Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Gufatwa nabi n’incuti mu bisagara, kimwe mu bibangamira agateka k’abana

Bivanye n’ubuzima bwo mu mihingo imwe imwe ya ruguru budakunze kworohera abana ku bijanye no kwiga ngo atere imbere, abafise amahirwe yo kugira imiryango mu bisagara barakunze kuja kubayo ngo bikunde baronke ubuzima busumbirije. Muri abo bana, hari abahura n’ingorane zitari nke, bagafatwa nabi, mbere bakipfuza ubuzima bahoramwo bataraja mu kizungu. Inkuru ya Aline Girukwishaka.

Burya mu bisagara, ni gake ushobora gusanga atamuntu w’incuti atunzwe mu muryango. Kenshi baba ari abana bamanutse kwiga, biturutse ko iyo bava bitaborohereza kwiga neza.

Aline Girukwishaka umwigeme w’imyaka 16 avuka ku musozi Mugero komine Gisozi, intara ya Mwaro. Amaze imyaka 3 amanutse i Bujumbura ku mvo z’amashure. Ashinga intahe ati :« Naje mu gisagara ca Bujumbura abavyeyi bandungitse kwiga. Nashikiye kwa datawacu, kuko ata yindi ncuti nari mfise i Bujumbura. Maze gushika ho, mu minsi ya mbere vyari bicoroshe kuko bari bakimparaye. Uko iminsi yagenda irahera, ni ko ibintu vyo kuba umwana nk’abandi bigenda birahera. »

Girukwishaka abandanya avuga ko uwo se wabo yagiye aduga ruguru gukorera yo akamanuka ku munsi wa gatandatu gusa, urugo rugasigara rubazwa umukenyezi. Uwo na we akaba yaciye abironkeramwo akanya ko kumufata nabi.

Neza na neza uko vyagenze

Uwo mwigeme Aline rero aja ku muriri agira ati: «Vyatanguye nkora udukorwa dutoduto, mesa iminsi yose, nava kw’ishure nkoza ivyombo bikaba ngombwa ko arije nteka mw’ijoro.Ivyo biheze ni ho naronka umwanya wo kwiga. Kubera ko naba narushe cane naca nja kuryama ntize. »

Ntivyatevye, wa mukenyezi nyenurugo yahavuye yirukana umukozi aca afata ingingo ko ivyo yahora akora vyose bigiye gukorwa na Aline. « Iminsi yose nagenda kw’ishure mpejeje kumesura no gutegura abana. Mvuyeyo nije natunganya utwo mu rugo twose, nsavye umwanya wo kwiga nta kindi yamfasha atari ukumbwira amajambo mabi gusa ».

Mu kigo FENADEB citaho agateka k’abana, bahamagarira abo bavyeyi basa n’abataye ibanga kwisubirako, bakanasaba abana bahohoterwa kwitura ico kigo canke abajejwe intwaro, kugira bakingirwe, hongere hafatwe ibihano ku bahohotera agateka kabo.

Muri uwo mwaka w’ishure, Aline ntivyashobotse ko amenya. «Vyari bigoye ko menya kubera ntigera ndonka umwanya wo kwiga. Ikirenzeko nta muntu n’umwe w’umugenzi, incuti, canke uwundi yaza kundaba kuko yari yaranyihanikiririje ko ninabivuga nzoca ndondera ahandi nja kuba. Nararyumyeko bikomeye ariko haragera igihe ndengerwa ndabibwira umwe data wacu, nawe ntiyatevye kubikoza umugore wiwe amukarira».

Nta nyishu vyazanye

Hakworoherwa, Aline yabandanyije abaho nabi, naho yarahejeje gutura ingorane sewabo, ariwe nyenurugo, kuko wa mupfasoni amaze kumenya ko yamureze, yaramugabishije ko ibintu bigiye gukomera, Aline we akibaza ko ariko amutera ubwoba gusa. «Yaciye atangura kunsivya kw’ishure nkirirwa nkora ibikorwa vyo mu rugo. Iyo nakoze ikosa hoho narakubitwa nkashaya.Umunsi umwe rero nteruye umwana naranyereye nsesa amata, ico yakoze uwo mupfasoni yarihoreye, maze aca ahengera mw’ijoro turyamye arankubita, ansesako amazi aho nyene mu gitanda. »

Aline abandanya avuga ko muri iryo joro nyene, yaciye amusohora amuraza hanze amutegeka kumuvira mu rugo. Imana y’aboro mubona ko yamaho, naho bitari vyoroshe, bukeye yahavuye aronka umuntu w’umubanga amutora aramutunga.

Kino gisomwa canditswe na Aude Princia mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top