Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Isabukuru y’ibanki y’uburimyi BCAB: yagiriyeko yugurura n’ayandi mashami

Kw’igenekerezo rya 13 Myandagaro 2021, ni ho ibanki y’uburimyi BCAB yigina umwaka imaze iri ku kivi. Uwo munsi wabaye uwudasanzwe kuko haciye hugururwa n’ayandi mashami y’iyo banki nyene muri karatiye Kinindo no hepfo y’isoko ya Cotebu kuri Itracom, mu gisagara ca Bujumbura.

Kuri iyo Sabukuru ya mbere y’iyo banki, hamenyeshejwe ko igiye kwagura ibikorwa vyayo, kugira ngo ishobore gukorera mu gihugu cose nk’uko biri mw’ihangiro yihaye ryo kuba ibanki ya mbere y’akarorero, yizewe na bose ihururumbirwa kuko itagoheka gushika ubuzima bw’umwenegihugu w’umwirimizi bwisununuye.

Nkako, intumbero y’iyo banki ni iyo gushikana amashami yayo mu ntara zose zigize igihugu c’Uburundi. Kandi, ntibitevye vuba cane igiye guhera ku kwugurura amashami yayo 10 hagati mu gihugu imbere y’uko uwu mwaka wa 2021 urangira.

Uno munsi, iyo banki ifise abanywanyi barenga 5000 bari mu mashami ane. Aho twovuga nk’abuguruje amakonti yabo ku cicaro gikuru giherereye kw’ibarabara ryiswe Boulevard du Peuple Murundi, abituye ishami Inkinzo riri hakurya ya T2000 kuri Boulevard de l’Uprona hamwe rero n’ayo abiri mashasha, yose akaba ari mu gisagara ca Bujumbura.

Thierry Willy Nikuze umuyobozi wa BCAB yamenyesheje ko, iciyumviro nyamukuru c’iyo banki ari ico gukorera mu burimyi n’ubworozi: « Twarabonye ko abarimyi basanzwe bahura n’ibibazo vyo kuronka ifumbire ikwiye. Ni co gituma twashizemwo ingurane y’abarimyi ibafasha kugura ifumbire vyoroshe. Ibanki yacu ije kubafata mu mugongo ku buryo umurimyi atwituye ashobora gusaba ingurane ku nyungu itavuna eka mbere tukanamufasha kuronka vyoroshe ifumbire ya Fomi ». Si ivyo gusa, Uretse iyo ngurane, abanywanyi ba BCAB babishatse barafashwa kwinjira muri “Assurance Inkinzo” gutyo bagakingira ibikorwa vyabo.

Abayobozi ba BCAB bari kumwe n’abandi bakozi…

« Nta murimyi amaze kwinjira muri BCAB acidoga… « 

Jean Aimable Ndayikengurukiye, asanzwe ari umurimyi ava mu ntara ya Rutana akaba ari n’umunywanyi w’ibanki BCAB arayishingira intahe. Yagize ati : « Kera twebwe abarimyi twaragira ubwoba bwo gusaba ingurane mu ma banki kuko kenshi nkuko mubizi ibihe bihinduka tutavyiteguriye umwimbu n’umutahe wacu vyose bikahahonera, tukabura uko turiha ingurane twaba twasavye. Uno munsi ico kibazo nta co tugifise kuko turashobora gusaba ingurane muri BCAB tukanaronka assurance izodusahiriza igihe twahuye n’ibibazo. »

Nayo Claudoir Majambere, umuyobozi w’urwego nshingwantwaro (PCA) yuhiriye ati : « Dushaka gushikira umurimyi muto tubicishije mu mashami, ama-guichet, n’abaduserukira (point focaux) mu turere dutandukanye kugira.»

Ibanki BCAB irakoresha n’ubuhinga bwa none bwizewe kandi bugezweho

Iyo banki ntiyashimye gukwega ibirenge no mu bijanye n’ubuhinga bwa none. Mu mezi 12 yonyene imaze yuguruye imiryango yayo, iza yarashizeho ubuhinga bwa ‘SMS BANKING’ aho umunywanyi ashobora kuronka ubutumwa no kubaza akamubakiye akoresheje terefone yiwe naho yoba akoresha agaterefone gatoya.

Ino banki ije itavyorosha. Vuba na ho igomba ishireho ‘application’ izofasha muri wa mugambi wayo wo gutanga serevise inyaruka no gushikira umunyagihugu muto vyoroshe. Igiye kandi gushira ku mabarabara vya vyuma bita ‘Guichet Automatique de Billets (GAB)’ bifasha gutora, kurungika no kubitsa amahera ku makonti batarinze kwivuna, kuruha no gusesagura uburyo bwabo bwo kwiyunguruza ngo bashike ku vyicaro bikuru vya BCAB.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top