Jimbere

ikirundi French English
NUKU

Aimé Mugisha Intwari mu vy’ubuhinga bwa none mu Kirundo

Aimé Mugisha ni umusore w’imyaka 30. Aba mu ntara na komine Kirundo, ku mutumba Runanira ya 2. Yize amashure yisumbuye mu vy’ubuhinga bujanye n’inyabwonko (informatique) ubu akaba akora ama « logiciels » ubuhinga bushirwa mu nyabwonko kugira bufashe mw’itunganywa ry’ibikorwa kanaka. Arabikamisha kandi aravyishimira.

Si ivya bose kumenya ibijanye n’ama « logiciels ». Aimé Mugisha ati : « Maze kubona ko aho mperereye hari intambamyi zo kubura abantu basanzwe bazi ubwo buhinga canke abazi gukora amamashini muri rusangi (« maintenance des ordinateurs »), aho abo zapfanye bagenda kuzikoresha i Ngozi, vyatumye niga ingene notora inyishu y’ivyo bibazo vyose. »

Mu bikorwa vyo gukora amamashini nyabwonko, Mugisha Aimé na ho ati : « Natanguje umutahe wa 350.000 Fbu negeranije mu biraka nagenda ndakora hirya no hino, bakampemba. Ayo ni yo naguze inyabwonko ya mbere kugira ntangure aka kazi. » 

Bukebuke araheza aratera imbere …

Nubwo abahurumbira ivyo vy’ama « logiciels » bataravyijukira ku rugero ruhagije, abaza gukoresha bisanzwe inyabwonko zifise utubazo dutandukanye baraboneka. Kubera ko Mugisha akorana n’uwundi mugenzi wiwe, ku kwezi ngo bashobora kwinjiza 700.000 Fbu bivanye n’ingene biba vyagenze. Eka no kuma « logiciels », baramaze kuronka izigurwa. Akarorero atanga ngo n’iyijanye no gutunganya ivya « pharmacie » babaguriye kuri 400.000 Fbu, iyifasha gutunganya koperative baguriwe kuri 2.000.000 Fbu, hamwe n’iyindi ifasha gukurikirana ibikorwa vy’ubunywero kuri 3.000.000 Fbu. Mugisha aremeza kandi ko ako kazi ariko kabatunze kuko ata kindi bakabangikanya.

Ariko ngo nubwo biri uko, umutahe uguma ari ikibazo gikomeye. Kandi hejuru y’ivyo, ubwo buhinga ngo burasaba ko umuntu aguma yiga kuko ivyo mw’ishure vyonyene bitaba bikwiye. Haba kwigira ku buhinga ngurukanabumenyi (internet) canke kwegera abandi bahinga, ariko ngo na vyo nyene biraheza bigatwara uburyo. 

Baguma bategura imigambi … 

Mugisha na mugenziwe, bompi bafise umugambi umaze kwandikwa neza wo kwugurura ishirahamwe (« entreprise ») rinini rifise agaciro k’imiriyoni zirenga 17 z’amarundi. Iryo na ryo nk’uko avyigana rikazofasha mu gutunganiriza abashaka gukoresha canke kugura imashini canke ivyuma (ibihimba) bimwebimwe vyo gusubiriza ivyapfuye. Kubw’iryo shirahamwe, n’izindi ntara ngo bazozishikamwo bagure akarere irya n’ino, biruke n’ifaranga … Eka Mugisha arategura no kwigisha urundi rwaruka rushaka ubumenyi kugira bibagirire akamaro. Agira ati : « Urwaruka ni rukanure, rukerebuke. Rwerekane ico rushoboye. Rushire mu ngiro ivyo rwize kw’ishuri, kuri interineti, canke ahandi. Kuko n’lmana igira aho imaniye. »

 Uruganda rwa Jimbere

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top