Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

« Abubaka ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika ni bo nkwezi y’amarere »

Déo Guide Rurema, umushikiranganji araba ibijanye n’ibidukikije yabishikirije m’uruganda rwo kurabira hamwe ivyo korwa mu gukingira inkengera z’ico kiyaga, kuri uwu wa 26 Ruhuhuma 2021, mu nyubakwa za Club du Lac Tanganyika.

Atakurya umunwa, Deo Guide Rurema yagize ati: «Abubaka mu kajagari ni bo batuma amazi y’ikiyaga Tanganyika aduga gutyo agahitana ivyo asanze mu nzira vyose, uri amazu, imirima, n’ibindi vyinshi, akonona ibidukikije. »

Kuva mu mwaka wa 2019 gushika ubu amazi y’ikiyaga Tanganyika yaraduze gushika ku metero 776. Iryo duga ryamazi ryateye ubwoba abantu rikaba ryaheruka kuba mu mwaka wa 1964 aho yaduze gushika ku metero 778. Iryo duga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika yononona ibidukikije agasiga mu kangaratete ababa ku nkera zaco ngo ntiyizana agira inkorerezi.

Déo Guide Rurema umushikiranganji ajejwe ibidukikije avuga ko bituruka ku bantu bavogereye ikiyaga Tanganyika, bakahubaka amazu mu kajagari badasize imetero 150 zitegekanijwe kugeza na ho amazu amwe amwe ashokera ku mazi. Ivyo rero bikaba bibwirizwa kurwanywa vyivuwe inyuma.

Déo Guide Rurema avuga ko amazi aheruka kuduga yaje guca urubanza no kwerekana ivyihutirwa gukorwa. Yaciye atunganya umugwi w’abahinga bo mu bushikiranganji arongoye kugira bategure igitabu cerekana neza ibintu vyorangurirwa ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika ata kintu na kimwe kihononekariye. Ni muri iyo ntumbero, basanze ko abantu bose bahubatse bidaciye mu mategeko, kandi inzu zabo zikaba ziciweko imisaraba itukura vyerakana ko bubatse mu kajagari babwirizwa kuvyibomorera bo nyene bakahava kandi ntihagire uwiyumvira no gusubirayo kugira harangurirwe imigambi izoba ari yo ku neza ya bose kandi idahungabanya ibidukikije.

Consolateur Nitunga, buramatari w’intara ya Rumonge we avuga ko mu ntara arongoye imiryango 1200 yataye imihana kubera Tanganyika. Akabona ko abantu bose bubatse kuri Tanganyika bokinjura naho bazoba bahomvye, ariko bakimuka batarinze gupfa kubera batewe n’amazi.

 Ubwo abubaka mu kajagari babigira nkana?

Atanga intererano mu ruganda rwo kurabira hamwe ivyokorwa ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, Umukenguzamateka Victor Girukwishaka avuga ko gusamburira abamaze kuhubaka, atari co kintu cihutirwa, kuko bashobora kuba babigize mu kutamenya. Agira ati: « Ibwirizwa ry’amazi ryashizweho ku wa 26 Ntwarante 2012 rishinga igitabu c’amategeko agenga amazi mu Burundi. Ico gitabu kirerekana ko amatongo ya Reta agizwe n’amazi akoreshwa ku neza y’abantu. Kikerekana imetero uwufise itongo rishokera ku mazi yaba ay’ibiyaga, inzuzi, ibitanga n’ibidengeri abwirizwa gusiga. Rero nk’abubatse iryo tegeko ritarabaho, biragoye kubabwira ngo basambure kandi ataryo bari bazi. »

Uyo mukenguzamateka avuga kandi ko n’abubatse inyuma y’iryo tegeko bashobora kuba batarisiguriwe bikwiye, mbere bigatuma n’abubaka bubaka ukwo bibajemwo, kuko bataba bazi igikwiye kwubakwa ku nkengera n’ingene bo hubaka.

Ariko kandi Girukwishaka avuga ahubwo ko ubushikiranganji buraba ibijanye n’ibidukikije bwokorana n’ikigo gihuza ibihugu bine ari vyo Uburundi, Tanzaniya, Zambiya na RDC (Autorité du Lac Tanganyika) bakarabira hamwe intandaro y’iyo myuzurira, bakiga ivyokorwa kugira bayigwanye kandi bakerekana n’imigambi ikwiye gukorerwa ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika. Ikiyaga kigatunganywa gushasha gutyo kikareka kuba ingorane ahubwo kikaba inyishu y’iterambere ry’igihugu n’abanyagihugu.

 Déo Guide Rurema amenyesha ko ubushiranganji arongoye butokwemera ko ibintu vy’uko inkengera z’ikiyaga Tanganyika ziguma zivogerwa kubera inyungu z’umuntu umwe, ahubwo nyabuna ko ba musitanteri na baburamatari bocunga kugira ahatarononekara hacungerwe neza. Na yo abafise inzu n’ibihome vyamaze gucibwako imisaraba itukura yerekana ko bubatse ahatariho, ko bovyikurira kugira harangurirwe imigambi mininiminini ihabereye abahinga bariko bariga. Anahamagarira abagwizatunga canecane ab’abarundi bazobona boshobora kuharangurira imigambi ihuye n’iyizoba yagiye iratangwa ko boba baritegura kuyihakorera ariko bakurikije igicapo ngenderwako bazoba bahawe n’abahinga bayiteguye.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top