama Money, urubuga rwo kurungikiranira amafaranga no kurihira kuri ngendanwa vyoroshe

Ku mugoroba wo ku wa 28 Nzero, mu nyubakwa za Van Beach Resort, haruguruwe icese urubuga rwo kubika no kubikura, kurungika no kuriha amafaranga hisunzwe ubuhinga ngurukanabumenyi bwitwa Sama Money. Ivyo birori vyari bihagarariwe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Léocadie Ndayisaba.

Urubuga Sama rwatangujwe na Dauda Ali Koulibali ni urubuga rwemewe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB rufasha mu kurungika, kubika, kubikura no kuriha ubicishije kuri ngendanwa. Mu gihe hibonekeza bamwe mu bantu badafise uburyo bwo gushika mu ma banki, yaragize iciyumviro co gushinga urwo rubuga mu ntumbero yo gufasha abo bantu. N’urubuga kandi rwakozwe n’abanyafrika, rw’abanyafrika nyene.

Ibikorwa vyarwo biramaze gutera imbere kuko rugeze mu bihugu nka Mali, cote d’ivoire, n’Uburundi burimwo, mu minsi iri imbere hakazoba harimwo kandi n’igihugu ca Sénégal. Ubwo buhinga buzofasha mu guteza imbere ubuhinga bwa none bunyaruka bwo kwurungikiranira amafaranga no kuriha uciye kuri ngendanwa.

Uburusho bwa Sama Money

Allasane Sissoko arongoye urwego nshingwantwaro muri iryo shirahamwe, avuga ko Sama Money ifise ubuhinga butuma ukurungikiranira amahera vyihuta kandi vyizerwa , bararonsa abantu ivyo bakeneye batarinze kuba bafise ama conte yo mu mabanki, n’inyishu nziza kandi ku bantu bakoresha za ngendanwa mu gukora ibikorwa bitandukanye vy’amafaranga.

Abandanya avuga ko bafise ibiciro vyo kurungika biri ku rugero rwo hasi cane, urubuga rwa none rwigenga kandi rucungerewe, bafise, n’utuzu tw’idandarizo tw’amabara ya Sama Money turi mu gihugu cose, bakorana kandi n’ibanki BCB Ifasha abantu ba Sama money kurungika amahera uyakura kw’iconti yo muri banki uyajana kuri wallet (ukayashira mu ngodo yawe canke uyakura mu ngodo uyajana kuri conti yawe yo muri banki.

Sama Money irakorana kandi n’urunani rw’ama coopec mu Burundi FENACOBU hamwe n’ishirahamwe ry’ama posita mu Burundi, nkuko Allasan Sissoko abishikiriza.

Uburyo bwo kwinjira muri Sama Money

Daouda Ali Coulibaly, umuyobozi mukuru wa SAMA Money

Kubwa Daouda Ali Coulibaly, yashinze iryo shirahamwe, ukwinjira kuri urwo rubuga avuga ko bica mu buryo 3 ubwo nabwo ni:

Ugukoresha ngendanwa ugafyonda #300# ugaheza ukarungika ukoresheje umuhora uwariwo wose ukoreshwa mu Burundi hanyuma bagaheza bakabereka uko mwiyandikisha.

Ukoresheje application uronka uciye ku rubuga rwa playstore canke Appstore (https://bi.sama.money/)

Uciye ku rubuga rwa Whatsapp mu kurungika indome (indome) «S» canke igitigiri «1» hanyuma ukarungika ku numero ya ngendanwa 61 62 00 00.

Daouda Ali Coulibaly amenyesha ko ibikorwa vyo gushira amahera kw’iconti SAMA bishobora kandi gukorwa n’aba agent babo. No ku baca ku rubuga whatsapp bategerezwa kuba banditswe nk’abanywanyi ba Sama Money.

Sama Money, umuti w’iterambere

Umushikiranganji w’ugutumatumanako amakuru Léocadie Ndayisaba yari yaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori yarakeje yongera aratera intege abiyumviriye urwo rubuga bongera barashikana urwo rubuga mu Burundi « rworoshe gukoresha kandi ruje gutuma haba ukwisununura mw’iterambere mu gihugu nk’ukwo bitegekanijwe mu gitabu ndongozi c’imigambi y’igihugu (PND2018-2027) ». Umushikiranganji akaba yaboneyeho akaryo ko kwerekana bimwe mu bizotuma urwo rubuga rushinga imizi mu Burundi. Aho akaba ari nk’ibice birenga 95% vy’igihugu cose gishikirwa n’ama rezo ya terefone (couverture de réseau mobile) hamwe n’umurindi w’abarundi batunga telefone udasiba kwiyongera.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top