Mu 2014 harashizweho itegeko ry’umukuru w’igihugu rigena inagurwa ry’urwego nshingwakirundi rwari rwashizweho n’iteka ry’umwami Mwambutsa IVn0 01/96 ryo ku wa 16 Nyakanga 1962 bivuye mu ciyumviro c’umuhinga mu kirundi Jean Baptiste Ntahokaja. None ibikorwa bigeze he?
Haraheze imyaka 59 abarundi barindiranye igishika ibikorwa vy’urwego nshingwakirundi mu Burundi. Ubu ibimenyetso vy’uko rushobora kuja ku kivi biratanguye kwibonekeza. Ikigo kizokoreramwo urwego nshingwakirundi ubu caratunganijwe. Kiri imbere y’ubwinjiriro bukuru bwa kaminuza y’Uburundi ku Mutanga, kw’ibarabara ryitiriwe Mwezi Gisabo. Mbere kuri uwu wa 11 Ntwarante 2011, umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo imico kama hamwe n’abandi bakaba bagendeye ico kigo. Ivyo rero bigatanga umwizero ko urwo rwego rwoba ruri mu kuja ku kivi.
Yerekana intambwe bagezeko, Gaspard Banyankimbona, umushikiranganji w’indero n’ubushakashatsi agira ati: «Ubwa mbere twama turiko turasigura ko ururimi rwokwitabwaho, dusigura akarusho urwego nshingwakirundi rwozana, aho twahimiriza ko kaminuza zo mu Burundi na canecane Rumuri, kaminuza y’Uburundi zogira uruhara runini narirya ari zo zijejwe inyigisho zihanitse eka mbere n’ubushakashatsi. »
Uyo mushikiranganji avuga ko kaminuza y’Uburundi yafashe iya mbere mu kwerekana ko yiteguriye kwakira ikigo nshingwa kirundi mbere n’itegeko risubiramwo rigaha n’intumbero ico kigo ubu ryamaze gushikanwa muri Reta kugirango iryemeze, yongere itange n’abazokirongora kugira gice gitangura gukora ku mugaragaro.
???? « Uwutaye akaranga aba ataye akabanga » ——————————————————– ???? Kuri uwu wa 11…
Publiée par JimbereMagazine sur Jeudi 11 mars 2021
None urwo rwego ruzokora iki?
Ferdinand Mberamihigo umushakashatsi mu kirundi akaba n’umwigisha muri Rumuri mu gisata c’imico n’imigenzo nyafirika avuga ko yisunze amategeko agenga urwo rwego, ruzoba rujejwe kwihweza ikoreshwa ry’ikirundi. Hama aho bikeneye kugororwa bikagororwa hafatiwe ku bisata ikirundi gitegerezwa gukoreshwamwo. Aho gikoreshwa hake, bakahongereza, hanyuma bakongera kandi bakihweza ukuntu ico kirundi gikoreshwa mu nyandiko.
Uyo muhinga anavuga kandi ko urwo rwego ruzonarongora integuro yo gucura amajambo mashasha y’ubuhinga mu kirundi, gutyo umuntu yisanzure mu kuvuga, kuko hazogenda haracugwa amajambo y’ubuhinga hisunzwe amajambo abantu bakenera gukoresha cane ariko adahari mu kirundi. Ivyo rero bizotuma ikirundi gikoreshwa mu bisata vyinshi mbere n’ivy’ubuhinga nk’uko biri no ku rurimi rw’igiswahiri muri Tanzaniya. Ruzonatunganya kazinduzi mu kirundi, izo koreshwa mu mashure n’ahandi, mbere urwo rurimi rwa basokuru runashirwe ku mbuga ngurukanabumenyi.
Mwomenya rero ko nk’uko abahinga babivuga, igihugu kugira gitere imbere, ngo ni uko ururimi kavukire rubanza gutezwa imbere, gutyo imigambi n’ibikorwa vyose vy’ubuhinga biganisha kw’iterambere birangurwa mu rurimi umuntu atahura neza.




