Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Bavukiye mu Bubirigi, imitima yabo iri mu bana ba ntaho nikora b’abarundi

Inès Nzeyimana na Bella Kabeya, abigeme babiri bavukana, basanzwe baba mu Bubirigi, barikumwe n’umuvyeyi wabo, kuruyu wa 13 mukakaro bararonkeje ibikoresho vy’ishure abana ba ntahonikora bagera ku 700, bari mu ntara zitandukanye zigize Uburundi.

Iyo ngabire igizwe n’amakaye n’amakaramu bifise agaciro k’imiriyoni 11 z’amarundi. Nk’uko bishikirizwa na Inès Nzeyimana, mu ntumbero yo gushika ku mahangiro biyemeje yo gufasha abana ba ntahonikora, haraheze imyaka irenga 10 barashinze ishirahamwe « Le Sourire d’Espoir », kugira ngo barangure ibikorwa vyobinjiriza udufaranga, gutyo badufashishe abana ba ntahonikora.

Inès ayaga ati : « Turi abarundikazi, ariko twavukiye mu mahanga. Nubwo birukwo, umutima uri i Burundi, iwacu. Abavyeyi barashoboye kutuzana mu gihugu c’amavukiro kuramukanya no kuraba imibereho y’abiwacu. Ego nivyo twararyohewe no kumenya aho twamuka, mugabo kandi, tumaze kubona ukwo abana b’igihugu bamwe bamwe babayeho mu buzima bubi, na cane cane ubwo kudashobora kuronka ibikoresho vy’ishure, vyabaye ngombwa ko natwe tugira ico dufashije, na ho ata kinini twari bwagere kuronka ».

Uburyo babukura mu mfungurwa n’intambo vy’ikirundi

Abo bigeme rero, nkuko babandanya babiyaga, ngo kugira bashobore kuza bararonka uburyo, baratoye umusi woza urahimbazwako akaranga k’u Burundi, bagatambira abazungu intambo z’abarundi, bakanabagaburira imfungurwa batamenyereye zitetswe kirundi. Inès atomora ati: «Ego, duciye mu vy’akaranga, haboneka ko tuba turiko turerekana akaranga kacu. Ni vyo, ariko intumbero nyamukuru, ni iyo kurondera ubwo buryo kugira ngo igikorwa twishinze co gufasha abana b’abarundi gishoboke. Kandi abazungu barafasha muguterera, ataruko bashimye cane akaranga, ahubwo kubera bashatse guterera mu mugambi wacu. »

Bella Kabeya, murumuna wa Inès, yongera ko, ko badakora bonyene, ariko barikumwe n’abandi barundi batari bake, bemeye kuba abakorerabushake, kugira ngo na bo beterree mu gufasha urwaruka rwo burundi bwejo.

Mugihe abana bagera kuri 200 bafashwa na Christine Ntahe « Mama Dimanche », nyene ikigo Bon geste, mu Ngagara, bari bahejeje kuronswako kuri iyo ngabire, uwo muvyeyi agaburira abana bo mw’ibarabara yashimiye aranahezagira uwo muryango wari waje kumufasha ku ncuro ya kabiri bikurikiranya.

Kino gisomwa canditswe na Liesse Niyomuhoza mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top