Si ukuyica umurya, inyubakwa zishaje, izigeramiwe n’isuku rike, ziribonekeza muri kaminuza y’Uburundi. Haba mu kigo co ku Mutanga, mw’i Rohero canke i Kiriri, mu bisata bimwebimwe haribonekeza imyango yaheze, ibiyo vy’amadirisha vya menaguritse, ubwiherero buhumura ukuntu, inyubakwa zataye akarangi, izashe imigaga,… muri make ubona ko zikeneye gusanurwa
Bamwe mu banyeshuri bo kuri kaminuza y’Uburundi bati : « Isuku si ikirenga mu bigo vya Kaminuza y’Igihugu. » Hari abakunze kuvuga ngo ntawimena igihute, ariko akariho karayagwa.Abanyeshuri biga muri iyo Kaminuza mu bisata bitandukanye, baranegura ukuntu inyubakwa bigiramwo zisa. Aho rero ubwiherero bitezuriramwo, n’uburaro bw’abanyeshuri ku ho buri ntibuvugwa. Bwarapfutse umunwa!
Hari umunyeshure umwe mu biga ku Mutanga mu gisata c’indimi n’ivyigwa vyerekeye abantu agira ati : « Si inyubakwa gusa, n’inzira zarasivye. Womenga ni inzira z’imende. Iyo imvura yaguye uwudashaye ngo inkweto zihere mu bishanga, aranyerera akimasha mu biziba canke agashika iyo aja yuzuye urume. Tukabona ko hamwe utuyira twokorwa bibaye ngombwa bagashiramwo amabuye rikaba ibarabara rimwe benshi bita ipave vyoba ari vyiza. Kuko ni umuvyeyi w’ayandi makaminuza. Kanatsinda iramura ibishirira mu bumenyi. »
Bimwe mu vyipfuzo vy’abanyeshure…
Mu nyubakwa ziri i Kiriri, hari abanyeshuri bahiga bavuga ko hariho ivyumba mu kubiraramwo babanza kubizibiza udutambara, udukarato canke utubaho baterateranije kugira bikinge imbeho kuko ata biyo biriko. No mu kigo co mw’i Rohero inyubakwa zashe imigaga ntizibuze…
Rero bamwe muri abo banyeshuri ntibatahura ukuntu kaminuza nka Rumuri iramura incabwenge z’igihugu ishobora kuba idasa neza kandi yabwirizwa kuba akarorero k’ayandi makaminuza ari mu Burundi. Bakabona ko iyo kaminuza mu bigo vyayo nka vyose, inyubakwa zaho zoterwa akarangi gashasha, na yo ahatari ibiyo, amadirisha n’imyango bigashigwaho, ubwiherero bugasukurwa kandi bukugarwa aho burangaye. Inyubakwa zamaze kwasa imigaga, n’uburaro bugasubirwamwo, bugasa neza. Abajejwe isuku n’inyubako bakavyitwararika gusumba.
Umuco ku buyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi…
Ku bikunze kuvugwa bijanye n’inyubako ko zoba zititaweho bikwiye, mbere no gusubirwamwo ntizisubirwemwo, umuyobozi wa kaminuza Dr Sanctus Niragira agira ati: «Ihi bambewe si vyo. Igikunda kwibagirwa ni uko kaminuza y’Uburundi yatanguye mu mwaka w’1964, vyumvikane ko inyubako zishaje. Uciye wongerako izo nyubakwa zikoreshwa n’ibitigiri bitari bike vy’abanyeshure biraheza bikumvikana ko hamwe n’ahandi usanga inyubakwa zikuze. Ariko rero ngo kaminuza nta ko idakora ngo inyubakwa zisanurwe izindi zubakwe. Amafaranga agera ku miriyoni 790 y’amarundi akaba ariyo yakoreshejwe mu gusanura no kwubaka uno mwaka. » Uyo muyobozi wa kaminuza y’Uburundi akamenyesha ko nko ku nyubakwa zo mu kigo c’i Kiriri aho bita ‘’Kwikoreje’’ zikunda kuvugwa ko zishaje, amafaranga angana imiriyoni 100 ariyo yahawe ikigo ‘’Obuha’’ ngo gikore icigwa gitomoye cerekana ingene zosanurwa. Ayandi angana imiriyoni 100 nyene akaba yarahawe ico kigo ngo gisanure mu buryo bugezweho utuzu twa surwumwe two muri kaminuza y’Uburundi dukunze kuvugwa ko tutifashe neza. Hakazonakwubakwa n’utuzu twasurwume duhuye n’ikoreshwa ry’abantu benshi.
Dr Sanctus Niragira yavuze no ku kibazo c’amazi yahora akunda gucika muri kaminuza y’Uburundi gutyo bigahungabanya isuku muri ivyo bigo. Kuri ico kibazo yamenyesheje ko ubu umuyobozi wa Regideso aborohereza cane kuburyo iyo bagize ikibazo c’amazi muri kaminuza baca bamuterefona ubwo nyene agaca arungika umugwi w’abakozi ba Regideso baza gukemura ico kibazo. Ariko rero n’ubwo biri uko, muri rusangi uyo muyobozi avuga ko isuku ataco ibaye mu bigo vya kaminuza ufatiye ku myaka imaze yubatswe, gusa ngo baguma bagwana no kuryohora ibijanye n’isuku kugira bibe vyiza gusumba…




